Vous êtes ici : AccueilDiocèsesBururiNouvelles BururiDIYOSEZE BURURI YARAYE YIBARUTSE PARUWASE YITIRIWE PAULO MWERANDA UMUTUMWA YA MUHUZU

Nouvelles Bururi

DIYOSEZE BURURI YARAYE YIBARUTSE PARUWASE YITIRIWE PAULO MWERANDA UMUTUMWA YA MUHUZU

« Paruwase ni iyo guhuza abantu n’Imana iciye ku basaserdoti bafasha abantu kwunga ubumwe ngo babe igihugu c’Imana kubw’ibatisimu, ngo babe ingingo z’Umubiri wa Kristu... »



“Umuco warasiye hano iwacu, urukiza rw’Imana rwashitse. Tambe, tambe turagabanye paruwase » ! Ako ni akavyino abakristu b’i Muhuzu no mu micungararo yaho bakirije abashitsi bari baje kwifatanya nabo mu birori vyo kugabana Paruwase nshasha ya Muhuzu yitiriwe Paulo mweranda umutumwa ikaba yuguruwe icese ku musi w’Imana igenekerezo rya 08 Nyakanga 2019. Ibirori vyo kuyitanguza icese vyari birongowe na Musenyeri Venansi Bacinoni Umwepiskopi wa diyoseze ya Bururi, akikijwe n’abasaserdoti batari bake basanzwe barangurira ubutumbwa mu ntara y’ubutumwa ya Rumonge n’abandi.

Akanyamuneza kenshi

Akanyamuneza kari kose ku muryango w’abakristu ba paruwase ya Muhuzu, bari baje kwihanagura icuya c’ibikorwa bari bamaze imyaka itatu bakoran’ubwira bwinshi kugira ngo bubakire rimwe uburaro bw’abasaserdoti, ingoro y’Imana ibereye n’izindi nteguro zitari zike zijanye n’urwo rubanza. Ako kanyamuneza kari kenshi kandi no kuri patiri Eugene Nimenya arongoye paruwase ya Minago, we kuva ashinzwe iyo paruwase atako atagize kugira ngo abakristu bo mu micungararo ya Muhuzu baruhuke imidugo, izuba, imvura n’ubunyerere vya misi yose bagenda bagaruka baja kurondera amajambo n’amasakramentu mu Minago no ku Murago. Akanyamuneza kari kenshi kandi no ku mvukira no ku bakunzi b’umuryango w’abakristu ba Muhuzu, uwo musi bari bahanye isango n’abasangwa ku murambi wa Muhuzu, kugirango biyage umugani bihanagure akuya k’urwubako bari bamazemwo imisi itari mike.

Kuri uwo musi kandi, Umwepiskopi yarahezagiye ingoro y’Imana, iyo nyubakwa ikaba iteye igomwe naho ibikorwa vyo kuyiheraheza bikiriko birabandanya. Nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’inama nshingwamuryango, ibikorwa aho bigeze ubu bikaba bimaze gutwara amafranga y’amarundi ashika ku miliyoni ijana na mirongo itandatu na zibiri, ibikorwa vy’amaboko bitarimwo.



Uburaro bw’abasaserdoti nabwo bukaba bumaze gutwara imiliyoni zababa amajana abiri. Umukuru w’inama nshingwamuryango kandi yaribukije abakristu n’abakunzi ba paruwase Muhuzu ko hakiriho ibindi bikorwa bisigaye, kubwiwe ivyihutirwa bikaba cane cane ari uguheraheza urwubako rw’isengero, ukwubaka ibiro abasaserdoti bazohora bakiriramwo abakristu, n’uruzitiro rw’inyubakwa babamwo, ukuronsa paruwase ibikoresho vyo mu bihe vy’amasabamana, uburyo bwo kwiyunguruza kw’abasaserdoti ngo n’ibindi.

Akamaro ko kwegereza paruwase abakristu

Musenyeri Venansi Bacinoni yaribukije abakristu akamaro ko kwegereza amaparuwase abakristu : « Paruwase ni iyo guhuza abantu n’Imana iciye ku basaserdoti bafasha abantu kwunga ubumwe ngo babe igihugu c’Imana kubw’ibatisimu, ngo babe ingingo z’Umubiri wa Kristu. Igihe babashikiriza Ijambo ry’Imana n’amasakramentu, igihe basenga bisanzwe n’igihe bahereza inkuka ya misa, aho hose Kristu aba ariko arabungira ubumwe kugira ngo mubashe kugendera rya bwirizwa rikuru ryiwe ngo : ico ndabategetse ni uko mwokundana ».

Ingabire y’abasaserdoti

Umwungere wa diyoseze yarahejeje arashikiriza abanyamuhuzu abasaserdoti babiri bagiye kubarongora : Patiri Ejide Tuyisenge indongozi ya paruwase n’umwunganizi wiwe patiri Joweri Terambere. Patiri Ejide amaze gushikirizwa icese n’umwepiskopi ibimenyetso biranga ubutumwa bwiwe bwo kurongora umuryango w’abakristu yaremereye icese umwepiskopi ko azomuyobokera ati : « Ndi kumwe na patiri mugenzanje, ngiye inama n’umuryango w’abakristu, ndakwemereye icese ko ico wangeneye nzokirangurana urweze n’ubugamburutsi ata nyungu yanje n’imwe ndondera ».

Umwepiskopi yarakengurukiye cane abakristu ba paruwase ya Muhuzu ku kwitanga n’ukubanguka kudasanzwe kwinshi bagaragaje mu bikorwa vyinshi vyo gutegura ishingwa rya paruwase ya Muhuzu, cane cane mu bikorwa vyo kwubaka ingoro y’Imana n’inyubakwa y’uburaro bw’abasaserdoti ; izo nyubakwa aho zigeze zikaba ziteye igomwe.

Paruwase ya Muhuzu ihereye hehe ?

Umurwa mukuru wa paruwase ya Muhuzu yitiriwe Paulo mweranda washinzwe ahahoze hari isikirisale ya Muhuzu hagati mu mitumba yo mu ntara kama yo Mumirwa. Ni muri komine ya Rumonge ku nkengera y’uruzi Ruzibazi. Akabarabara kajayo gahanyukira ku gasoko k’ahitwa ku Rutumo, umaze nk’ikilometero kimwe ujabutse urwo ruzi ugenda mu Minago kw’ibarabara riva i Bujumbura rija mu Rumonge. Mu buraruko bwa paruwase ya Muhuzu hari paruwase ya Magara muri diyoseze nkuru ya Bujumbura, mu bumanuko bwayo hari paruwase ya Murago, mu burengero hari paruwase ya Minago, mu buseruko naho hakaba paruwase ya Kibezi izo zitatu zikaba zikukira diyoseze ya Bururi. Ico umuntu yoba aramenya coco ni uko uwuja ku Muhuzu atarambirwa n’ukuduga. Akabarabara kajayo karaduga kadaheza kandi karimwo n’amakorosi menshi. Ushitse aho paruwase yashinzwe ushoka wibonera ko ibikorwa vyo kuhubaka bitoroshe, inyubakwa nkeyi zihari ziteretse ku murongo ku kagembegembe k’umugongo w’umusozi: agasengero ka kera, ishure shingiro ryisumbuye, ingoro y’Imana nshasha n’inyubakwa y’uburaro bw’abasaserdoti iri mu kabande hepfo yazo.

Nkuko musenyeri Venansi Bacinoni yabitangaje mu gihe yariko arasoma itegeko rishinga paruwase ya Muhuzu, iyo paruwase igizwe n’amashure atanu : Muhuzu, Karonke, Kibande, Kabandanyi na Rugobe. Abakristu bayigize bakaba bashika hafi ibihumbi bitandatu, bari mu mibano rukristu mirongo ine n’itatu.

Tubamenyeshe kandi ko paruwase ya Muhuzu ije yiyongera ku zindi 25 diyoseze Bururi yari isanganywe, cumi na zitatu muri zo zikaba zashinzwe na Musenyeri Venansi Bacinoni mu myaka cumi n’ibiri amaze yatiriwe kurongora iyo diyoseze, uwo musi w’igenekerezo rya 08 Nyakanga akaba yariko aribuka yongera ahimbaza umusi yashikirizwa iryo banga.



                                                                                                                                      Zénon Nzeyimana

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 28 invités et aucun membre en ligne