Vous êtes ici : AccueilDiocèsesBujumburaNouvelles BujumburaABASIRIKARE N'ABAPOLISI HAMWE N'IMIRYANGO YABO BISHIKANYE KURI BIKIRA MARIYA KU GASENGERO K'UWO MUVYEYI KU MUSOZI SIYONI MU GIKUNGU

Nouvelles Bujumbura

ABASIRIKARE N'ABAPOLISI HAMWE N'IMIRYANGO YABO BISHIKANYE KURI BIKIRA MARIYA KU GASENGERO K'UWO MUVYEYI KU MUSOZI SIYONI MU GIKUNGU

Musenyeri Evariste yakeje abasirikare n'abapolisi ko bishikanye ku Muvyeyi Bikira Mariya, kuko ngo uwumwambaza nk'Umuvyeyi wiwe aheza akababera mu ngoro.



Turi ku munsi w'Imana igenekerezo rya 12 Rusama, turi ku musozi wa Siyoni Gikungu ahakoraniye Abasirikare n'Abapolisi hamwe n'imiryango yabo. Baje kwishikana kuri Bikira Mariya.



Uko ibirori vyakurikiranye, hatanguye urugendo rwahereye ku bitaro vy'Abasirikare vyo mu Kamenge, bakaba barugize bareruye ishusho ya Bikira Mariya. Inyuma y'urwo rugendo habaye inkuka ya misa yaherejwe n'Umwepiskopi w'Inararibonye, Musenyeri Evariste NGOYAGOYE.

 



Iyo Nkuka ya Misa iherejwe mu gihe Ekleziya iri mu kwezi kwa Bikira Mariya, aho abakristu bibuka igihe Bikira Mariya yabonekera abana b'i Fatima, hari kw'igenekerezo rya 13 Rusama 1917. Musenyeri Evariste NGOYAGOYE yibukije abasirikare n'abapolisi ko buri mwaka, mu kwezi kwa 5 nk'uku, i Fatima hama hakoranira abasirikare n'abapolisi bavuye mu bihugu bitandukanye ngo bishikane kuri Bikira Mariya.



Muri iyo Nkuka ya Misa rero, uyo mwepiskopi w'inararibonye yanakengurutse ko mu gisoda no mu gipolisi hari abasenga, kandi bakunda n'Umuvyeyi Bikira Mariya. Yaboneyeho kwibutsa ko uwo muvyeyi ari we aheza akaza arabasabira. Abamwambaza nk'Umuvyeyi wabo, ngo na we araheza akababera mu ngoro.

Inyuma y'iyo nkuka ya Misa hakurikiye kuja gusangirira hamwe amasaka, bongera bigina ivyiza vyose abasirikare n'abapolisi bakesha Umuvyeyi Bikira Mariya.

 

BPP1 NDAYIKENGURUKIYE Syldie, Umwibutsamana mu Gipolisi

 

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 14 invités et aucun membre en ligne