Vous êtes ici : AccueilDiocèsesBururiNouvelles BururiPARUWASE KIGWENA YUBILE Y’IMYAKA 50

Nouvelles Bururi

PARUWASE KIGWENA YUBILE Y’IMYAKA 50

“Ni mwebwe munyu w’si! Ni mwebwe muco w’isi! Ni mwisuzume murabe ko mukomeye mu kwemera” (Mat.5,13 ; 2Co 13,5a)"

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Mukakaro mur’uyu mwaka w’2019, umuryango w’abakristu ba paruwasi ya Kigwena, Diyoseze ya Bururi, warasozereye umwaka wo guhimbaza Yubile y’imyaka 50 imaze ishinzwe. Kuri uwo musi nyene harabaye ibirori vy’ukwatira abasore 10 mw’ibanga ry’ubusaserdoti n’abandi 20 mw’ibanga ry’ubudiyakoni. Ibirori vyari birongowe na nyenicubahiro musenyeri Venansi Bacinoni, umwepiskopi wa diyoseze ya Bururi, akikijwe n’abasaserdoti-bafasha biwe.

Akanyamuneza kari kose ku banyamuryango ba Kigwena. Bari bashigukanye n’iyonka, bashajije, baberewe, kandi batekanye. Vyaraboneka ko bahimbawe n’ukwigina ivyiza bamaze imyaka 50 baronse kuva Imana ije kugerera ku mutumba wa Kigwena. Muri bo hakaba harimwo n’abari baje baturuka mu ma paruwasi bahana imbibe n’ayavukamwo abasaserdoti n’abadiyakoni bashasha. Isengero, inyubakwa z’abasaserdoti n’ amabarabara bikaba vyari vyarasanuwe kandi bisharijwe.

Abari baramutse batirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti bari icumi. Amazina yabo ni Alfredi Havyarimana avuka mu Mabanda, Atanazi Niragira na Ernesito Yamuremye bavuka i Martyazo, Libori Cishahayo wo ku Murago, Liyoneri Ndayizeye na Melansi Emerimana bo mu Rumonge, Ludoviko Benyamini w’i Makamba, Prosperi Nzisabira w’i Kibago, Yohani Bosiko Ntakirutimana na Visenti Nkurunziza bavuka mu Minago.

 

Kigwena ihereye hehe?

Paruwasi ya Kigwena yubatswe ku gatumba gakirurutse haruguru y’ikiyaya ca Tanganyika kizwi kw’izina rya Gatakwa nko ku birometero 100 uvuye i Bujumbura uja i Nyanzalaki kw’ibarabara bita RN3 hafi y’aho uruzi rwa Nyengwe rwisesera mu kiyaga. Yashinzwe na nyaguhoraho musenyeri Yozefu Martino mu mwaka w’1969. Mu bumanuko ihana urubibe na paruwase ya Nyanzalaki, mu buraruko hari paruwasi za Rumonge na Buruhukiro, mu buseruko ihana urubibe na paruwase za Kaganza na Martyazo, mu burengero bwayo havyagiye ikiyaga ca Tanganyika.

Intumbero ya Yubire

Intumbero abanyakigwena bari barihaye mu gutangura umwaka wa Yubire ngo kwari ugusuzuma aho bagejeje ikivi c’ukwakira ubwami bw’Imana n’ic’iterambere muri bo. Bakaba bari bamaze umwaka bazirikana aho bagejeje kuba umunyu n’umuco w’isi, bongera bisuzuma ko bakomeye mu kwemera (Mat.5, 13; 2Co 13,5a). Kanatsinda ngo kuva imisiyoni ya kigwena igitanguzwa na Musenyeri Yozefu Martino, abamisiyonari b’abasaveriyano bayitanguje ngo ivyo bivi uko ari bibiri bagumye babikukiriza rimwe. Umwe muri bo patiri Bruno akiri mu Burundi yari yaje gufata mu mugongo umuryango w’abakristu bamaranye imyaka myiza aho hambere. Patiri mukuru wa none, patri Vitali Niyokwizigira yaramushingiye intahe; niwe yajijuye abanyakigwena ngo begeranirize imihana yabo mu bigwati, abacira utubarabara tw’imigenderanire, arabegereza amazi meza, yongera yubaka urugomero rutoyi rw’umuyagankuba.

 

Kimwe mu vyatunaniye

Intumbero ya Yubire kandi ngo yari iyo kwibaza aho ukwemera kwabo guteye. “Ni mwebwe munyu w’isi; ni mwebwe muco w’isi; ni mwisuzume mwebwe nyene, murabe ko mukomeye mu kwemera” (Mat. 5, 13.14; 2 Co 13,5a). Kubwa Musenyeri Venansi Bacinoni, intumbero y’uguhimbaza Yubire, ngo ni “ukuraba iyo tuvuye, ivyo twaranguye, ivyatunaniye, ivyaduciriyemwo n’ivyaduteranije, ivyiza twashoboye tukabikenguruka twigira inama yo kubikomeza n’ukubishishikara, ivyo twagize nabi n’ivyo twononye be n’aho twacanyemwo navyo tukabibogora”. Kubwiwe “kimwe mu vyatunaniye ngo ni ugusubiza hamwe. Imana yarategetse igihugu cayo ko mu guhimbaza Yubire abantu bosubiza hamwe, bakirinda kurenganya n’ukuzimba. Hariho ivyiza bimwe bimwe tubona twakoze: umuntu agiye ahantu arahashika, ariko turavye mu mitima ya bamwe bamwe, ubwo twovuga ko Abarundi tumaze gusubiza hamwe”?

Urunani rwo kunagura ukwemera n’iterambere

Mu guhimbaza yubire yabo kandi, Patiri mukuru yaribukije abanyakigwena ko mu vyabakozeko harimwo intambara zagiye zirahekura Uburundi cane cane mu 1972 no mu 1993. Kubwiwe, izo ntambara ngo zaratumye abanyakigwena babura uburagamo, abo zitahitanye zarabangaje barasanzara, abandi baracika inkokora, baradebukirwa mu bikorwa vy’iterambere, ukwizigirana kuratosekara. Izo ndyane zabaye mu gihugu kandi, kubwiwe ngo zarabereye abanyakigwena ibitsitaza ku mico y’urukundo n’ukurekuriranira ikomoka ku Nkuru Nziza ya Yezu Kristu bari barigishijwe. Patiri Vitali agahamagarira abanyakigwena n’abagenzi babo hamwe n’inzego za diyoseze n’iz’igihugu kugira urunani rwo kunagura ukwemera n’ugufasha abantu kugira umwete wo kurondera iterambere mu Kigwena mu kugwiza abigisha mu mashure, kwubaka ivuriro ryagutse, mu guca amabarabara ameze neza n’ibindi.

Abitanze kurusha abandi

Mu bagize uruhara ruboneka mu bikorwa vy’ubutumwa bwa paruwasi ya Kigwena, hariho bamwe bashimiwe icese: patiri Bruno Guiotto, patiri Serejiyo Kagajo, Patiri Yohani Krizostome Niyongoma, Furera Siriyako Hakizimana, Umuryango w’ababikira Bene-Tereziya, abamenyeshamana Piyo Baradumbwa, Matiyasi Sindambiwe na Evaristo Barikumaguru, umurwi w’abaririmvyi wa Sesiliya mweranda n’umupfasoni Beyatirisi Cubwa.
Mu bitanze kurusha abandi kandi, umuryango w’abakristu warashimiye indongozi zawo zo kw’isonga: Musenyeri Venansi Bacinoni umwepiskopi na patiri Vitali Niyukwizighira, patri mukuru wa paruwasi ku ruhara ruboneka bagize mu kubafasha kwitegurira Yubire kuva igitangura gushika umusi wo kuyisozera mu kubagabira umwe umwe inyana y’ishashi iteye igomwe. Ikimenyetso nyaco c’ubwungere bw’izo ndongozi.

Mu kurangiza twobamenyesha kandi ko hariho n’abandi basore icenda umwepiskopi yari yaraye ashikirije igice c’ubusomyi n’uwundi umwe yaronse igice c’ubukorezi. Tukabamenyesha kandi ko urwo rubanza rwa Yubire n’iyatirwa ry’abasaserdoti n’abadiyakoni rwari rwatewe iteka n’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka, umushikiranganji w’urwaruka n’ugutumatumanako na Buramatari w’intara ya Rumonge.

 

Zenon Nzeyimana

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 22 invités et aucun membre en ligne