Vous êtes ici : AccueilDiocèsesMuyingaNouvelles MuyingaINYIFATO Y’UMUKRISTU MU NTWARO RUSANGI CANE CANE MU BIHE VY’AMATORA

Nouvelles Muyinga

INYIFATO Y’UMUKRISTU MU NTWARO RUSANGI CANE CANE MU BIHE VY’AMATORA

Mu ntwaro zitandukanye, Ekleziya ishira imbere intwaro rusangi kuko irusha izindi ndinganizo kwubahiriza uburenganzira bwo kugira uruhara mu gutora abarongora abandi, bwo kubasubiriza iyo hageze canke iyo babonye ko bibereye.



Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, Umwungere wa Diyoseze Katorika ya Muyinga yarashikirije inyigisho urwaruka rwari mw’ihwaniro ku rwego rwa Diyoseze.Iryo hwaniro ryabereye muri Paruwase yitiriwe Yozefu Mweranda Umukozi kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika 14 Myandagaro 2019. Iyo nyigisho yari ishimikiye « Ku nyifato y’Umukristu mu ntwaro rusangi cane cane mu bihe vy’amatora ». Ni inyigisho yafashije cane urwaruka ari naco gituma, igisata ca SAVACOM, cashimye kubasangiza bimwe bimwe mu vyo Umwungere yayagiye urwaruka twizeye ko bitobura uwo vyunganira mu buzima bwiwe bwa misi yose.

 

Ni mwebwe munyu n’umuco w’isi. Ni mwebwe mukwiye gufasha benewacu ngo bagumane ubutore, ni mwebwe mumurikira benewanyu ngo mubaboneshereze mu nzira boye kuja mu cobo ahubwo bafate inzira ibajana mu bwami budahera.

Igihe c’amatora si urya musi wo kuja mu bwiherero, hamwe mushira ijwi ryanyu ; ni kuva bagitangura gutegura amatora, mu matora n’inyuma yayo gushika inzego nshasha zigiyeho. None mwotegura gute igihe c’amatora ? Ngira rero ndabafashe gutegera :

1. Intwaro rusangi mu muco w’ukwemera kwacu.

Intwaro rusangi irangwa n’iki ? Twebwe abakristu tubwirizwa kubanza ubwa mbere kurondera Ubwami bw’Imana n’ubutungane bwayo (Mt 6, 33). Twarabonye ko ahabuze amahoro ibintu birasanzara tutibagiye ko n’abantu banahasiga ubuzima. Habuze ubutungane n’amahoro, naho tworondera amatungo, vyose birasanzara. Ubwami bw’Imana ntibushingiye ku nyobwa, bushingiye k’ubutungane, amahoro n’agahimbare (Rm 14, 17). Nimurondere rero ubwa mbere Ubwami bw’Imana ibindi izobibagerekerako.

Papa Pawulo wa 6 yadutanguriye iyi Diyoseze, yaratwigishije avuga ati : « Umukristu aho ari hose ategerezwa kwihatira kuremesha amahoro, ubutungane n’umuvukano kugira ngo aho aba ahahindure ishikanwa rishimisha Imana ». Ni ukwama rero twerekeje umutima wacu ku butungane bw’Imana, nico gituma Ekleziya itigera yihambirira ku ndinganizo y’ubutegetsi na bumwe ; ariko irashigikira rwose intwaro rusangi.

Mu ntwaro zitandukanye Ekleziya ishira imbere intwaro rusangi kuko irusha izindi ndinganizo kwubahiriza uburenganzira bwo kugira uruhara rwo gutora abarongora abandi, bwo kubasubiriza iyo hageze canke iyo babonye ko bibereye.

Amatora yonyene siyo agize intwaro rusangi. Abantu barashobora kugenda gutora ariko ntibabeho mu ntwaro rusangi, abo batoye bakabahinduka, gutora ni iciza kimwe gusa kuko hariho n’ibindi dutegerezwa kurabirako ko turiko turabaho mu ntwaro rusangi

Hariho rero ibindi icenda :

- Kwubahiriza agateka ka zina muntu wese (abenegihugu n’abanyamahanga).
- Kwemera ko abenegihugu n’abanyamahanga banganya iteka kama kandi ko bagenewe kubaho no kwubahana mu burenganzira.
- Kwubahiriza ko bose barekuriwe gufata ijambo ku vyerekeye intwaro y’igihugu cabo babicishije kubabaserukira.
- Kwubahiriza umwenegihugu mu vyiyumviro vyiwe, kudakurikiranwa mu vyiyumviro vyiwe no mu gihe vyoba bidashimisha abatwara.
- Gushinga amategeko atomoye kandi ashobora kumenywa na bose.
- Kwubahiriza abenegihugu ngo bikorere utwabo atankomakomyi mu gihe bubahirije amategeko.
- Intwaro rusangi ishingiye kukurondera ineza ya bose. Iyo tuvuze ineza ya bose tuba dushatse kuvuga iki? Abepiskopi mu mwaka wa 2004 barasohoye inyigisho. Ico gihe barerekanye ko kuja mu matora atari ukuja hamwe ngo bashirire aho umwe ashaka, iyo si ineza ya bose ni ineza ya Leta gusa. Ikiyigize ni indinganizo yayo mu ntwaro no mu butunzi bituma abantu koko bashobora kwiteza imbere. Iyo neza ya bose isaba ko abantu baronka ibintu nkenerwa ngo bashikire iterambere. Hari rero abashaka gufata ivyiza rusangi nka rwabo aho vyogiriye akamaro benshi.
- Umwe wese arafise uburenganzira bwo kuja mw’ishirahamwe ashima. Ni ivyo vyose biboneka n’ibitaboneka vyose bifasha umuntu ngo ashikire iteka, igihagararo n’iterambere: ibidukikije, impwemu, amazi, ibinyabuzima n’ibindi vyose bidukikije; amavuriro, amashure ; imico myiza n’indero nziza. Ivyo bibuze, abantu bacika ibihumbu, indero y’akanovera mu mashure ikabura, ugasanga abantu bibwira ngo barize za kaminuza ariko badashoboye n’ukwandika ikete ryo gusaba akazi.

- Intwaro rusangi ibonekera mu kwubaka.

 Niyo yorohereza Mutima Mweranda n’abakristu. Henri niwe yavuze ati ibiranga intwaro rusangi bikomoka ku Nkuru Nziza.
 Ishaka ryo kuremesha intwaro rusangi ryakabuwe n’Inkuru Nziza ya Kristu. Intwaro rusangi yavuye muri Bibliya.
 Nta mukristu akwiye kwirengagiza intwaro rusangi, amatora dutegerezwa kuyitwararika.
 Mu bihugu bimwe bimwe barashizeho amategeko, bafise uburenganzira bwo gutora canke kudatora. Hari n’ahandi bashinze ko umuntu wese akwije imyaka abwirizwa gutora.
 Hari abavuga bati niyo dutoye tubona atagihunduka. Abandi bati ko nabo twatoye umengo bashaka kugira ku mategeko y’abigaruriye isi.

Abakwije imyaka mwese, mutegerezwa gutora. Gutora abadutwara ni uburenganzira n’iteka. Kuri twebwe abakristu, ntiturekuriwe kwirengagiza amatora kuko twunze ubumwe na Kristu, kuko tuzi umwitwarariko wa bose. Natwe twumve ko amatora ari intererano yacu. Si iciza dukesha uburenganzira gusa ahubwo ni itegeko kuko ari uburyo bwo gutanga intererano yacu ngo abantu babe mu ntwaro rusangi.

2. Twokwifata gute none ?

a) Kubaho wunze ubumwe na Yezu. Uwo musi muba mukwiye kubanza kuja mu misa kugira mushore kugirana nawe umwitwarariko w’ineza ya bose mumurikiwe n’ijambo ry’Imana.
b) Kurimbura ingene mubona ineza ya bose yitwararitswe mu gihugu kugira muvuge muti dukeneye abantu nk’aba kugira ineza ya bose yitwararikwe.
c) Kurimbura, kwiyibutsa ko umukristu abwirizwa kwiyumvira ineza isumba izindi. Aba agiye kwubahiriza agashusho k’Imana mu bantu. Uwagize uko, akareka abantu bagacuranguzwa abona ntavuge, yaragize nabi. Niho ashobora gutora umuntu atazokwigira ikimana.
d) Kumenya ko atari wewe ushoboye gutwara gusa, wokwiyakira, ukubahiriza abandi naho boba biyumvira ugutandukanye nawe. Ntihagire uwo utoteza ngo n’uko adashize aho ushaka. Uvuge ukoresheje imvugo idakomeretsa.
e) Gutohoza igihagararo c’abitoza n’agaciro k’imigambi yabo. No mu gihe c’intwaro ya gisikare twaciyemwo twaraja mu matora.
f) Umukristu ntarekuriwe kugura canke ngo aguze ijwi, aricisha imigambi ashikiriza.
g) Ntartyoza abo bahiganwa, abo yaneguriye imigambi canke adatahura ; akoresha imvugo yubaha kandi yubaka. Ntakumira abandi. Umuntu wese yubahirwa ico amariye abandi.

Gutora rero, ni intererano duhereza Yezu we Mwami w’amahoro ngo adushikane kuri ayo mahoro.
Umwungere yasozereye inyigisho yiwe atumirira urwaruka kuba imboneza z’abandi mu kwubaka igihugu no kucitangira.

Twibutse ko iyi nyigisho Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga akaba ari nawe arongoye Inama y’Abepiscopi Gatorika b’i Burundi, yari yanayishikirije urwarika rwari mw’ihwaniro ku rwego rw’igihugu ryari ryabereye i Ngozi kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 9/8/2019. Raba inyigisho yose y’Umwungere.

Patiri Evariste Harerimana 

Umuyobozi wa SAVACOM

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 26 invités et aucun membre en ligne