Vous êtes ici : HomeVie d'EgliseEvénements et NouvellesUkuremesha amahoro n’ugusubiza hamwe, niryo ragi rya Musenyeri Michael Aidan Courtney, Intumwa ya Papa mu Burundi yagandaguwe ku wa 29 Kigarama 2003

Evénements et Nouvelles

Ukuremesha amahoro n’ugusubiza hamwe, niryo ragi rya Musenyeri Michael Aidan Courtney, Intumwa ya Papa mu Burundi yagandaguwe ku wa 29 Kigarama 2003

Minago2 ok
Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 29 Kigarama, Ekleziya gatolika y’Uburundi yama yibuka igandagurwa bunyamaswa rya Musenyeri Michaeli Aidan Courtney, Intumwa ya Papa mu Burundi.
Mw’ijambo ry’ikaze, Nyenicubahiro Venansi BACINONI, Umwepiskopi wa Diyoseze Bururi, yabanje kwibutsa abari bitavye urwo rubanza igituma basubiye gukoranira muri Paruwasi Minago, ati : « Duhuriye hamwe ngo dusubire kwibuka igandagurwa ry’Intumwa ya Papa mu Burundi. Tukibuka cane cane iragi yadusigaranye ryo kuremesha amahoro n’ugusubiza hamwe, aho yama asaba Abarundi ngo bicarane baganire, babone gutora inyishu y’ibibazo bafise bidaciye mu ntambara no mu bwicanyi. »
Inyigisho yatanze mu Nkuka y’imisa, yabanje kwibutsa ko tukiri mu gihe ca Noheri, aho Imana yigize umuntu, ikabana natwe muri vyose ndetse igicumuro. Muri Yezu niho dukura akanyamuneza kuko Imana iri kumwe natwe mw’Ijambo ry’Imana. Uwuryakiriye akarigendera agendera mu muco w’abana b’Imana.
Afatiye ku Nkuru nziza ya Luka 2, aho Yozefu na Mariya bajana akana Yezu mw’isengero y’i Yeruzalemu, bari bagiye kumuhereza Imana nk’uko itegeko ry’Umukama ribivuga. I Yeruzalemu rero yasanganiwe n’umutama Simeo, yari yarabihishuriwe na Mutima Mweranda ko atazopfa atabonye urukiza. Yaboneyeho kwibutsa ko uwakira Yezu Kristu Umuco w’isi aronka ubuzima budahera, akagendera mu kuri, mu rukundo, akaba mu muco. Ati nitugendere mu rukundo rudasobanura, rutinuba abandi, ruserukira mu bikorwa vyiza atari mu majambo gusa. Ati : Abishe intumwa ya Papa mu Burundi, nta rukundo bagira, bagendera mu mwijima, nta kuri barimwo, ntibakunda ubuzima bw’abandi, bishakira inyungu zabo. Ni akaryo ko kumusabira, k’ugusabira igihugu cacu amahoro.Yarangije yipfuriza abari aho bose ngo Imana ibongerereze urukundo.
Inyuma y’Inkuka ya misa, abafashe amajambo bose, bagaruka kuri iryo ragi ryo gusubiza hamwe. Umushingantahe Davidi MBONANKIRA yaserukiye abakristu ba Paruwase Minago ati : « Kuri iri genekerezo, twama twibuka igandagurwa ry’Intumwa ya Papa mu Burundi. Igandagurwa ryiwe rero niriduhe kwisuzuma tubone ko ikiremwa muntu kibwirizwa gusonerwa, twubahe kandi twubahirize agateka ka zina kiremwa muntu. »
Twobibutsa ko iyo Ntumwa ya Papa mu Burundi yagandaguwe igenekerezo rya 29 Kigarama 2003, kw’ibarabara rya Rumonge, utera uja i Bujumbura, ku birometero 2 gusa uvuye kuri Paruwase Minago ya Diyoseze Bururi.
Patiri Noël Ntirandekura

Conférence des Evêques Catholiques du Burundi

visite ad limina

cecabmessage

historique

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 7 invités et aucun membre en ligne