Vous êtes ici : HomeDiocèsesBujumburaNouvelles BujumburaNta matati adashobora gutorerwa umuti

Nouvelles Bujumbura

Nta matati adashobora gutorerwa umuti

Ku wa 24 Rusama 2017 uruganda « Ecole de la foi » rwifadikanije na Caritas Burundi rwaratunganije ikiganiro kigira 4 murukurikirane rw’ibiganiro bitsimbataza amahoro. Ico kiganiro cari gishingiye ku vyiyumviro birashe vyo gutorera umuti amatati. Ibiganiro vyashikirijwe na Patiri Désiré NIYIBIZI avuka muri diyoseze Ngozi akarangurira ubutumwa i Bujumbura mu Biro vyo Kumenyesha Inkuru Nziza mu Burundi kumwe na Zénon MANIRAKIZA ari mu rwego rw’abashingantahe mu Burundi.

Iciyumviro c’ishimikiro ca Patiri Désiré NIYIBIZI cari«Gutora ico muhwanirako ariko hatabuze ibibatandukanya n’ingingo z’inama Nkuru ya Mbere i Yeruzalemu».
Patiri Désiré NIYIBIZI ati : « Mu buzima ubwo ari bwo bwose nta vyama vyera de! » Arongera ati : « Kira noneho abakurambere ni bo bivugira ngo: «Ahari abantu hama urunturuntu». Impari canke amatati vyadutse si ivyo kureka gurtyo: ni ivyo gutorera umuti.
Habaye amatati abantu bifata gute ?

Ku bw’uwo musaseredoti, imbere y’amatati usanga abantu batagira inyifato zimwe. Hashobora kuboneka inyifato 4 bivanye n’uko umuntu ameze.
1. Inyifato yo kurindira igihe kiroranye kugira ngo abacanyemwo bazoshobore kugiriranira ikiganiro kibubaka ;
2. Inyifato yo kwirinda amabi ariko uwubonako ariwe yahohotewe bikamubabaza ku buryo bwihishije muri we ;
3. Inyifato yo kwigumya no kubika mu nda gushika umusi bizosambuka bikaja ahabona ;
4. Inyifato yo kwirinda amabi ariko hakugarwa ubucuti bwari hagati yabatase.


Iruhande y’izo nyifato zose iciza si ukurekerana ngo abantu bagume bacanamwo, bigumire mu matati yabo. Ni ukuraba nyabuna ingene bakiranura ayo matati bagatorera umuti icayateye. Patiri Désiré NIYIBIZI ati : « Si vyiza rero ko abantu bahereza mu matati yabo ngo binumire bayabike muri bo. Boba bibagiye wa mwibutsa ngo: «Utara mu nda ugatarura ibiboze». Birabereye ko abatase basubiza hamwe, imigenderanire n’ubucuti bari bafitaniye bikagaruka, bagasubira kwizerana. » Ngo ni na co Ijambo ry’Imana ridusaba aho Yezu yavuga ati : «Niwaza rero guhereza ishikanwa ryawe ku ruhimbi, ariko ukibuka ko mugenzawe agufitiye akajirya, uraca usiga rya shikanwa ryawe ngaho nyene imbere y’uruhimbi, uheze ugende musubize hamwe na mugenzawe, uheze ugaruke guhereza ishikanwa ryawe. Subiza hamwe n’uwo mufitaniye amatati mukiri mu nzira imwe, kugira ngo ntahave agushikana ku mucamanza, ngo na we ahave aguha uwuguta mw’ibohero» (Matayo 5,23-24).

Patiri Désiré NIYIBIZI yabandanije abereka ingene Inama Nkuru ya Mbere i Yeruzalemu yakiranuye amatati yari muri Antiyokiya yerekeye ukugenyerwa maze hagafatwa ingingo yo kubabuza ukwihumanisha ibigirwamana, ubuhumbu, ukurya inyama z’intumvyi n’ubuseri (Ibikorwa vy’Abatumwa 15).

Ikiganiro ca Zénon MANIRAKIZA cari cerekeye « Ukuri kubohora. »

Uwo ni umwe mu nararibonye mu rwego rw’abashingantahe mu Burundi. Avuga ati : « Ukuri kuronderwa mu bashingantahe kuko aribo bakuzi ». Ngo ni bo bakuzi kuko mu ndahiro yabo bashingira ku kuvuga ukuri. Arongera ati : « Umushingantahe atavuga ukuri aba yarataye ibanga, aba akwiye kwaturugwa. »

Ukuri kubohora ni kuvuga ikintu gifasha abandi kwisubirako biciye mu mpanuro canke mu ntahe. Ukuri kubohora gutuma umuntu yemera ico yakoze canke ico ari, agaheraho agahinduka. Kubijanye no kuvugana ukuri n’ukurekuriranira, Zénon MANIRAKIZA avugako naho abashingantahe ari bake mu Burundi bategerezwa kugira uruhara mu gikorwa co kuvugana ukuri n’ukurekuriranira kw’Abarundi.

 

Ibiganiro vyasozerewe n’ibibazo bitandukanye ku bariko barabikwirikirana. Nyakubahwa Aloys MISAGO ari mubategura ivyo biganiro avuga ko ari ngombwa ngo abantu bose baterere umuganda mu gikorwa c’uguharanira amahoro. Ari naco gituma ahamagarira abantu kwitabira ku bwinshi mwen’ivyo biganiro biba rimwe mu kwezi.

Mélence Ndayikeze

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 87 invités et aucun membre en ligne