Vous êtes ici : HomeDiocèses GitegaNouvelles Gitega Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu no mu Maso Heranda i Gitega

Nouvelles Gitega

Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu no mu Maso Heranda i Gitega

 

git2Ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 12 myandagaro, niho ibisigi vya Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu no mu Maso Heranda vyakirwa icese muri Diyoseze nkuru ya Gitega. Uwo mushitsi w’iteka twakiriye mu bisigi vyiwe yakiranywe igishika cinshi n’abantu isinzi bari bakinje, hariya mu Rukoki rwa Bukirasazi.
 Akirenguka agana Katedrale nkuru ya Gitega, ijwi ry’inkengeri ryaciye risamirana, maze riza kunywana n’ayandi majwi y’indirimbo n’invyino, eka ijuru n’isi vyari binywanye bunywane. Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega niwe yamuhaye ikaze ngo aze yisange, ashungurure imvura y’amaroza ku Burundi n’abarundi batuye i Gitega, abinjize mw’ishure ryiwe ry’ukwicisha bugufi n’urukundo... Baciye bamwinjiza mu ngoro y’Imana, hakurikira igisabisho kuninahaza Imana, inkuka y’imisa be n’igiteramo c’ijoro ryose.git3

Mu majambo umwungere yashikirije mu kumwakira, hari aho yagize ati : “Tereziya ni  nyina wa Ekleziya y’i burundi, nyina w’abarundi n’abarundikazi. N’umuvunyi w’abarundi bose. Nico gituma abungere banyu bashimye cane ko aza, akaramutsa Uburundi, abakristu bashaka kumubona bakamuteramira bakamuganiriza. Nti muze mutinye kumuganiriza! Nti muze mutinye kumutura Uburundi. Papa Leo wa 13 niwe yatanguye kumushira mu bavunyi b’Ekleziya, cane cane iyiriko iramenyeshwa inkuru nziza vya vuba. Nico gituma rero Ekleziya yacu yavutse muri 1898 bayiragije Umushaha wa Yezu, Bikira Mariya nyina wa Yezu, Yozefu mweranda, Fransisko Gisaveri mweranda, na Tereziya Mweranda w’Umwana Yezu”. Umwungere yaramwakirije kandi akaririmbo bahora bamuririmbira kera bakitabiriza bati : “Tereza we wa muvunyi, tunga abarundi bose, gir’utwize tukwigane dukunde Yezu rwose”.

Nkuko rero indinganizo y’urwo rugendo yabitegekanya, abakristu bararonse akanya ko kuyagisha Tereziya w’Umwana Yezu no kumwereka igishika bari bamufitiye. Mur’urwo rugendo, inyuma yo kwakirwa no guteramirwa ijoro ryose mw’isengero nkuru ya Diyoseze, harabayemwo kandi ibihe bibiri bikomeye Tereziya yabanyemwo n’abakristu mu  buryo bw’inkoramutima.

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 50 invités et aucun membre en ligne