Vous êtes ici : HomeDiocèsesBujumburaNouvelles BujumburaKW’ISABUKURU Y’UKWIBUKA URUPFU RW’UMUGANWA LUDOVIKO RWAGASORE :13/10/ 2018

Nouvelles Bujumbura

KW’ISABUKURU Y’UKWIBUKA URUPFU RW’UMUGANWA LUDOVIKO RWAGASORE :13/10/ 2018

homebuja

Ibisomwa vyeranda : Sag 4, 7-15; Mc 9, 33-37
 “Intungane n’aho yopfa itaragera, izokwibera mu mahoro” (Ubwitonzi 4,7)

Banyenicubahiro mwese, bakristu namwe bene-Data mwitavye uru rubanza ruhambaye rw’igihugu,

1. Icadukoranije uyu munsi, ni icama kidukoranya ku munsi nk’uyu. Twibuka aho umuganwa Ludoviko Rwagasore yagandagurwa, hari mu 1961. Tumwibuka kuko yabaye incungu y’Uburundi mu kwikukira kw’igihugu. Uyu munsi rero nk’iyindi minsi yose isa n’iyi, ntube umunsi w’akaruhuko gusa, n’ube nyabuna umunsi ugira ico utwigishije haba mu buzima bwacu canke mu buzima bw’igihugu cacu.

2. Ijambo ry’Imana twumvise mu gitabu c’Ubwitonzi (Sag. 4,7-15) ritubwiye riti: umuntu w’intungane n’aho yopfa akiri muto, azokwibera mu mahoro, kuko iteka ry’umuntu ritava ku burambe bwiwe. Uko ni ko ya Mana dusenga kandi tuyoboka itanguye itubwira, kugira ngo natwe tugire ico twibwira n’ico twibwiriza. Mu maso y’Imana, uramba canke utaramba, igikuru ni uko igihe cose Imana iguhaye, wogikoresha ngo urangure umugambi w’Imana kuri wewe, muri ubu buzima bwo ngaha kw’isi. Ni co bivuga uku “kwemera ukabaho nk’uwacakiwe n’Umukama”, “ntukundire ko inabi ikononera umuzirakanyi wawe” canke ngo “ububeshi buzimize umutima wawe” (v.11). Imana igize rero iti: igikuru ni ukubaho uri intungane. Ndabakengurukiye mwese banyenicubahiro, namwe bakristu mwese, mwashimye kuza gutangurira uru rubanza imbere y’Imana, kuko mwemera Imana. Ndazi ko mwese mwazanywe n’ugusubira gukengurukira Imana kuri iyi ngabire y’uyu muganwa yiguze igihugu cacu. Ndazi kandi ko mwese mwipfuza gusabira amahoro iki gihugu cacu c’Uburundi. Ese Imana yotwumvira, tugataha tugize ico tugabanye.

 

3. Ariko, bakunzi dusangiye gusenga, twame twibuka ko abakurambere bacu bayamaze, bati: “Imana irafashwa”, kandi ngo “ifasha uwifashije”! Ko tugomba rero ko Imana ibandanya itugabira amahoro arama kandi aduhumuriza twese, ni twemere dufate iyi nzira twumvise Imana itwibukije, inzira y’ukuba “intungane”, kuko ni yo nzira n’iyi ncungu twibuka uyu munsi yafashe, mu kugerageza kurangura umugambi Imana yari imufiseko, mu kanya Imana yamuhaye ko kubaho. Kandi nkuko mubizi, ntivyari vyoroshe. Hari abakunze kwama bariko baravuga ngo ubu biragoye! Nimumenye ko ibihe vyose vyama bigoye. Icodutera ubwoba gusa, kwoba ukubura abagabo, ba bandi nyene baseruka iyo rukamvye, bagakura igihugu ahagoye, nk’uku kw’umuganwa Rwagasore yahaserutse hagoye.

4. Ego nyene. Uyu Rwagasore twibuka uyu munsi, umwana w’Umwami, umuganwa w’ico gihe, yarahabereye umugabo, maze ashize hamwe n’abandi Barundi, arihanga n’abanyamahanga, ngo ahabuze intahe n’iteka Uburundi bwari bwanyazwe. Mu gihe ciwe, yari azi ko inzira nk’iyo, y’ugusubiza igihugu intahe n’iteka, itazomworohera, kuko hari abo yakura amata mu kanwa. Ariko kubera yari afise umutima w’intungane, warazwa ishinga n’uko igihugu cosubizwa intahe n’iteka, yarashize ubwoba, ati: “hakuramba worangwa”, aba gurtyo umuntu w’iteka. Ntiyabigize ku gatima k’amacandya, kuko n’aho atari Samuragwangoma, ntiyari kubura ico arya ari umwana w’Umwami. Yabigize ku bw’ishaka ry’uko bitabereye ko hagira umuntu canke igihugu kibaho kibujijwe iteka duhabwa n’Imana twese. Yishimikije iyo Mana nyene yari yashize imbere mw’ihangiro ry’umugambwe wiwe ati: “Imana, Umwami, Uburundi”, yarihanze abanyamahanga, yemera kubicisha mu gukora politike y’uguhiganwa mu matora, gushika atsinde bidaciye mu ngimba, n’aho vyaciye kure. Ego nyene, umuntu w’intungane abwirijwe kuba intungane no mu vya politike nyene. Bakunzi b’Imana, abantu b’intungane kandi b’urukundo, nk’uku kwa Rwagasore, bagendera ubugabo bakiyumvamwo iteka, turacabakeneye cane. Ku munsi nk’uyu, aho twibuka intwari Imana yari yaturonkeje, dusabe ngo Imana itugwirize abantu b’intwari n’iteka, kugira ngo igihugu cacu kibandanye kigira iteka n’itekane, hano iwacu, mu karere turimwo no mu makungu ya kure.

5. Inkuru nziza y’uyu munsi nayo nyene (Mc 9, 33-37), iratubwiye akandi karanga k’umuntu agomba kuba intungane, umuntu w’iteka, wa wundi Imana ishobora kwubakirako amahoro arama. Ibitwigishije ibihereye kuri aba batumwa ba Yezu, bariko baraharira, bapfa uwuzoba umushikirangoma wa mbere, ku ngoma bari biteze kuri Yezu! Yezu ati: uwugomba kuba umukuru w’abandi niyifate ruto abe nk’umusuku w’abandi (v.35). Iryo jambo, twese duca turitahura. Ntawushobora kubera abandi umurongozi nyawe, ngo abatware neza, atemeye kubakorera, kubasukurira, mbere n’ukubaruhira akabaruhira. No mu rugo ni ko bimeze: ubukuru bw’abavyeyi ni ugusukurira abana! Mu maso ya Yezu rero, umuganwa mwiza, ni uwemera “akaba umusuku w’abandi”. Iyo ni yo nyigisho Yezu ahereyeko.

6. Ariko, Yezu ntiyagejeje aho mu kubigisha ingene boba abakuru nyabo. Ngo yaciye azana akana, agashira imbere yabo, arakabumbatira, ati: uwushaka kuba mukuru n’amenye kwakira utwana dusa n’utu mubona, yitwararike utu turemwa tutaragira ico twimarira, gurtyo azoba yerekanye ko yubaha kandi akunda uwaturemye. Bakunzi b’Imana, nidutegere neza ico Yezu yagomvye kutwigisha muri ico kimenyetso c’akana. Aka kana Yezu yashize imbere y’abakuze, yagashizeho mu gihe mu mico y’Abayuda ata mwana nk’uyo yaba ararekurirwa kuja aho abantu bakuze bakoraniye, kuko ata muntu yari bwabemwo. Yaba akibonwa nk’ikiremwa kitagira iteka. Vyongeye aka kana Yezu yazanye, ni ikimenyetso c’akaremwa kaba kakizeye vyose ku bandi, ataco karimarira kandi ataho kokwishikana katahatowe n’abandi.

7. Inyigisho ya mbere rero ngaha, ni uko Yezu atwigishije ko umukuru nyawe, ari uwo yama yitwararitse bose, ahereye ku batagira iteka, ku bo abantu bakunze gukumira, eka no ku bataragira aho bokwishikana bataronse uwubagwanako. Kwitwararika bose, n’abatiyumvirwa, abatagira ikibanza iyo abandi bakoraniye hamwe, ng’iyo inyigisho ya mbere y’ubukuru nyabwo mu maso y’Imana. Inyigisho ya kabiri ikomeye duhabwa na Yezu muri iki kimenyetso c’akana Yezu yashize imbere y’abarondera gutwara, ni uko akana ari ikimenyetso c’umwizero, na kazoza k’umuryango, n’ak’igihugu. Yezu agize rero ati: uwugomba kuba umukuru, namenye kuraba imbere, kure, muri kazoza. Amenye gutunganya kazoza, nk’umuvyeyi mwiza akira kubona aribarutse, agaca atangura kwiyumvira ingene yotunganiriza ikibondo ciwe, gushika agishikane mu bigero. Ni nk’uko Yezu yogize ati: ni wagoba kuba umukuru w’abandi, ca ubona bose nk’abana bawe ushinzwe gutunganiriza kazoza. Ni co gituma umurongozi mwiza, abwirijwe kumenya kuza araraba imbere kure, araba kazoza k’abo bose ashinzwe, ahereye no kubashobora kwibagirwa, kuko bataramenya kwivugira n’ukwirwanira. Umurongozi mwiza atunganya ivyo agezemwo, yitwararitse kuraba imbere, kure, muri kazoza, arabira n’abatarashobora kumenya kwitunganiriza kazoza kabo, kuko bakizeye vyose ku bandi. Muri ico kimenyetso c’akana gato, batwigishije ko ugutwara, ari ukumenya kuraba imbere, muri kazoza, kandi kure. Abashoferi barabizi. Imodoka yose yamana “rétroviseur”. Ariko umushoferi yogomba gutwara umuduga aguma yiraba muri “rétroviseur” canke aguma araba inyuma gusa, nta gisivya aturiye umusozi agonga abantu, kuko ahava agahusha inzira! Mbega iyo Rwagasore aguma araba inyuma gusa, ko yari umwana w’umwami, ntiyari kubandanya arya hamwe n’abandi, akarekera igihugu mu buja?

8. Uyu Rwagasore tumushimagiza uyu munsi, kuko yari azi kuraba imbere, n’ukubona kure. Yari azi kwiyumvirira igihugu ciwe kazoza k’iteka. Ni co gituma yashikanye igihugu cacu ku ntsinzi tubandanya twinovora n’uyu munsi, kuko yamenye gukorera kazoza kacu. Benimana mufise umuhamagaro wa politike mukagomba gutwara, menye kuza muraraba imbere kandi kure. N’iyo mwibutse kahise kuko na none kataheze, ntimugumizeyo amaso yanyu, kuko mwohava musanga mwahushije inzira nyayo, y’ugutunganiriza abo mushinzwe bose nk’abana Imana yabaragije. Ni muze muracira umugani abatawuzi kuri kahise kacu, kugira ngo abana bacu bamenye iyo twaciye n’aho tugeze. Mugabo ntimubazirikire muri kahise ataco kari bubamarire. Kahise nikabe akadufasha kubona akubu, kugira ngo dushobore kukarengana mu gutegura kazoza keza.

9. Ko turiko turahimbaza iyi sabukuru mu gihe bagize iminsi bavuga ko buca kabiri hagira Abarundi baja gusubira kwicara hamwe ngo baganire iryotwubakira igihugu ngo kirushirizeho kuba igihugu c’iteka n’itekane, gishobore gutera imbere kuruta, ntaworeka kubishima. Birahimbaye, kuko abaganiriye bagomba kwubaka, ntihabura ico bungurana. Ese abiyumva ko ari abaganwa b’iki gihe n’abashaka kuba abaganwa b’ejo bokwirinda kuguma baraba inyuma gusa, bakaraba nyabuna imbere, nk’uko umuganwa Rwagasore yabiduhayeko akarorero, kugira ngo gurtyo bategurire kazoza keza iki gihugu cacu. Bazoba bateye iteka iyi ncungu y’Uburundi yapfuye irondera ko Uburundi bwoba Uburundi bw’iteka n’iterambere kuri benebwo no mu makungu.

10. Kuri uyu munsi twaramutse twibuka incungu yabona kure ikemera kwigura igihugu cacu ngo gisubizwe intahe n’iteka, dukengurukire Imana kuri uyo mushingantahe Imana yaduhaye. Tuyikengurukire ku bo bakoranye bose, kuko n’aho havugwa umwe, ntawifasha urugamba, yabishoboye kuko yari ashize hamwe n’abandi; natwe mbere tumenye kuza turashira hamwe, kuko abashize hamwe ni bo bagira ico bashitseko. Dukengurukire Imana no kuri abo bose Imana yagiye iraturungikira gushika n’uyu munsi, kugira iteka ry’igihugu ntirizimangane. Mu gusabira igihugu cacu amahoro arama, dusabe ngo Imana ituronse izindi ntungane nyinshi zikorera igihugu, zizi kuraba imbere, kure, ngo zirengane kahise kabi kaguma kazirikiye igihugu cacu mu ndyane z’ugukumirana, bihava bikavyara imidurumbanyo n’ingwano. Twisabire twebwe twese twashimye gutangura uru rubanza dusenga, kugira ngo Imana itugire indemeshamahoro, inkingi z’amahoro. Amen.


                                     Cathédrale Regina Mundi, 13/10/2018
                                    + Gerevazi Banshimiyubusa
                                     Umwepiskopi mukuru wa
                                     Diyoseze nkuru ya Bujumbura

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 17 invités et aucun membre en ligne