Vous êtes ici : HomeVie d'EgliseCommuniquésItangazo ryo gusozera Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi yo muri Nyakanga 2018

Communiqués

Itangazo ryo gusozera Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi yo muri Nyakanga 2018

 

1.    Kuva kw’igenekerezo rya kane gushika kw’igenekerezo ry’indwi Nyakanga 2018, Abepiskopi b’Ekleziya Gatolika y’ i Burundi  barakoraniye hamwe ku Kirimba c’Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga mu nama yabo isanzwe y’uko kwezi.  

2.    Igisabisho hamwe n’ijambo ryo kwugurura inama biheze,  Abepiskopi baciye babanza guhanahana amakuru yerekeye ubuzima n’ubutumwa mu ma Diyoseze bashinzwe.

-    Bose barakengurukiye Imana ku vyiza ntangere ibandanya kurangura muri Ekleziya yo mu Burundi : abasaserdoti n’abadiyakoni bashasha benshi babonetse, abihebeyimana bashasha benshi bo mu miryango itandukanye, urwaruka rwinshi  rwakomejwe muri Mutima Mweranda,  n’amayubile yahimbajwe..

-    Abepiskopi baragaragaje akanyamuneza bagize mu kubona ingene  urwaruka rwinshi rwitabanye igishika n’umutima w’ugusenga  ikoraniro ryarwo ryo ku rwego rw’igihugu,  ryabereye muri paroisse Cibitoke, Diyoseze ya Bubanza. Barahimbawe n’ukwumva ingene muri iryo koraniro, urwo rwaruka rwaragaragaje inyota rufise y’ugukomeza ukwemera kwarwo. Bisubiye, Abepiskopi barahimbawe n’ukwumva ingene  urwaruka rwari rwitavye ari rwinshi cane kandi rwuzuye igishika, amakoraniro yari yitangiye kubera muri Diyoseze imwe imwe, hamwe n’ingene wa musaraba w’urwaruka ubandanya ukaburira abantu umutima wo gukunda Imana aho uciye hose. Igihe c’ikoraniro ryo mu Cibitoke, uwo musaraba wari muri Diyoseze ya Bubanza, mu nyuma na ho waciye ushikirizwa Diyoseze ya Ngozi, aho ugiye kuzomara umwaka wose.

-    Abepiskopi baranezerejwe kandi n’ukwumva ingene abakristu bo mu madiyoseze yose yo mu Burundi bakiranye igishika n’umutima w’ugusenga ibisigarira vy’Umweranda Tereziya w’Umwana Yezu no mu Maso Heranda.

-    Muri iryo hanahanamakuru ryabo nyene, Abepiskopi ntibahishije ko bahagaritswe umutima n’ubukene bubandanya bwugariza abanyagihugu kandi bukunyurwa n’ukuguma bakwa intererano nyinshi zitandukanye. Baratewe agahinda kandi n’ubusuma bumva ahatari hake. Vyongeye, baravuganye n’ukuntu batewe amakenga n’iduzwa ry’amafaranga y’ishure riherutse gushingwa  mw’itegeko bwirizwa ry’Umushikiranganji w’Indero n’Inyigisho z’imyuga, be n’uw’Amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA.

3.    Bahejeje guhanahana ayo makuru, Abepiskopi baciye basubira kwihweza Integuro y’indinganizo n’amategeko ngenderwako bigenga ingo n’imiryango mu ma diyoseze gatolika yo mu Burundi, bongera baraheraheza kwongeramwo impinyanyuro zari zasabwe n’igisata ca Papa kibijejwe.

4.    Barongeye baraheraheza kwihweza  Integuro y’indinganizo y’indero n’ivyigwa vyo mu maseminari mu gushimikira ku biraba urutonde rw’ivyigwa bitegekanirijwe intabwe imwe imwe mu zigize imyaka y’indero yo mw’Iseminari Nkuru.

5.    Baranahanahanye ivyiyumviro ku vyerekeye ugukoresha neza bimwe bimwe mu vyo Inama Nkuru y’Abepiskopi itunze kugira ngo birushirizeho kuyigirira akamaro.

6.    Ikindi Abepiskopi bihweje ni icerekeye indero mu mashure. Barababazwa n’ukwumva ahatari hake mu mashure havugwa ubusuma bweruye bw’amanota, ukurya ibiturire, ugushaka kugira amashure urubuga rwa politike. Barafise kandi amakenga ko intererano iboneka Ekleziya yamye itanga mu vyerekeye indero mu mashure yo mu Burundi, ishobora kutabandanya itangwa nk’uko bavyipfuza, kubera ukudakurikizwa kw’amasezerano Ekleziya yagiriraniye na Leta muri ico gisata. Ayandi makenga bagize, ni ay’uko, kubera  amategeko adaditse ashingwa mu Bushikiranganji bw’indero, amashure menshi y’abigenga ahakwa kwugara, kuko adashoboye gukwiza ibisabwa vyose kandi usanga ari vyinshi.

7.    Imbere y’ugusozera inama yabo, Abepiskopi baranamenyeshejwe ibibazo biri mu muhari wa Chiro Burundi, baca bemeranya ko umwe wese ku rugero rwiwe, azofata umwanya wo kwumviriza indongozi zawo ku rwego rwa Diyoseze yiwe, kugira ngo agire ico ahanuye cotuma uyo muhari udasubira inyuma nk’ibirenge, kuko wariko urasubira gutoha.

8.    Kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga 2018, baraye batanguye iyo nama yabo,  Abepiskopi barafashe akanya ko gukeza Nyenicubahiro Musenyeri Stanislas KABURUNGU, Umwepiskopi yahoze arongoye Diyoseze ya Ngozi, yari arumije imyaka 50 kuva agenywe mw’ibanga ry’ubwepiskopi. Barongeye barakengurukira Imana, mu kanywababo, ku myaka 50 yari iheze Diyoseze ya Muyinga  ishinzwe n’Umuhimbazwa  Papa Paulo VI.

9.    Abo Bepiskopi basozereye inama yabo bongera kwipfuriza Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga n’igihugu c’Imana yaragijwe, guhimbaza neza Yubire y’imyaka 50 iyo Diyoseze imaze ishinzwe. Umusi w’uguhimbaza iyo Yubire ukaba ari igenekerezo rya 8 Nyakanga 2018.

    Bigiriwe i Muyinga ku wa 7 Nyakanga 2018.

    Kubw’Inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi

    +Yohakimu NTAHONDEREYE
    Umwepiskopi wa Muyinga, Umukuru w’Inama
    y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi

 

Télécharger ici l'original de ce Communiqué

Conférence des Evêques Catholiques du Burundi

visite ad limina

cecabmessage

historique

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 21 invités et aucun membre en ligne