Vous êtes ici : HomeVie d'EgliseMessagesIjambo rishikirijwe n'Inama y'Abepiskopi Gatolika b'i Burundi ku Munsi Mukuru wa Noheli 2018

Messages

Ijambo rishikirijwe n'Inama y'Abepiskopi Gatolika b'i Burundi ku Munsi Mukuru wa Noheli 2018

 

Twishimikije ukwizigira kwacu, nidufashe benewacu kubana mu bumwe no mu mahoro

Bakristu dusangiye ukwemera, Barundi, Barundikazi mwese.

1. Twebwe Abungere b’Ekleziya gatolika, turabaramukije tubipfuriza mwese umunsi mukuru mwiza wa Noheli. Noheli nziza! Twipfuza ko yobakaburira urukundo n’ukwiyumvamwo umuryango w’Ekleziya, ikabakaburira n’umwizero ubatuma mwitanga, kugira ngo ubutumwa bw’Ekleziya bw’ukunywanisha abantu n’Imana n’ukubungira ubumwe hagati yabo burushirizeho kuranguka neza.
2. Nkako Umwana w’Imana yatuvukiye, ni Umwami w’amahoro n’ubumwe. Ntiyabitwigishije mu majambo gusa, yaranabishingiye intahe, atako adusigarana n’umuryango ushingiye kuri We n’abatumwa yitoreye, kugira ngo iyo ntahe ibandanye yibonekeza. « Abamwakiriye bose, abemeye izina ryiwe, yabahaye ububasha bwo kuba abana b'Imana » (Yohani 1,12). Abo ni bo bagize uwo muryango ushinzwe kwinjiza abantu mu bumwe bw’Imana no kubavukanisha. Mugabo turavye uko ibintu bimeze ngaha iwacu, turabona ko impinga ikiri ndende.


Ng’ibi bimwe bimwe vyerekana ko hakiri agahaze


3. Intambwe twari twaramaze gushikako mu ngendo y’ugusubiza hamwe n’ukurekuriranira bifatiye ku nama z’umuryango mu madiyoseze atandukanye, yari yatumye abantu begerana. Ishirwa mu ngiro ry’ingingo zitari nke z’Amasezerano yabereye i Arusha mu mwaka w’2000, cane cane iy’ukuremesha n’ugutsimbataza intwaro rusangi, ryari ryatekanishije abantu batari bake, mu banyepolitike no mu banyagihugu nyene. Ihunguka ry’Abarundi benshi bari barahunze igihugu c’amavukiro, ryari ryasubirije umutima mu nda abantu batari bake. Ishingwa ry’Umurwi ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe kw’Abarundi, ryari ryakaburiye benshi umwizero. Urugero Abarundi bari bagezeko mu kwishira n’ukwizana be no mu guserura ivyiyumviro vyabo ata gitsure rwari rwaraduhesheje iteka mu makungu. Eka mbere n’ibindi bimenyetso bitari bike vyatanga umwizero.

4. Ariko ubu, n’aho Abarundi twese tutabona ibintu kumwe, hariho ibituma umuntu yibaza: mubona umwizero waranga abakristu mw’itegurwa no mw’isasa ry’amanama y’umuryango mu madiyoseze ukiri wa wundi? Mubona abanyepolitike bafitaniye umwizero ukwiye ngo bicarane, baganire, baronderere hamwe inyishu z’ibibazo bihanze igihugu? Erega bitabaye uko, ntibiheza ngo bihumurize Abarundi bose, na cane cane abahungiye hanze y’igihugu muri iyi myaka. Ubwo mu gihugu ho, harabuze abatekewe n’ubwoba kandi badashobora n’ukubiserura kubera igitsure c’Abarundi benewabo bamwe bamwe? Ubwo harabuze Abarundi batakironka aho baserurira ivyiyumviro vyabo kandi bavyipfuza? Mbega ubwo Umurwi w‘ukuri n’ugusubiza hamwe uracakomeye ku ntumbero y’ukunywanisha Abarundi?
5. Mu vy’ukwemera naho nyene hariho ico umuntu yokwibaza: Ingingo ya mbere y’Ibwirizwa shingiro ivuga ko Uburundi ari Republika itegamiye idini na rimwe, ubwo Abarundi barayitegera neza? Ko umengo hari abasigaye bajuragirika mu vy’ugusenga? Erega uguhatirwa gusengera mw’idini utarimwo canke mu buryo utemera, biciye kubiri n’uburenganzira bwa zina muntu bwemejwe n’iryo Bwirizwa shingiro nyene. Mbega nk’abakristu bajuragirika kubera uguhahamira amaronko canke ugutinya uruhamo, ntibazoteba bagashikanwa ku rugero rw’aho basanga bariko barasenga ibigirwamana nk’uko vyigeze kubaho muri kahise k’Ekleziya?

 

Nidusanganire Umwami w’amahoro yatuvukiye, adukomereze umwizero

 

6. Aho uwo Mwami w’amahoro yavuka, abamarayika baciye bashira mw’ijwi bati: «Imana nininahazwe hejuru mw'ijuru,kw'isi na ho hayagwe amahoro ku bo Imana ikunda!» (Luka 2,14). Noheli ni umunsi twibuka ko Umwami w’amahoro yatuvukiye. Nkako Kristu « niwe Mahoro yacu » (Abanyefezi 2,14). Natwe rero tubipfurije ayo mahoro akomoka kuri uwo Mwami w’amahoro akaba ari Imana ije kubana natwe. Uwo Mwami ni we nyene aturemesha ati: « ndabasigaranye amahoro, ndabahaye amahoro yanje, sindayabahaye nk’uko ab’isi bayatanga » (Yohani 14, 27). Uwo atubwira artyo, ni Imana ije kubana natwe, ntashobora kwihenda canke ngo aduhende, kandi adutumirira kuja mu muryango w’abana b’Imana baremesha amahoro ati: « Hahiriwe abaremesha amahoro kuko bazokwitwa abana b’Imana » (Matayo 5,9). Tuzoyaremesha ari uko twemeye kurondera kubana neza n’abandi no kwubakira hamwe igihugu catwibarutse nk’abana b’umuvyeyi umwe. Ivyo na vyo bizoshoboka nitwemera kugendera rya bwirizwa ry’urukundo ridusaba kwubahana n’ukwubahiriza zina muntu wese.
7. None rero Bakristu dusangiye ukwemera, turabahanuye :
a) Ntimukigere mudohoka ku Nkuru nziza ya Yezu Kristu mwama mwigishwa, kuko ari yo nkingi y’ubuzima bwanyu. Nka Paulo Mweranda tugize tuti: « Kristu nabe mu mitima yanyu kubera ukwemera, mushinge imizi ifatiye ku rukundo » (Abanyefezi 3,17). Uwo Kristu ni we Nzira, Ukuri n’Ubuzima, ntawushikira Data atamuciyeko (raba Yohani 14,6). Nimwamwakira mu mitima yanyu no mu buzima bwanyu, muzoheza munywane na Data kandi mushobore kuba umunyu n’umuco w’isi (raba Matayo 5,13-14).
b) Nimurwanye amacakubiri aho afatira hose, haba ku madini, ku migambwe, ku ntara, ku moko no ku miryango. Ico ni co gisabisho nyamukuru Yezu yashikirije Se wiwe igihe yagira ati: « Ese bose boba umwe » (Yohani 17,22). Ico atwipfuriza ni uko twebwe abiwe twese tworangwa n’ubumwe bw’ukuri, bukagaragarira mu bumwe bw’umuryango no mu bumwe bw’ukwemera.
c) Nimugamburukire Ekleziya mawe wacu, mu nyigisho no mu mpanuro ibashikiriza kuko Ekleziya ni yo « nkingi n’ishimikiro ry’ukuri » (1 Timote 3,15). Nk’uko mwavyigishijwe, ukugamburukira Ekleziya bigaragarira mu kuguma mu bumwe n’Abepiskopi bari kumwe n’Umuvyeyi wacu Papa, Umusubirizi wa Petero Mweranda, umukuru w’abatumwa.
d) Nimwirinde ugusenga n’ukwirukira ibigirwamana uko biba kwose. Ntimwemere guta ukwemera kwanyu ku gutinya igitsure canke ku kwirukira ivyicaro vya politike n’amaronko, kuko ukwemera kwacu kurusha igiciro inzahabu (raba 1Petero 1,7).


Ugusozera


8. Turangije tubipfuriza n’umwaka mwiza w’2019. Ubabere umwaka w’amahoro n’ugusubiza hamwe mu mitima yanyu, mu ngo zanyu, mu mibano no mu gihugu cose. Ese abaturongoye mu ntwaro n’abanyepolitike bokwitaba ako kamo, bakugurukira ibiganiro binywanisha Abarundi be n’ico cose cotuzanira umwizero usumbirije. Umusi wa mbere Nzero usanzwe ari umunsi mpuzamakungu wo gusaba amahoro, uratubera akaryo keza ko kubasabira ngo bakire umuco Kristu Umwami w’amahoro atuzaniye, bitwararike gusumba ineza y’abo bashinzwe. Uwo Mwami w’amahoro yatuvukiye nabahezagire mwese yongere atuzigamire Uburundi bwacu.
Bikira Mariya Mugabekazi w’amahoro, dusabire.


Bigiriwe i Gitega, ku wa 07 Kigarama 2018.

 

Abungere banyu b’Ekleziya gatolika y’i Burundi.


*Iri Jambo rizosomwa icese mu misa zo ku munsi mukuru wa Noheli 2018.

Cliquer sur Message en kirundi pour le télécharger.

Conférence des Evêques Catholiques du Burundi

visite ad limina

cecabmessage

historique

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 41 invités et aucun membre en ligne