Vous êtes ici : HomeVie d'EgliseCommuniquésCommuniqué relatif à la clôture de l’Année Sainte Extraordinaire de la Miséricorde

Communiqués

Communiqué relatif à la clôture de l’Année Sainte Extraordinaire de la Miséricorde


Le Secrétariat de l’Episcopat du Burundi a publié en date du 3 novembre 2016, un Communiqué qui annonce aux fidèles la clôture de l’Année Sainte Extraordinaire de la Miséricorde.
Suivant le calendrier de l’Eglise universelle, la clôture de la Porte Sainte dans les diocèses est prévue le 13 novembre 2016  tandis que la conclusion du jubilé de la Miséricorde est prévue le 20 novembre 2016 en la Solennité du Christ Roi de l’Univers.
Selon le rituel de la clôture du Jubilé dans les diocèses, précise le Communiqué, la conclusion du Jubilé de la Miséricorde est essentiellement constituée par la célébration de la messe dominicale où les fidèles auront l’occasion de rendre grâce au Seigneur pour les bienfaits accordés pendant toute l’Année Sainte.
Ce Communiqué précise également que la conclusion du Jubilé au niveau national se fera en communion avec Sa Sainteté le Pape François, en la Solennité du Christ Roi.  A ce jour, tous les Evêques, accompagnés d’une délégation de leurs fidèles  se rencontreront au Sanctuaire Marial de Mont Sion Gikungu comme ils l’avaient fait au Sanctuaire Marial de Mugera le 8 décembre de l’année dernière lors de l’ouverture de cette Année de la Miséricorde. La messe est prévue à 10 heures et ce sera une occasion pour toute l’Eglise du Burundi de rendre grâce au Seigneur pour les fruits récoltés pendant toute cette Année de la Miséricorde

Voici le texte intégral du Communiqué:

 

ITANGAZO RY’IBIRO BIKURU VY’INAMA Y’ABEPISKOPI KATOLIKA B’I BURUNDI RYEREKEYE UGUSOZERA UMWAKA WA YUBILE Y’IKIGONGWE C’IMANA


Ibiro Bikuru vy’Inama y’Abepiskopi katolika b’i Burundi, biri n’akanyamuneza k’ukumenyesha abakristu bose ko Umwaka wa Yubile y’Ikigongwe ugiye gusozerwa.

Ku rwego rw’amadiyoseze, Umwaka wa Yubile y’Ikigongwe uzosozerwa kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo, ku musi w’Imana wa mirongo itatu n’agatatu wo mu mwaka. Umwepiskopi muri Diyoseze yiwe akaba azowusozera mu guhereza Inkuka y’Imisa no mu kwugara urugi  rw’ikigongwe rw’isengero mvyeyi. N’urugi rw’ikigongwe rwuguruwe mu bindi bibanza, ruzugarwa uwo musi nyene, n’intumwa Umwepiskopi azoba yarungitse.

Nk’uko bitegekanijwe n’umugirwa w’ugusozera iyo Yubile, Inkuka ya misa y’ugusozera Yubile mu madiyoseze izoba imwe kandi ibere mw’Isengero Mvyeyi. Mu yandi masengero aho Umwungere wa Diyoseze yuguruye urugi rw’Ikigongwe, Inkuka ya misa y’ugukenguruka izoherezwa n’uwaserukiye Umwungere.

Ku rwego rw’Ekleziya ikwiye kw’isi yose, Umwaka wa Yubile y’Ikigongwe uzosozerwa kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2016, ku Musi Mukuru wa Kristu, Umwami wa bose na vyose. Papa Fransisiko akaba ariwe azowusozera mu kwugara urugi rweranda rw’Isengero nkuru yitiriwe Petero Mweranda.

Ihimbazwa ry’ugusozera Yubile y’ikigongwe c’Imana igizwe ahanini n’Inkuka y’Imisa yo ku musi w’Imana, aho abakristu bazokengurukira Imana ku vyiza bagabanye muri uno Mwaka wose w’Ikigongwe.

Ku rwego rw’Inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi naho, mu gihe Papa azoba ariko arasozera Yubile y’Ikigongwe i Roma, Abepiskopi bacu bose, hamwe n’abandi bakristu, bazoba bakoraniye ku Kirimba c’Umuvyeyi Bikira Mariya ku Musozi wa Siyoni i Gikungu, kugira bifatanye na Papa mu gusozera uwo mwaka wa Yubile nkuko vyagenze mu mwaka uheze i Mugera aho bawugurura.

None rero, ku musi w’Imana wa Kristu Mwami, igenegerezo rya 20 Munyonyo, bitegekanijwe ko Abepiskopi bacu bose, bari kumwe n’abandi bakristu, bazoba bakoraniye ku Kirimba c’Umuvyeyi Bikira Mariya ku Musozi wa Siyoni i Gikungu.  Inkuka y’Imisa ikaba izotangura igihe c’isaha zine zo mu gitondo. Diyoseze yose ikaba izorungika abakristu bayiserukira kugira ngo twese twifatanye na Ekleziya yose mu gukengurukira Imana ku vyiza vyose twagabanye muri uno mwaka.

Tubaye turashimira abo bose bazoshobora kuhashika maze dukengurukire Imana yo Muvyeyi w’Ikigongwe, yama aturaba ryiza, twongere twigine kandi n’Umusi Mukuru wa Kristu Umwami wa bose na vyose.


Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 3 Munyonyo 2016.


Ku bw’Ibiro Bikuru vy’Inama y’Abepiskopi katolika b’i Burundi
Patiri Lambert NICITERETSE
Umunyamabanga Mukuru

Conférence des Evêques Catholiques du Burundi

visite ad limina

cecabmessage

historique

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 12 invités et aucun membre en ligne