Vous êtes ici : HomeVie d'EgliseMessagesInyigisho y’Ikarema y’2018 : « Urukundo rwa benshi ruzohororokerwa bitumwe n’uko akabi kazobandanya kongerekana » (Matayo 24,12)

Messages

Inyigisho y’Ikarema y’2018 : « Urukundo rwa benshi ruzohororokerwa bitumwe n’uko akabi kazobandanya kongerekana » (Matayo 24,12)

Papa Fransisiko yarashikirije inyigisho y’i Karema y’2018. Ijambo nshimikiro y’iyo nyigisho ni iri : « Urukundo rwa benshi ruzohororokerwa bitumwe n’uko akabi kazobandanya kongerekana » (Matayo 24,12). Muri iyo nyigisho Papa abanza kwongera kwibutsa ico Ikarema itwigisha : Ni « ikimenyetso kigaragaza bwa sakaramentu uguhinduka kwacu », kikamenyesha congera kiduha akaryo ko kugaruka ku Mukama n’umutima wacu wose hamwe n’ubuzima bwacu bwose. Papa akaba yipfuza gutumirira Ekleziya yose kwakira mu buzima bwayo iki gihe c’imigisha y’Imana, icakire mu kanyamuneza no mu kuri.

Afatiye ku kiringo Yezu yavuze amajambo yo mu kigabane ca 24 c’Inkuru Nziza ya Matayo, Papa ariyamiriza abahanuzi b’ibinyoma, akongera akerekana ibimenyetso bibaranga. Abahanuzi b’ibinyoma bamwe bameze nka « bamwe baryosharyosha inzoka kugira ngo bazifate », ni ukuvuga ko bakorera ku bishobisho vy’abantu kugira ngo babahindure babagire abaja babo, baberekeze iyo bashaka hose. Abandi bahanuzi b’ibinyoma bameze nka « ba bangushi » bahendesha abantu inyishu zoroshe kandi zinyaruka ku vyerekeye ububabare, zikamera nk’imiti y’uruhendo ataco imaze na gato.  Ni abashimusi bahendesha abantu ibintu bitagira mvura, usanga babuza abantu gutumbera itunga nyakuri ari ryo rishingiye kuri ibi : agateka ka muntu, umwidegemvyo n’ubushobozi bwo gukunda. Umwe wese muri twebwe ategerezwa gushishoza mu mutima wiwe, agasuzuma neza ko atariko arahungabanywa n’ibinyoma vy’abo bahanuzi b’abangushi.

Papa arafatira ku mvugo ngereranyo y’umwanditsi yitwa Dante Alighieri ashushanya ivy’Umuriro udahera. Agaca atumirira umwe wese kwibaza ingene urukundo rushobora gukonjera muri twebwe, n’ibimenyetso bituburira ko urukundo ruhakwa kuzima muri twebwe.

Ibizimya urukundo, ubwa mbere ni umwina w’amafaranga, kuko ari yo « nyanduruko y’ibibi vyose » (1 Timote 6,10). Hagakurira ukwanka Imana, gurtyo umuntu akanka kuronderera muri we uruhoza, agashima irungu rya nyamwigendako aho kuremeshwa n’Ijambo ry’Imana hamwe n’amasakaramentu. Inyigisho ya Papa irerekana kandi inkurikizi  mbi ihororokerwa  ry’urukundo ritera ku vyaremwe vyose.

Urukundo rurakonjera kandi mu miryango no mu mibano yacu. Papa afatiye ku nyigisho Evangelii gaudium, arerekana ibimenyetso bigaragara vyerekana iryo bura ry’urukundo. Na vyo ni ibi: ukubihirwa n’ivy’Imana umuntu agahimbarwa n’ukwikunda, ukubona vyose n’umutima mubi, umuntu agacika inkokora zo gukora ineza, ugushaka guhungira mu kwibako, maze umuntu akibaza ko icomukiza ari ukuremesha ingwano z’abavukanyi urutavanako, gutwarwa n’agatima k’ivy’isi gatuma umuntu yihambirira ku bisayangana, ivyo vyose bikagabanya umwete wo gukwiza hose Inkuru Nziza yurukiza.  
Mu gihe rero twobona muri twebwe canke aho tubaye ibimenyetso bisa n’ivyo, Papa  atumenyesha ko Ekleziya, umuvyeyi n’umurezi wacu, ituronsa muri kino gihe c’Ikarema umuti uremesha w’igisabisho, w’imfashanyo y’aboro be n’ukwisonzesha, ivyo bikajana n’umuti ushobora kutururira ariko ari wo w’ukuri.

Papa asozera  inyigisho yiwe mu kwibutsa wa  mugambi witiriwe « Amasaha 24 y’Umukama » uduhamagarira guhimbaza isakaramentu ry’ikigongwe mu gihe tuba dushengereye Isakaramentu ry’Ukaristiya. Muri uyu mwaka w’i 2018, uwo mugambi uzorangurwa ku musi wa gatanu igenekerezo rya 9 no ku wa gatandatu igenekerezo rya 10  Ntwarante. Diyoseze yose ikaba isabwe gutegekanya n’imiburiburi isengero imwe izoguma yuguruye amasaha 24 kuri 24 kugira abakristu bazoronke akaryo k’ukuguma bashengereye Ukaristiya kandi bashobore n’ukuronka isakaramentu ry’ikigongwe.

 

 

 

 

 

INYIGISHO YA PAPA FRANSISIKO YEREKEYE IKAREMA Y’UMWAKA W’I 2018

 

« Urukundo rwa benshi ruzohororokerwa bitumwe n’uko akabi kazobandanya kongerekana » (Matayo 24,12)


Bavukanyi,

Ipasika y’Umukama irasubiye kudushikira ! Uko umwaka utashe, ubwiza bw’Imana butegekanya vyose buraduha igihe c’Ikarema ngo tuyitegurire. Ni « ikimenyetso kigaragaza bwa sakaramentu uguhinduka kwacu » [1], kikamenyesha congera kiduha akaryo ko kugaruka ku Mukama n’umutima wacu wose hamwe n’ubuzima bwacu bwose.

N’uyu mwaka nyene, muri rino jambo nshikirije, nipfuza gutumirira Ekleziya yose kwakira mu buzima bwayo iki gihe c’imigisha y’Imana, icakire mu kanyamuneza no mu kuri ; ibi nkaba ndabigize murikiwe n’Ijambo Yezu Kristu ashikiriza mu Nkuru Nziza ya Matayo aho avuga ati : « Urukundo rwa benshi ruzohororokerwa bitumwe n’uko akabi kazobandanya kongerekana » (Matayo 24,12). Iryo jambo riri muri ya nyigisho yerekeye ibihe vy’imperuka Yezu yashikiririza i Yeruzalemu, ku Gasozi k’Imizeti, harya nyene amagorwa y’Umukama yahavuye atangurira. Mu nyishu yahaye umwe mu bigishwa biwe, Yezu yarabuye amakuba adasanzwe, arerekana n’amabi umuryango w’abemera uzocamwo : kubera amakuba ateye agahinda, abahanuzi bamwe bamwe b’ibinyoma bazohenda abantu benshi, gushika mbere n’aho bomera nk’abazimije urukundo mu mitima kandi ari rwo shingiro ry’Inkuru Nziza.


Abahanuzi b’ibinyoma
 
Nituzirikane neza iryo jambo rya Yezu duheze twibaze tuti : mbega abo bahanuzi b’ibinyoma biyerekana mu bimenyetso bimeze gute ?

Bameze nka « bamwe baryosharyosha inzoka kugira ngo bazifate », ni ukuvuga ko bakorera ku bishobisho vy’abantu kugira ngo babahindure babagire abaja babo, baberekeze iyo bashaka hose. Ese ukuntu abana b’Imana batari bake bemera bakareshwa n’abo bangushi babahendesha ibiryohera umubiri bitamara akanya, maze bakavyitiranya n’ubuhirwe ! Mbega bangana iki abagabo n’abagore babaho bahendeshejwe isayangana ry’amafaranga, mugabo ntibabone ko ariko arabagira abaja b’inyungu zidafashe ! Ese ukuntu abantu babaho bibaza ngo barikwiye bagahava biyugarana nka nyabumba?

Abandi bahanuzi b’ibinyoma bameze nka « ba bangushi » bahendesha abantu inyishu zoroshe kandi zinyaruka ku vyerekeye ububabare, zikamera nk’imiti y’uruhendo ataco imaze na gato : urwaruka rwahendeshejwe ibiyayuramutwe rungana iki ? Urwahendeshejwe kwunga imigenderanire « aho umwe akoresha uwundi, atakimukeneye akajugunya nk’uwikura igikatsi », hamwe n’urwahendeshejwe inyungu zihuta mugabo ziciye mu nzira mbi, rungana iki ? Abakizingamiye mu bintu vy’ubuhinga ataho buhuriye n’ubuzima nyakuri bakibaza ngo imigenderanire iciye yoroha kandi ikanyaruka, maze bagahava basanga baguye mu bintu biteye agahinda bidaha insiguro intumbero y’ubuzima, bangana iki ? Abo bashimusi bahendesha abantu ibintu bitagira mvura, usanga babuza abantu gutumbera itunga nyakuri ari ryo rishingiye kuri ibi : agateka ka muntu, umwidegemvyo n’ubushobozi bwo gukunda. Uruhendo rw’ubwishime ni rwo rudutuma twibara uko tutari…, tugahinduka agatwengo k’abahita ; tugahava tugenda akagirire bikanka ko tuvyuka. Kandi ivyo ntibitangaje : Shetani yamye kuva kera ari « umunyakinyoma ikaba na se waco » (Yohani 8, 44), ikama yerekana ikibi nk’iciza, ikinyoma nk’ukuri, ivyo ikabigira kugira ngo ihungabanye umutima w’umuntu. Ni naco gituma umwe wese muri twebwe ategerezwa gushishoza mu mutima wiwe, agasuzuma neza ko atariko arahungabanywa n’ibinyoma vy’abo bahanuzi b’abangushi. Ni ngombwa ko umuntu adatwarwa n’ibihita canke ibisayangana, ahubwo amenyere guhitamwo ibidusigamwo imbuto y’ineza kandi iramba cane kuko ikomoka ku Mana, kandi ikaturonderera ineza y’ukuri.

 

Umutima wakongataye

 

Mu kwigana ivy’umuriro udahera, umwanditsi w’Umutaliyano yitwa Dante Alighieri agerageza kwerekana shetani yicaye ku ntebe ikozwe mu rubura [2]  ; iba mu mbeho y’urukundo rwanizwe. Twibaze rero tuti : urukundo rushobora gukonjera gute muri twebwe ? N’ibihe bimenyetso bituburira ko urukundo ruhakwa kuzima muri twebwe?

Ibizimya urukundo, ubwa mbere ni umwina w’amafaranga. « Erega inyanduruko y’ibibi vyose ni inambu y’amahera » (1 Timote 6,10) ; hagakurira ukwanka Imana, gurtyo umuntu akanka kuronderera muri we uruhoza, agashima irungu rya nyamwigendako aho kuremeshwa n’Ijambo ry’Imana hamwe n’amasakaramentu [3] . Ivyo vyose bihava vyadukamwo uguhohotera abo bose babonwa nk’abahungabanya « ivyo twemera tukagomba gushingirako ». Na bo ni nk’aba tugomba tudondagure : umwana ataravuka, umuntu ageze mu za bukuru kandi arwaye, umwatsi w’indaro, umunyamahanga, hamwe n’uwo wese atwegereye ariko atari mu bo twiteze.

N’ivyaremwe vyose birahava bikaba ivyabona vyinumiye vy’iryo hororokerwa ry’urukundo : isi ihinduka icukiro rirogwa n’imyanda dutana urwangara kugira ngo twunguke vyinshi;  ibiyaga n’amabahari navyo nyene birononekara, maze ubu ho bigategerezwa kumira ibisigarira vy’abantu babigwamwo bariko bararondera icobatungira ubuzima ; ikirere – cotegerejwe mu mugambi w’Imana kuba kiririmba ininahazwa ryayo – usanga kinyuragiramwo ivyuma ata kindi birekura atari imvura y’ibirwanisho bizana urupfu.
 
Urukundo rurakonjera kandi mu miryango no mu mibano yacu. Mu nyigisho natanze yitwa Evangelii Gaudium naragerageje kwerekana ibimenyetso bigaragara vyerekana iryo bura ry’urukundo. Na vyo ni ibi: ukubihirwa n’ivy’Imana umuntu agahimbarwa n’ukwikunda, ukubona vyose n’umutima mubi, umuntu agacika inkokora zo gukora ineza, ugushaka guhungira mu kwibako, maze umuntu akibaza ko icomukiza ari ukuremesha ingwano z’abavukanyi urutavanako, gutwarwa n’agatima k’ivy’isi gatuma umuntu yihambirira ku bisayangana, ivyo vyose bikagabanya umwete wo gukwiza hose Inkuru Nziza y'urukiza [4].

 

None hokorwa iki ?

 

Mu gihe twobona muri twebwe canke aho tubaye ibimenyetso bisa n’ivyo mpejeje kwerekana, twomenya ko Ekleziya, umuvyeyi n’umurezi wacu, ituronsa muri kino gihe c’Ikarema umuti uremesha w’igisabisho, w’imfashanyo y’aboro be n’ukwisonzesha, ivyo bikajana n’umuti ushobora kutururira ariko ari wo w’ukuri.

Mu kumara umwanya mu gisabisho, duha akaryo umutima wacu gusobanura ibinyoma vyinyegeje, bidutuma twihenda twebwe nyene [5], gurtyo tugaheraho turondera uruhoza rwacu ku Mana.  Ni yo Data wacu, ikaba ishaka kuduha ubuzima.

Gutanga ishikanwa rifasha aboro bituma twikuramwo umutima w’umwina w’ivy’isi, tugaheraho tumenyera kubona benewacu : ico ntunze si ic’iwanje jenyene. Ese ingene nipfuza rwose ko uwo mutima wo gutanga ishikanwa ryo gufasha aboro uhinduka ingendo y’ukuri iranga ubuzima bwa twese ! Ese ingene nipfuza rwose ko twogendera ka bukristu ka karorero k’Abatumwa, maze tukabona mw’isangira n’abandi ivyiza vy’Imana yaduhaye uburyo bwo gushingira intahe ubumwe tugize muri Ekleziya. Mfatiye kuri ivyo, nca nsubira kwakira muri jewe ya mpanuro Paulo Mweranda yaha Abanyakorenti abibutsa kwegeranya intererano yo gufasha umuryango wa Ekleziya y’i Yeruzalemu : « Ni iciyumviro ntanze kuko ari co kibabereye » (2 Abanyakorenti 8, 10). Iki gikorwa kirajanye rwose n’igihe c’Ikarema, aho inzego n’imirwi itari mike vyegeranya intererano zifasha ama Ekleziya n’imice y’abantu iri mu bihe vy’amananiza. Ariko kandi ndipfuza rwose ko no mu bihe bisanzwe bijanye n’ubuzima bwa misi yose, hagize umuvukanyi ari mu mananiza akadusaba imfashanyo, twoboneraho ko duhamagiriwe gufashanya n’urukundo rw’Imana : imfashanyo yose dutanze iba iduhaye akaryo ko gufashanya n’urukundo rw’Imana ku bana bayo ; mu gihe iduciyeko muri ino misi ikadukoresha kugira ngo ifashe umuvukanyi, yoreka gute gutegekanya ukuntu izoturemesha mu bukene bwacu, yo itigera itsindwa mu kugira ivyiza?[6]  

Ukwisonzesha na kwo kuragabanya rwose ingoga z’uguhohotera abandi. Kuratwambura ibirwanisho kukatubera inzira yo gukura mu vy’Imana. Ku ruhande rumwe, kuradufasha kwumva muri twebwe umubabaro wa barya batagira ic’epfo n’ica ruguru mu bintu ntabanduka bitunga umuntu maze bakamana inzara ya misi yose ; ku rundi ruhande na ho, kurerekana akaranga k’umutima wacu wama ufise inzara y’ubwiza bw’Imana, ukamana inyota y’ubuzima bw’Imana yo nyene. Ukwisonzesha kuradukangura, kukadutuma turushirizaho kwitaho Imana na benewacu, kukadukaburira kugamburuka ishaka ry’Imana, ari ryo ryonyene rishobora kutumara inzara.
 
Ndipfuza ko iri jwi ndiko ndatera rirengera imbibe za Ekleziya Gatolika, rigashikira abantu mwese aho muri, abagabo n’abagore bipfuza ineza, umutima wabo wugurukiye kwumviriza Imana. Nimwaba mubabajwe n’igwirirana ry’ikibi mw’isi nk’uko na twe bitubabaje, nimwaba muterwa umwitwarariko n’iyongerekana ry’ugukanya kw’imitima ica yiberaho gurtyo ntihagire igikorwa ciza ishira mu ngiro, nimwaba mubona ko umutima w’ubuntu ugenda ugabanuka mu bantu, nimuze dushire hamwe kugira ngo twese dusabe Imana, twese twisonzeshe kandi twese dutange ivyo dushoboye kugira ngo dufashe benewacu bagowe !

 
Urumuri rwa Pasika

 

Ndatumiriye cane cane abagize umuryango w’Ekleziya gutangurana umwete iyi nzira y’igihe c’Ikarema, bashigikiwe n’imfashanyo y’aboro, ukwisonzesha n’igisabisho. Naho tubona umengo akariro k’urukundo kagenda kazima mu mitima myinshi, ivyo ntibishobora gushikira umutima w’Imana ! Imana yama iduha uburyo bushasha kugira ngo dusubire gukunda.

Wa mugambi witiriwe « Amasaha 24 y’Umukama » uduhamagarira guhimbaza isakaramentu ry’ikigongwe mu gihe tuba dushengereye Isakaramentu ry’Ukaristiya, uzokwongere utubere uno mwaka akaryo kabereye ko gusubira ku Mana. Muri uyu mwaka w’i 2018, uwo mugambi uzorangurwa ku musi wa gatanu igenekerezo rya 9 no ku wa gatandatu igenekerezo rya 10  Ntwarante, tukazofatira ku majambo y’Izaburi y’i 130 : « Ariko ikigongwe kibarizwa iwawe » (Izaburi 130, 4). Mu ma diyosezi yose, hazoba hari n’imiburiburi isengero imwe yuguruye amasaha 24 kuri 24 izoshobora guha akaryo abakristu ngo bagume bashengereye Ukaristiya kandi bashobore n’ukuronka isakaramentu ry’ikigongwe.

Mw’ijoro rya Pasika, tuzosubiramwo wa mugirwa wigisha vyinshi w’itara rya Pasika : mu gukwiza « umucanwa mushasha », umuco uzokwirukana buhoro buhoro umwijima maze urasire ku gihugu c’Imana caje guhimbaza liturjiya ya Pasika. « Ese umuco wa Kristu azukiye mu buninahazwa wokwirukana umwijima mu mutima wacu no mu bwenge bwacu »[7] maze twese dushobore kwumva vya vyiza vyashikira abigishwa b’i Emawusi : kwumviriza ijambo ry’Umukama n’ugufungura umukate w’Ukaristiya bize bifashe umutima wacu gusubira kururumba mu kwemera, ukwizigira n’urukundo.
    
Ndabahezagiye bivuye ku mutima kandi ndabasabira. Ntimwibagire namwe kunsabira.


Bigiriwe i Vatikano, ku wa mbere Munyonyo 2017
Umusi Mukuru cane w’Aberanda bose

FRANSISIKO

 

 

 

Iyi Nyigisho yahinduwe mu kirundi n’Ibiro vy'Abepiskopi gatolika bishinzwe ubutumwa
bw'ugukwiza hose Inkuru nziza


[1]    Texte original en italien: “segno sacramentale della nostra conversione”, in: Messale Romano, Oraison Collecte du 1er dimanche de carême. N.B. Cette phrase n’a pas encore été traduite dans la révision (3ème), qui est en cours, du Missel romain en français.
[2]    « C’est là que l’empereur du douloureux royaume/de la moitié du corps se dresse hors des glaces » (Enfer XXXIV,28-29).
[3]    « C’est curieux, mais souvent nous avons peur de la consolation, d'être consolés. Au contraire, nous nous sentons plus en sécurité dans la tristesse et dans la désolation. Vous savez pourquoi ? Parce que dans la tristesse nous nous sentons presque protagonistes. Mais en revanche, dans la consolation, c’est l’Esprit Saint le protagoniste ! » (Angelus, 7 décembre 2014).
[4]   Nn. 76-109
[5]    Cf Benoît XVI, Lett.Enc. Spe Salvi, n. 33
[6]    Cf Pie XII , Lett. Fidei donum, III
[7]    Missel romain, Veillée pascale, Lucernaire

Conférence des Evêques Catholiques du Burundi

visite ad limina

cecabmessage

historique

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 43 invités et aucun membre en ligne