Vous êtes ici : AccueilDiocèsesBubanzaNouvelles BubanzaMUSENYERI GEORGES BIZIMANA YARAYE AHIMBAJE YUBILE Y’IMYAKA 25 Y’UBUSASERDOTI

Nouvelles Bubanza

MUSENYERI GEORGES BIZIMANA YARAYE AHIMBAJE YUBILE Y’IMYAKA 25 Y’UBUSASERDOTI

“Agaciro k’ubusaserdoti ntigashingiye ku bukuru, ku butegetsi, ku matungo canke ku bwenge bwa kamere y’ubumuntu… Umusaserdoti ntahabwa ubukuru n’ububasha kugira ngo avyishimire, abikoreshe mu kwironderera inyungu, ahubwo ni ukugira ngo ashishikare igikorwa Yezu yatanguye mu muryango w’abantu”.

                    

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Myandagaro 2019, kari akanyamuneza ntangere kuri Musenyeri Georges Bizimana, Umwungere Samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza, aho yari aramutse ahimbaza Yubile y’imyaka 25 y’ubusaserdoti kumwe na Patiri Désiré Cimpaye, umusaserdoti wo muri iyo Diyoseze nyene batiriwe umwaka umwe. Ako kanyamuneza bakaba bagasangiye n’abakristu bo muri Paruwase ya Bubanza yoyo yari iramutse ihimbaza yubile y’imyaka 50. Ubutumwa bwo kumenyesha amakuru muri Diyoseze ya Bubanza bwashimye kubasabikaniriza ijambo uyo mwungere yashikirije inyuma y’inkuka ya Misa.

Ben’icubahiro Bepiskopi muri aha, Basaserdoti b’Umukama, Bihayimana, Bashingantahe Bapfasoni mwese, Rwaruka muri ngaha, Mwese batumire n’abasangwa umwe wese mw’iteka Imana yamuremanye, nitugire Kristu.

Kuri uyu musi w’uguhimbaza imyaka 25 tumaze mw’ibanga ry’ubusaserdoti, jewe na Patiri Désiré CIMPAYE turi n’iteka ry’ugushikiriza icese ubukengurutsi bwacu. Kukaba nkako, ibanga ry’ubusaserdoti risigura kuba ikiraro hagati y’Imana n’abantu. Umusaserdoti Mukuru ari we Yezu Kristu ni we yidondoye ati: “jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima, ntawushikira Data atanciyeko” (Jn 14, 6). Ni we rero yikwije ubusaserdoti bwuzuye, kandi ni we shingiro ry’ubusaserdoti bwose bwo bw’isezerano nshasha. Ni we yafashe ingingo y’ugusangiza ubusaserdoti bwiwe abasaserdoti batowe mu muryango w’abantu kugira ngo bashishikare igikorwa yatanguye c’uguserukira Imana mu bantu n’ukubashikiriza ivyiza igomba kubarimbanya mu rugendo barimwo. Ibitangaza Imana ikorera mu mitima y’abantu yashimye kubicisha ku baserdoti bari mu bunywanyi bw’umwana wayo Yezu Kristu. Ni co gituma mu gihe c’ukwatira umusaserdoti umwepiskopi amusiga amavuta ya Krisma gutyo ububasha bwa Mutima bukamushwara, ari naho Umweranda Fransiko w’i Assise yavyemanze ati: “hamwe nohura n’umusaserdoti ari kumwe n’umumarayika, nobanza kuramutsa umusaserdoti”. Umweranda Yohani Krizostome na we ati: “uwuhaye icubahiro umusaserdoti, aba yubashe Yezu Kristu; uwufashe nabi umusaserdoti na we, aba atutse Yezu Kristu”. Umweranda Yohani Mariya Viyane na we ati: “uwogomba gusenyura ubuyobokeramana bw’ukuri ico yoherako ni ugusinzikaza abasaserdoti”.

 

Agaciro k’ubusaserdoti rero ntigashingiye ku bukuru, ku butegetsi, ku matungo canke ku bwenge bwa kamere y’ubumuntu. Umusaserdoti iyo abohoye umucumuzi, Imana ibishirako igikumu. Yikwije ubushobozi Imana yamuhaye. Ni aho Yezu rero avuga ati: “uwubumviye, aba yumviye jewe nyene” (Lc 10, 16). Kw’izina rya Yezu Kristu, umusaserdoti afise ubutumwa bw’ugushikiriza ukuri, bw’ugutagatifuza n’ukuyobora umuryango w’ab’Imana. Umusaserdoti ntahabwa ubukuru n’ububasha kugira ngo avyishimire, abikoreshe mu kwironderera inyungu, ahubwo ni ukugira ngo ashishikare igikorwa Yezu yatanguye mu muryango w’abantu. Uwatiwe mu busaserdoti rero aba arungitswe kugira ngo asukurire abandi, abajane ku Mana.
Ng’iryo iteka n’ibanga twatoranye, ni ryo dukenguruka uyu musi. Ni ibiturengeye na kure, ni iryo teka n’ibanga dutwaye nk’uwutwaye inzahabu mu nzavya z’ibumba. Umuntu azirikanye, akiyumvira uburemere bw’iryo banga, ntakindi agira atari ugusha coba.

Tuboneyeho n’ugukengurukira abo bose bagize ico baterera kugira ngo tureme muri ubwo butumwa, abadufashe neza bakadukingira mu bihe bigoye igihugu caciyemwo, abatwitangiye kugira ngo baturere bongere batwigishe badutegura muri iryo banga, abadukebuye tugomba turwe mu manga, n’abo bose batugiriye umubano mwiza bigatuma turyoherwa n’iryo banga. Turakengurukiye n’abatubaniye nabi kuko na bo nyene barafashije mu kutwereka y’uko tutokwijajara ngo tugendere mu bufyinyi.
Mu gihe c’ukwirimbura rero, iruhande y’ubukengurutsi ntitwogenda tudasavye ikigongwe. Dusavye ikigongwe Imana na mwebwe gihugu cayo kuri aho hose hari ivyo twononye kubera ukwirondera, canke kubera ubusamazi bwatumye tutabanguka nk’uko twategerezwa kugira ngo tubaramire mu vyo twabwirizwa. Turasavye imbabazi n’abo bose twatirimukije kubera inyifato canke imvugo yacu.

Turabaterereje igisabisho kugira ngo ikiringo dutanguye c’ubutama tucifatemwo neza, ntituzohave tubasazira nabi.
Jewe nagomba mbonereho n’akaryo k’ugukengurukira ku buryo bw’umwihariko abo bose bagize ico baterereye haba mu bikorwa canke mu buryo kugira ngo urubanza rutegurwe neza: abagize “comité”, imibano itandukanye y’abakristu b’i Bubanza n’ahandi, abanyamihari n’abari mu migwi itandukanye y’ubutumwa, abasaserdoti n’abihayimana. Turakengurukiye rwose mwebwe mwese mwitavye ubutumire twabashikirije: abavuye muri mu madiyoseze yandi hamwe n’imvukira za Bubanza. Sinoreka guserura ubukengurutsi ku bavukanyi b’abasaserdoti, abihayimana n’abalayike baje bava i Ngozi, hamwe n’abo dusangiye ubutumwa muri Caritas no mu gisata c’inama y’abepiskopi kijejwe ubutungane n’amahoro.

Mu bo dusangiye umwaka wa Yubile: hariho Patiri Désiré Cimpaye wa hano i Bubanza; patiri Thomas Mugirente wo muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura; ba patiri Wakana Jean Bosco, Kabura Gervais, Nduwayezu Amédée, Ntukamazina Dominique bo muri Diyoseze Nkuru ya Gitega; Patiri Vukiro Malachie wo muri Diyoseze ya Ruyigi, ba patiri Mugisha Robert, Yiga Pascal na Zziwa Joseph b’i Muyinga; hamwe rero na Patiri Mugengana Wellars w’i Butare. Ntitwibagiye n’abamaze kurenguka ibukama patiti Joseph NTAWUYANKIRA w’i Gitega na Patiri Polycarpe Kyomukama w’i Muyinga. Turibuka kandi uwo twafatanije urugendo ariko atashishikaye mu busaserdoti: patiri Marc Rukanshobeza yari uw’i Muyinga. Hariho n’abandi twari kumwe mw’iseminari ariko ubu tutazi iyo bageze: Emmanuel Byenaku (umuganda), Kinyongo Maliyatabu Adolphe na Swepwa Tshiambala Donatien (bo muri Congo RDC) na Jean Pierre Musafiri (aba muri Canada).

Turasubiriye kubasanganira mwese, tubakengurukira ko mwaduteye iteka mukaza gusangira natwe akanyamuneza ka Yubile. Nimwisange hano iwacu mu ntara kama y’Imbo, mwiyumve muroranirwe mu mwanya wose tuza kumarana, nitugire Kristu

.

†Georges BIZIMANA

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 37 invités et aucun membre en ligne