Vous êtes ici : HomeDiocèsesNgoziNouvelles NgoziPatiri Edouard Nzambimana yararengutse i Bukama

Nouvelles Ngozi

Patiri Edouard Nzambimana yararengutse i Bukama

Kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi 2017, ni ho Patiri Edouard Nzambimana yarenguka i Bukama mu gitondo ca kare mu bitaro vyitiriwe Umwami Khaled (Roi Khaled) i Bujumbura.

 

Ng’ubu ubuzima bwiwe:
Patiri Edouard Nzambimana yavukiye ku mutumba wa Biganda, komine Muruta, paruwasi Mubuga, intara ya Kayanza, diyoseze Ngozi. Se wiwe ni Anselme Ngendera, nyina na we ni Imelda Habogorimana. Amashure mato mato yayize i Campazi kuva 1991-1999. Ku vyerekeye amashure yisumbuye, igice ca mbere cayo yacize i Gatara kuva 1999-2004; igice kigira kabiri yacize mw’Iseminari Ntoyi y’i Mureke mu gisata c’Ubuhinga (Scientifique B). Arangije amashure yisumbuye yiyumvisemwo umuhamagaro wo kwiha Imana, aca asaba kwinjira mw’Iseminari Nkuru. Yatanguriye i mw’Iseminari Nkuru y’i Burasira mu mwaka 2007-2008, aca ashishikarira mw’Iseminari Nkuru y’i Bujumbura ivyigwa vya Filosofiya 2008-2010. Ahejeje Filosofia yaciye aja mw’Iseminari Ntoyi y’i Mureke aho yamaze umwaka w’ukwimenyereza ubutumwa (stage) 2010-2011. Yaciye abandanya mu gukurikirana ivyigwa ndoramana mw’Iseminari Nkuru yitiriwe Umweranda Yohani Pawulo wa II i Gitega kuva 2011-2015.

Yariwe mw’ibanga ry’Ubusaserdoti igenekerezo rya 11 mukakaro 2017 i Kremba. Amaze gushikira ibanga ry’ubusaserdoti, umwungere wa Diyoseze ya Ngozi, Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, yaciye yamurungitse mw’i Paruwasi ya Buraniro ari icegera ca Patiri Mukuru. Ariko ntiyahatevye kuko haheze amezi makeyi, amagara yaciye amukika, asanga afise indwara y’amafyigo kuva mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama 2015. Mu kwezi kwa Nzero 2016 yaciye ajanwa Kwivuza i Bujumbura. Mu kwezi kwa rusama 2016 baciye bamujana mu Buhindi kuko ariho abaganga b’i Bujumbura bari bamurangiye. Abo bavukana babiri baremeye kumuha ifyigo ariko abaganga bo mu Buhindi basanga ntibikunda. Aho mu Buhindi, yari kumwe na Patiri Pasteur Minani amurwaje.

Yagarutse kurwarira mu Burundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo 2016. Yivuza aba i Bujumbura mu mubano w’Abapatiri bera (Pères blancs) baba kuri Paruwasi yitiriwe umweranda Augustino mu Buyenzi. Aho hose yari arwaye, abafaratiri bariko barimenyereza ubutumwa bagiye barakurakuranwa baja kumurwaza.
Yarengutse i Bukama igenekerezo rya 17 Ruheshi 2017 mu gitondo ca kare. Icababaje abatari bake ni uko yapfuye akiri muto. Yashinguranwe iteka igenekerezo rya 20 Ruheshi 2017 mw’itongo ry’abapfuye rya diyoseze Ngozi, inyuma y’Inkuka ya Misa yahererejwe muri Paruwasi Mvyeyi ya Ngozi na Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, Umwungere wa diyoseze Ngozi.

Imana imwakire mu Bwami bwayo yibere mu mahoro y’imyaka itazoshira.

Patiri Désiré NIYIBIZI

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 18 invités et aucun membre en ligne