Vous êtes ici : HomeDiocèses GitegaDiocèse de GitegaNouvelles GitegaGitega: Iyatirwa mw’ibanga ry’Ubusaserdoti n’itangwa ry’ibice vyabwo

Gitega

Gitega: Iyatirwa mw’ibanga ry’Ubusaserdoti n’itangwa ry’ibice vyabwo

Kuwa 15 mukakaro 2017, umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA, yarayoboye Inkuka y’Imisa yatiriyemwo abasaserdoti n’abadiyakoni bashasha. Yarashikiriza ubutumwa abasomyi 10 b’Ijambo ry’Imana n’abakorezi 12 bashasha. Inkuka y’imisa yahererejwe kw’iparuwase Gisozi.


Abatewe iteka ry’Ubusaserdoti ni Terence BARAGAFISE avuka muri paruwase Gisozi; Emery IRANKUNDA (Mushasha); Elvis NDIHOKUBWAYO (Gitongo); Ezechiel NIYOMWUNGERE (Nyangwa); Yoseph Désiré NGENDANGANYA (Mutoyi); Désiré NIJIMBERE (Nyabiraba); Denis NKENGURUTSE (Nyarusange); Léopold NKURUNZIZA (Buhoro); Sigesper NKURIKIYE (Buhoro); Sixte NSHIMIRIMANA (Yoba); Evariste SURWIGANO (Mutoyi); abafurera Stefano NZOBAKENGA (Rabiro) na Désiré SINZO (Mugera) bo mu Muryango w’Abatumwa b’Umwungere Mwiza na Mugabekazi w’Isenakulo.

Abatewe iteka ry’Ubudiyakoni ni aba: Alexis BIGIRIMANA avuka muri paruwase Kibumbu; Fabrice HAKIZIMANA (Gisozi); Nestor NDAYIZIGIYE (Mutoyi); Deodatus HABONIMANA (Kibungere); Théophile NDAYISHIMIYE (Muyuga); Gérard NIYONZIMA (Gitongo); Janvier NZOYIHAYA (Gisozi); Aimé Désiré NSABIMANA (Nyangwa); Furera Désiré (Jenda-Bujumbura) wo mu Muryango w’Abatumwa b’Umwungere Mwiza na Mugabekazi w’Isenakulo; furera François NDAYIZEYE (Mpanuka); furera Pacifique NTUKAMAZINA ( Munanira-Bujumbura).

Mu nsiguro yatanze, Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega yahamagariye ishengero ryari aho gutegera ko abasaserdoti ari ingabirano y’agatangaza Imana ihaye igihuhu c’Uburundi n’Ekleziya ngo bazokwemange Kristu, Umukiza w’impuhwe bongere bamubere ishusho ritomoye ritabesha. Nkako, umusaserdoti si uwitwaza guhaya impapuro z'imitsindo : ni nyabuna uwuza yitwa Kristu hagati y’abantu nk’umusuku w’Imana. Arico gituma twobasonera, tukabakunda, tukabaha iteka.

Dismas NTAHOMVUKIYE

Nouvelles : Diocèse Gitega

Yubile y’imyaka 150 ya Musenyeri Gorju n’indagano z’Abene Tereziya (18/8)

18 août 2018
Yubile y’imyaka 150 ya Musenyeri Gorju n’indagano z’Abene Tereziya (18/8)

Ku wa 18 myandagaro, rwari urubanza rudasanzwe kuri Bene Tereziya! Rwari rwatewe iteka n’umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA, ari we yari arongoye inkuka y’Imisa, ari...

Umusi mukuru w’iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya, i Mugera kumwe na Tereziya w’Umwana Yezu

14 août 2018
Umusi mukuru w’iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya, i Mugera kumwe na Tereziya w’Umwana Yezu

Kuwa 14 myandagaro, Tereziya yaraye mu giteramo i Mugera, arara ateramanye n’abakristu isinzi bari basanzwe bigavye ngo barare bateramye nkuko vyama biba mw’ijoro rishira umusi mukuru w’iyurizwa mw’ijuru rya...

Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu no mu Maso Heranda i Gitega

12 août 2018
 Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu no mu Maso Heranda i Gitega

  Ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 12 myandagaro, niho ibisigi vya Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu no mu Maso Heranda vyakirwa icese muri Diyoseze nkuru ya Gitega. Uwo mushitsi w’iteka twakiriye...

Patiri Pius NDUWIMANA yararengutse i Bukama atanumwe yari avyiteze!

9 août 2018
Patiri Pius NDUWIMANA yararengutse i Bukama atanumwe yari avyiteze!

Ku musi wa kane, igenekerezo rya 9 myandagaro 2018, niho hashinguranwa iteka Patiri Pius Nduwimana. Inkuka y’imisa yahererejwe muri Katedrale yo ku mushasha, iherezwa n’umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega...

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 8 invités et aucun membre en ligne