Vous êtes ici : HomeDiocèsesMuyingaNouvelles MuyingaDiyoseze ya Muyinga yavuye hasi mu kugwanya inzara

Nouvelles Muyinga

Diyoseze ya Muyinga yavuye hasi mu kugwanya inzara

Ikigo c’uburimyi n’ubworozi ca Mutwenzi muri Paruwasi Kanyinya intara ya Kirundo, Diyosez Muyinga ni ikigo ca mbere c’akarorero mu guteza imbere ivy’uburimyi n’ubworozi. Kuva kivutse 1995, ico kigo kirakora cane mu gutanga ubumenyi ku barimyi-borozi bo mu karere k’uburaruko hamwe n’ibijanye no guhingura ibirimwa kugira bahangane n’ingorane z’inzara.

 Giherereye ku nkengera z’ikiyaga Rwihinda. Kirafise imirima n’iyororero vya kijambere aho ababa hafi n’abandi bakirisu bo mu micungagaro baza kwigiraho, mu ntumbero yo kwitunganya na bo ubwabo.

Imice ibiri y’ubworozi yaratejwe imbere muri ico kigo co ku Mutwenzi. Ni nk’ubworozi bw’inka butanga umuyagankuba bita biogaz hamwe n’ubundi butanga amata n’umwavu ukenewe ku burimyi bw’ico kigo.


Kubwa Patiri Floribert NIYUNGEKO ajejejwe igisata c’uburimyi c’ico kigo, abanyagihugu bo muri diyosezi ya Muyinga baraza bakamara imisi biga ubuhinga bwokurima kijambere, hanyuma bakaja kuvyigisha abandi muri ako karere. Na bo ubwabo baca bakorera ibindi bigo vyokurima kijambere bisunze ivyo babonye ku kigo co ku Mutwenzi bagaheza bakigisha abandi ndetse mbere bakaba imboneza.


Mu 1995, Musenyeri NTERERE Jean Berchimas yatwara diyoseze ya Muyinga ico gihe, yasanze abanyagihugu bo mu ako karere abarimyi nka bose ariko bakaba mu nzara ya misi yose. Ico kigo caciye gihabwa abafundi b’indimo bafasha mu kwigisha no gukurikirana abanyagihugu. Hambavu y’izo nyigisho bahabwa, ikigo caratanguje imigambi yo guhingura ivyimbugwa bidafungugwa murako karere ariko birimwa muri iyo diyoseze. Nk’akarorero igitegwa citwa igihoke kivamwo amavuta yo kurya ariko kandi ibisigarira vyaco bikavamwo ubwatsi bw’ibitungwa, hama aborozi bahegereye bakaza kubigura nkuko bimenyeshwa na Patiri Gérard Ngendahayo ajejwe igisata c’uguhingura ibirimwa mu kigo co ku Mutwenzi.

Ico kigo kirahingura kandi inanasi zivamwo umuvinyu ukundwa cane bita « vin pétillant » mu gifaransa. Iryo hingugwa ry’uwo muvinyu rero rituma abarimyi baronka isoko y’ico gitegwa c’inanasi gisanzwe kirimwa cane mu ntara ya Muyinga na Kirundo.

 
Ikigo rero co ku Mutwenzi kiraterera cane mu kugwanya inzara, igikorwa abanyagihugu bo mu ntara z’uburaruko bashima cane na rirya ako karere gakarigwa n’inzara.

Ndongozi y’Uburundi

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 44 invités et aucun membre en ligne