Vous êtes ici : HomeVie d'EgliseCommuniquésItangazo ry’Ibiro Bikuru vy’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’I Burundi rimenyesha umusi udasanzwe w’ugusenga n’ukwisonzesha kugira turonke amahoro

Communiqués

Itangazo ry’Ibiro Bikuru vy’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’I Burundi rimenyesha umusi udasanzwe w’ugusenga n’ukwisonzesha kugira turonke amahoro

Ibiro Bikuru vy’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi, vyashikirije itangazo ritumirira abakristu  bose kwitabira akamo  Nyenubweranda Papa Fransisiko yateye ku wa 4 Ruhuhuma 2018, yamenyesha ko ku musi wa gatanu w’indwi ya mbere y’Ikarema, igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018, uzoba ari “Umusi udasanzwe w’ugusenga n’ukwisonzesha kugira turonke amahoro”. Kuri uyo musi Papa yasavye  ko twosabira ibihugu vya Repubulika iharanira Demokrasi ya Kongo na Sudani y’Epfo.
Papa yavuze ati: “Twihweje amabi atagira izina afatiye ku matati ari mu mihingo itandukanye yo kw’isi, ndatumiriye abakristu ku musi udasanzwe w’ugusenga  n’ukwisonzesha kugira turonke amahoro, ku wa gatanu w’indwi ya mbere y’Ikarema, igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018.  Ako kamo agatera n’abandi bavukanyi batari abakatolika kwifatanya natwe muri ako kigoro mu buryo bo nyene babona bubabangukiye, kugira ngo tube hamwe twese. Papa atubwira ati:  “Mana Data  wo mw’ijuru, arumviriza amaborogo y’abana biwe bamuborogera  mu bubabare bafise no mu maganya barimwo, “ Ni we akiza abo umutima wavunitse, agakanda ububabare bwabo” (Izaburi 147,3).
Hambavu y’ugutumirira abantu gusenga n’ukwisonzesha, Umuvyeyi wacu Papa aratumirira umwumwe wese gukora igikorwa kiboneka, maze umwe wese yibaze ati: “ Mbega nokora iki jewe nyene kugira ngo habe amahoro?”. Aheraheza ako kamo avuga ati: “Ego niko turashobora gusenga, ariko ivyo ntibihagije. Umwe wese yoheza mu buryo buboneka akiyamiriza ico cose gihohotera abandi kimuvuyeko.  Kuko inzinzi ibonetse habanje kuba ihohoterwa ry’abandi ni instinzi y’uruhendo,  mu gihe ukurondera amahoro na vyo bigirira ineza bose”.
Kubera ivyo rero, Ibiro Bikuru vy’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi bitumirira abakristu bose bo mumadiyoseze yose, mu maparuwase, mu mibano  y’abihebeyimana, mu mibano mitomito, mu mihari y’ubutumwa, no ku ruhande rw’umwumwe wese,  kwifatanya  na Ekleziya ikwiye kw’isi yose,  kugira ngo  duhereze ibisabisho Imana kuri uyo musi, twongere twisonzeshe  , tugire   n’utwigoro tuboneka kugira ngo  tusabire amahoro  ivyo bihugu vya Repubulika iharanira Demokrasi ya Kongo na Sudani y’Epfo, ariko kandi  dusabira n’igihugu cacu c’Uburundi kugira haboneke amahoro arama.
Iryo tangazo ryashikirijwe kuri Radio Maria Burundi, kuri uno musi igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018. 

Cliquer ici pour retrouver ce communiqué.

Conférence des Evêques Catholiques du Burundi

visite ad limina

cecabmessage

historique

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 20 invités et aucun membre en ligne