Vous êtes ici : HomeVie d'EgliseMessagesIjambo rya Nyenubweranda Papa Fransisiko rijanye n’uguhimbaza Umusi Mpuzamakungu w’amahoro, ku wa mbere Nzero 2018: " Abimukira n’impunzi : ni abantu baharanira kuronka amahoro"

Messages

Ijambo rya Nyenubweranda Papa Fransisiko rijanye n’uguhimbaza Umusi Mpuzamakungu w’amahoro, ku wa mbere Nzero 2018: " Abimukira n’impunzi : ni abantu baharanira kuronka amahoro"


Ku musi wa mbere igenekerezo rya mbere Nzero 2018, ni Umusi Mpuzamakungu w’amahoro ugira uwa 51. Nyenubweranda Papa Fransisiko yarashikirije Ijambo ry'uwo musi rishimikiye kuri iri hangiro: “Abimukira n’impunzi: ni abantu baharanira kuronka amahoro”
Iryo Jambo ryarahinduwe mu kirundi, naryo ni iri rikurikira:

 

 

IJAMBO RYA NYEN’UBWERANDA PAPA FRANSISIKO RIJANYE N’UGUHIMBAZA UMUSI MPUZAMAKUNGU W’AMAHORO

Igenekerezo rya mbere Nzero 2018

Abimukira n’impunzi : ni abantu baharanira kuronka amahoro

 

1.    Ndabipfurije amahoro

 

Amahoro n’asage abantu bose be n’ibihugu vyose vyo kw’isi ! Ayo mahoro abamarayika bamenyesheje abungere mw’ijoro rya Noheli [1] ni icipfuzo nkoramutima c’umuntu uwo ariwe wese n’abantu bose, cane cane abaruhijwe n’ukuyabura. Muri abo bantu numva mfise ku mutima nkabamiza no mu gisabisho canje, nagomba nibutsemwo abarenga imiliyoni 250 b’abimukira kw’isi, muri bo imiliyoni 22 n’igice bakaba ari impunzi. Nk’uko umukundwa nasubiriye Nyen’ubweranda Papa Benedigito wa 16 yavyemeje, abo bantu « ni abagabo n’abagore, abana, urwaruka n’abantu bageze mu za bukuru baba bariko bararondera aho bokwibera mu mahoro »[2]. Kugira ngo bashobore kuronka aho hantu, benshi muri bo baremera bagahangara n’ibishobora kubakwegera urupfu mu rugendo kenshi na kenshi ruba rurimwo imitego n’ivyica vyinshi ; baremera umuruho n’ububabare, bagatumbera za nzitiro z’intsinga zitaburana n’inzitiro z’impome zadugijwe kugira ngo zizibire inzira yobashikana iyo berekeza.

Tubitumwe n’umutima w’impuhwe n’ikigongwe, turabumbatiye abo bose bahunga ingwano n’inzara canke abo bagondozwa bagaheba amatongo yabo kubera ugukumirwa, uguhamwa, ubworo canke itituka ry’isi yari ibatunze n’iyononekara ry’ibibakikije.

Turazi neza ko kwugururira umutima ububabare bw’abandi bidahagije. Hazokenerwa gukorwa vyinshi kugira ngo benewacu bashobore gusubira kubaho mu mahoro, bafise indaro ibaha umutekano. Guha ikaze uwundi bisaba kwitanga biboneka, hakaba urunani rw’ugufashanya n’ukwitanaho, abantu bagakerebuka mu gufashanya kandi batahurana, bagasangira igikorwa co gutorera inyishu inzitane z’ingorane ziba ziyongereye ku zari zihasanzwe, hamwe n’uburyo bw’ukwitunga bwama budakwiye. Bisunze ingendo y’ugutegekanya, abarongozi b’intwaro z’ibihugu bomenyera guha ikaze abantu babagana, bakabateza imbere, bakabakingira, bakabanywanisha n’abasangwa mu gushiraho amategeko abitunganya « mu buryo bujanye n’ineza y’ukuri y’abasangwa bashinzwe … (kugira) ngo banywane »[3]. Ni ko barafise ibanga ryo gutunganiriza imibano y’abasangwa bajejwe, bakubahiriza amateka yabo, bitaho n’iterambere ryiza kugira ngo ntibabe nka wa mwubatsi atazi gutegekanya vyananiye guheza umunara yari yatanguye kwubaka [4].

 

2.    Ni kuki hari impunzi n’abimukira ku rugero runini ?

 

Mu kwitegurira ya Yubile nkuru y’imyaka 2000 kuva abamarayika batangarije ya nkuru y’amahoro i Betelehemu, umweranda Yohani Paulo wa kabiri yamenyesheje ko igitigiri kiguma ciyongera c’impunzi ari « inkwirikizi y’urutavanako ruteye agahinda rw’ingwano, ugushamirana, ihonyabwoko, "ukugomba kunyikiza abantu b’ubwoko bunaka" » [5] kwaranga ikinjana ca 20. Iki kinjana turimwo ntikirafata iyindi ntumbero : Amatati yikora ku birwanisho hamwe n’ubundi bugizi bwa nabi bukibandanya butuma hama abateshwa utwabo bagata ingo haba mu gihugu hagati canke abajabuka imbibe z’ibihugu bagahungira mu bindi bihugu.

Mugabo abantu barafata inzira zigana ibindi bihugu kubera n’izindi mvo, ariko hose bagenzwa  n’ishaka ryo « kurondera ubuzima bwosumba ubundi, bakibaza ko basize inyuma "umutima w’ukwihebura" kuko babona bagumye aho bari ata kazoza bahafise» [6]. Bamwe bajanwa n’uguhamvya imiryango yabo yagiye, abandi bakajanwa n’ukurondera akazi canke aho biga : abantu badashoboye gutunganirwa muri ivyo ntibashobora kwumva ko babayeho mu mahoro. Hanyuma, nk’uko nabishikirije muri ya nyigisho Laudato Si’, « iyongerekana ry’igitigiri c’abimukira bahunga ubukene, ivyo bikunyurwa n’itituka ry’ibidukikije, birateye agahinda gakomeye» [7].

Abenshi mu bimukira baca mu nzira zisanzwe zizwi mu mategeko, ariko hari n’abandi baca mu zindi nzira, cane cane bigatumwa n’ukwihebura mu gihe igihugu cabo batacumvamwo umutekano ubahumuriza canke ngo bakironkemwo ibibatunga, bagasanga inzira zo kwimuka zijanye n’amategeko zizibiye, canke zirimwo amananiza zigasaba kuzembagirika igihe kirekire.

Mu bihugu vyinshi abahunga batumbera, amajambo yakwirakwijwe usanga aguma agaruka ku guhungabanya umutekano w’ivyo bihugu canke ku muzigo ivyo bihugu bica vyiremeka mu bijanye n’ubutunzi iyo vyakiriye izo mpunzi, gurtyo ntibikunde kwubahiriza agateka ka zina muntu gategerezwa kwubahirizwa muri bose kuko baguma ari abana b’Imana. Abitwaza ubwoba buterwa n’abimukira, kenshi usanga babiterwa n’imvo za politike. Aho gushigikira amahoro usanga bariko barabiba ivyo gukoresha igikenye, amacakubiri afatiye ku moko, urwanko rwa ba kavantara, ivyo vyose bikaba bitera umwitwarariko ukomeye kuri abo bose bafise umutima w’ugukingira zina kiremwa-muntu [8].

Ivyemezo abahinga batanga mu muryango w’ibihugu vyose biragaragaza ko ivy’ukwimuka bizoguma vyigaragaza no muri kazoza. Bamwe babibonamwo inabi yo kwikingira. Ariko jewe, ndabahamagariye kubirabana umwizero, ahubwo bitubere akaryo ko kwubaka kazoza k’amahoro.

 

3. Tubirabane amaso atahura umugambi w’Imana

 

Ubwitonzi bushingiye mu kwemera, bushobora gutahura ko twese tugize « umuryango umwe, baba abimukira canke abasangwa babakira, kandi bose baranganya uburenganzira bwo kubeshwaho n’ivyiza Imana yahaye isi, na vyo bikaba bigenewe bose nk’uko inyigisho ya Ekleziya ijanye n’imibano ibishikiriza. Aha niho hashingiye ukwunga ubumwe n’ugusabikanya » [9]. Aya majambo adutumbereza ya mvugo ngereranyo ya Yeruzalemu nshasha. Ikigabane ca 60 c’Igitabu c’Umuhanuzi Izaya hamwe n’ikigabane ca 21 c’Igitabu c’Ivyahishuwe vyerekana iyo Yeruzalemu nshasha nk’igisagara inzugi zaco zama zuguruye, maze kigaha ikaze abantu bava mu bihugu vyose, nabo bakakiyaga bacongerereza ubutunzi. Amahoro ni yo murongozi waco, ubutungane bukakibera ingingo itunganya umubano w’abakibamwo bose.

Dutegerezwa kandi gutereza amaso atahura umugambi w’Imana ku gisagara tubayemwo, « ni ukuvuga amaso y’ukwemera gushobora kubona iyo Mana igerera muri izo nzu, ayo mabarabara, ivyo bibanza vy’amahuriro (… iguma iteza imbere) ukwunga ubumwe, umuvukano, ukurondera ineza, ukuri, ubutungane »[10] ; mu yandi majambo, mu kuremesha umuhango twaronse w’amahoro.

Mu kuraba abo bimukira n’izo mpunzi, ayo maso azoshobora kubona ko bashika ataco biha : ico baba bafise ni umutima w’ukurinda, n’ingabire ndemanwa zo gutunganya ibi na biriya, ni ingoga zo gukora, ni ivyipfuzo biremye, umuntu atarinze kuvuga itunga ntangere ry’imico kama yo mu bihugu barukiyemwo. Gurtyo baca batungisha ibihugu bibakiriye. Ayo maso azoshobora kubona kandi ubwira bwo gutora inzira nshasha, umutima wo kwihambirira ku bikorwa hamwe n’umutima wo kurinda umubabaro w’abantu benshi, w’imiryango n’iyindi mirwi y’abantu mu mice itandukanye y’isi bugururira imiryango n’imitima yabo abimukira n’impunzi n’aho ubutunzi atariko bwoba bushemeye rwose.

Ayo maso ashobora kubona umugambi w’Imana ni yo ashobora kumurikira abashinzwe gutunganiriza igihugu kugira ngo baremeshe indinganizo za politike zorohereza iyakirwa ry’abaje bagana ivyo bihugu « gushika ku rugero rwose rushoboka uravye n’ineza y’abenegihugu b’abasangwa » [11], n’ukuvuga ko umuntu araba imice yose y’ibikenewe ku bagize umuryango umwe rudende w’abantu hamwe n’ineza y’umuntu uwo ariwe wese.

Abamurikirwa na bene ayo maso bazoshobora kubona imbuto z’amahoro mu biriko biraba, babonereho no kwihatira kuyaremesha. Bazoba bariko barakomeza inganda z’ukuremesha amahoro mu bisagara vyacu kenshi usanga birangwa n’amacakubiri, bigafutanywa n’ingwano usanga zishingiye ku kwinuba abimukira n’impunzi.

 

4.    Inkingi zine zo kwubakirako

 

Guha abasaba ubuhungiro, impunzi, abimukira n’abagorewe mu rudandazwa rw’abantu akaryo ko gusubira kuronka amahoro banyotewe, bisaba ko harabwa neza inkingi zine, ari zo z’izi : kwakira, gukingira, guteza imbere n’ugushikana mu birekuriwe umwenegihugu [12].

« Kwakira » gushingiye ku kwibutsa ko bikenewe gushinga amategeko yongerereza ububasha bw’ukwinjira mu gihugu, impunzi n’abimukira ntibasubizwe inyuma ngo bagwe ahantu bocumukurira mu kugirirwa nabi n’uguhohoterwa, maze hagatunganywa neza ikingirwa ry’umutekano w’igihugu mu kwubahiriza ikingirwa ry’agateka ka zina muntu mu mice yose yako. Ijambo ry’Imana rirabitwibutsa rivuga riti : « Ntimwibagire kugirira neza abashitsi, kuko bamwebamwe bagize batyo basanga bahaye indaro abamarayika batabizi » [13].

« Gukingira » kwibutsa ko bikenewe kwemeza no gushinga ingingo zo gukingira iteka ntabanduka ry’abo bahunga ikibageramiye, bakarondera aho bikinga ngo baronke umutekano, maze iryo teka rikanabakingira gukoreshwa nk’abaja. Aha mfise ku mutima cane cane ibishikira abagore canke abana usanga vyoroshe ko bashikirwa n’amabi n’ugukubagurwa, ugasanga bafatwa nk’abaja. Imana yoyo ntikumira umuntu n’umwe : «Umukama yama ahagarikira ba kavantara, akaremesha impfuvyi n’umupfakazi »[14].

« Guteza imbere » bijanye n’imfashanyo ihabwa abimukira n’impunzi kugira ngo abo bantu babe mw’iterambere runtu ryuzuye. Mu bintu bishobora kwifashishwa muri ico gikorwa, nagomba nshingire cane cane ku kuntu ari nkenerwa gutunganya ivy’inyigisho y’abana n’iy’urwaruka : muri ubwo buryo, abo bana n’urwo rwaruka ntibazoshobora gusa gukarisha ubwenge n’uguteza imbere ingabirano bahawe n’Imana, bizonabafasha gutumbera abandi bantu mu guteza imbere umutima w’ukuja inama n’ingingo aho kwiyugarana nka nyabumba canke ngo baje mu vyo guhangana bashamirana. Bibliya itwigisha ko « Imana ikunda inyambukira, ikayiha ivyokurya n’impuzu » ; kubera iyo mvo, Bibliya ibandanya ihanura iti : « Murakunde inyambukira yose, kuko mwabaye inyambukira mu gihugu ca Misiri » [15].

« Ugushikana mu birekuriwe umwenegihugu », na kwo gisigura ko impuzi n’abimukira boronswa ububasha bwo kugira uruhara rwuzuye mw’itunganywa ry’ubuzima bw’ibihugu vyabakiriye, ivyo bikabonwa nk’ukwungurana guteza imbere bose n’ugufashanya kwungukira bose mw’iterambere runtu ryuzuye ry’ikibano. Nk’uko Paulo Mweranda yavyanditse : « Kukaba nkako, ntimukiri ba kavantara canke abatsi b’indaro, ahubwo mucuditse n’aberanda, mugize umuryango w’Imana »[16].

 

5.    Intererano isaba ishirwaho ry’amategeko abiri mpuzamakungu

 

Ndipfuza n’umutima wanje wose ko iciyumviro cagaragaye mu mwaka w’i 2018 coshika mu Nama Mpuzamakungu. Cerekeye gutegura n’ukwemeza amategeko abiri mpuzamakungu : rimwe rijanye n’ubwimukira burangwa n’umutekano, butunganijwe neza kandi bugengwa n’amategeko, irindi ryerekeye impunzi. Ayo mategeko yemejwe ku rwego mpuzamakungu yokwifashishwa mu gutanga intererano mu vya politike no mu gushinga ingingo ziyashira mu ngiro. Ni na co gituma bihambaye ko ayo mategeko amurikirwa n’umutima w’impuhwe, ugutegekanya hamwe n’ukutagira umutima uhuha, ivyo bigafasha kugira ngo twame tukoresha uburyo bwose bubonetse ngo turemeshe igikorwa co kwubaka amahoro. Iyo ntumbero ni nkenerwa kugira ngo inyungu ziranga ivya politike mpuzamakungu ntizihave zivyara umutima w’inabi canke kutitanaho.

Kuja inama n’ingingo hamwe no gusenyera ku mugozi umwe ubu ni ngombwa kandi bikaba nkenerwa mu muryango mpuzamahanga. Turengeye imbibe z’ibihugu, biranashoboka ko n’ibihugu bidatunze rwose vyakira impunzi nyinshi canke zakira impunzi neza gusumba uko zabigira mu gihe amakungu yokwemera kubiha imfashanyo zikenewe.

Igisata c’indinganizo y’intwaro y’i Vatikano gishinzwe gukurikirana ibibazo vy’abimukira kiri muri rwa rwego rw’iterambere runtu ryuzuye caratanze ingingo 20 umuntu yokorerako [17] kandi zofasha biboneka mu gushira mu ngiro za nzira zine politike z’ibihugu zoshobora gukorerako, zikongera zikamurikira inyifato n’ibikorwa vy’imibano y’abakristu. Iyo ntererano, co kimwe n’izindi, zigaragaza umwitwarariko Ekleziya Gatolika ifitiye itunganywa ry’indinganizo yoshikana kw’ishirwaho n’Inama Mpuzamakungu rya ya mategeko mpuzamakungu. Uwo mwitwarariko urashimangira umutima w’ukuyobora igihugu c’Imana wamye muri Ekleziya ukaba uciserura mu buryo bwinshi gushika muri ino misi.


6.    Twiteho inzu yacu rusangi

 

Amajambo y’umweranda Yohani Paulo wa 2 aratumurikira : « Niyo icipfuzo c’isi iremeye mu mahoro caraza ishinga abantu benshi, niyo intererano y’abimukira n’impunzi yahabwa agaciro, umuryango w’abantu woshobora kuba vy’ukuri umuryango wa bose, iyi si yacu nayo ikaba "inzu rusangi" » [18].

Muri kahise, abantu batari bake bari bafise ku mutima iki cipfuzo, kandi abakigendeye baremeza ko atari indoto itagira ishingiro. Muri abo bantu, ntitworeka kuvuga umweranda Françoise-Xavière Cabrini, twahimbaje muri uno mwaka w’i
2017 ikinjana c’ivuka ryiwe mw’ijuru. Uno musi, igenekerezo rya 13 munyonyo, imibano y’abakristu itari mike iriko iramuhimbaza. Uwo mupfasoni w’ijunja naho yari muto yahebeye ubuzima bwiwe ukwitaho abimukira, anababera umuvunyi mw’ijuru. Yaratwigishije ingene twokwakira, tugakingira, tugateza imbere, tukugururira ivyagenewe abenegihugu abo bene wacu. Twisunze igisabisho ciwe, Imana n’idufashe gutahura mu buzima bwacu ko « ari mu mahoro habibwa ubutungane, na bwo bugaha icamwa cabwo abaharanira amahoro» [19].


Bigiriwe i Vatikano, igenekerezo rya 13 Munyonyo 2017
Ku musi mukuru w’umweranda Françoise-Xavière Cabrini, Umuvunyi w’abimukira

 

Fransisiko

 

 

Iri Jambo ryahinduwe mu kirundi n’Ibiro bishinzwe ukumenyesha Inkuru Nziza mu Burundi


    
[1] Luka 2,14.
[2] Benedigito wa XVI, Angélus, 15 janvier 2012.
[3] Yohani wa XXIII, Lett. enc. Pacem in terris, n. 106.
[4] Raba Luka 14, 28-30.
[5] Yohani Paulo wa  II, Message pour la Journée mondiale de la Paix 2000, n. 3.
[6] Benedigito wa XVI, Message pour la Journée mondiale du Migrant et du Réfugié 2013.
[7] N. 25.
[8] Cf. Discours aux Directeurs nationaux de la pastorale des migrants participant à la Rencontre
organisée par le Conseil des Conférences Épiscopales d’Europe (CCEE), 22 septembre 2017.
[9] Benedigito wa XVI, Message pour la Journée mondiale du Migrant et du Réfugié 2011.
[10] Exhort. ap. Evangelii gaudium, n. 71.
[11] Yohan iwa XXIII, Lett. enc. Pacem in terris, n. 106.
[12] Message pour la Journée mondiale du Migrant et du Réfugié 2018, 15 août 2017.
[13] Abahebereyi 13, 2.
[14] Izaburi 146, 9.
[15] Ukwibutsa Amategeko 10, 18-19.
[16] Abanyefezi 2, 19.
[17] 20 Points d’action pastorale et 20 Points d’action pour les Pactes mondiaux (2017) voir aussi
Document ONU A/72/528.
[18] Yohani Paulo wa II, Message pour la Journée mondiale du Migrant et du Réfugié 2004, n. 6.
[19] Yakobo 3, 18.

Conférence des Evêques Catholiques du Burundi

visite ad limina

cecabmessage

historique

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 22 invités et aucun membre en ligne