Vous êtes ici : AccueilVie d'EgliseMessagesInyigisho ya Papa yerekeye Ikarema y'Umwaka w'2019

Messages

Inyigisho ya Papa yerekeye Ikarema y'Umwaka w'2019

 

INYIGISHO YA PAPA YEREKEYE IKAREMA Y'UMWAKA W'2019


« Erega ibiremwa vyose birarindiranye igishika cinshi igihe Imana izokwerekanira abana bayo » (Abanyaroma 8, 19)

 

Bavukanyi,

 

Uko umwaka utashe, Imana iciye ku muvyeyi wacu Ekleziya « iraha abakristu uburyo bubereye bwo kwitegurira amabanga ya Pasika mu gahimbare k’umutima urtyoroye » (Iprefasi ya mbere y’i Karema 1) kugira ngo bavome mu binyegezwa vy’urukiza umwuzurira ushikirizwa n’ubuzima bushasha muri Kristu. Gurtyo tukazoshobora kubandanya urugendo tuva kw’Ipasika tuja ku yindi gushika ku mwuzurira w’urukiza twamaze kuronkera ingwati mu vyiza vya Pasika ya Kristu : kuko « Twaramaze gukira, ariko biracari mu mwizigiro » (Abanyaroma 8,24). Ico kinyegezwa c’urukiza, gisanzwe kiriko kirarangukira muri twebwe muri buno buzima bwo kw’isi, ciyerekana nk’urugendo ruzima runashikira n’ibihe uko bigenda bihererekanya hamwe n’ibiremwa vyose uko vyakabaye. Paulo mweranda ni we abivuga ati : « Erega ibiremwa vyose birarindiranye igishika cinshi igihe Imana izokwerekanira abana bayo » (Abanyaroma 8,19). Ni muri iyo ntumbero nashaka gushikiriza ivyiyumviro bimwe bimwe vyomurikira inzira turimwo y’uguhinduka muri iyi Karema yimirije.

 

1. Urukiza rw’ivyaremwe

Ihimbazwa ry’ukubabara, ry’urupfu n’izuka vya Kristu muri irya minsi myeranda itatu irongora umunsi wa Pasika, ari na yo merekezo makuru y’umwaka wa liturjiya, riduhamagarira igihe cose urugendo rwo kwitegura, tukamenya neza ko ukwishushanya na Kristu (raba Abanyaroma 8,29) ari ingabirano ntangere y’ikigongwe c’Imana.

Igihe umuntu abayeho nk’umwana w’Imana, akabaho nk’umuntu yakijijwe agenzwa na Mutima Mweranda (raba Abanyaroma 8,14), akamenya kandi yongera ashira mu ngiro ibwirizwa ry’Imana, ahereye kw’ibwirizwa ryanditswe mu mutima wiwe no mu ndinganizo y’ivyaremwe, gurtyo aba ariko aragirira ineza ivyaremwe, afasha Imana kubishikiriza urukiza. Ni co gituma ivyaremwe, nk’uko Paulo Mweranda abivuga, vyumva bifise inyota nyinshi ko abana b’Imana bokwibonekeza, ni ukuvuga ko abiyumvamwo ingabirano ziri mu kinyegezwa c’urukiza muri Kristu zikongera zikabera vy’ukuri mu vyamwa vyarwo, na vyo bikaba vyategekanirijwe gushikira umwuzirira w’iyera ryavyo mu rukiza rw’umubiri w’umuntu. Igihe urukundo rwa Kristu ruhinduriye umwakaka ubuzima bw’aberanda – ubwenge, umutima n’umubiri -, baca bacika ininahazwa ry’Imana mu gisabisho, mu kuzirikana utangarira ivyiza vy’Imana, mu tugenegene tw’ubuhinga, bagaca bifashisha ibindi biremwa nk’uko bigaragazwa na ya « ndirimbo y’ivyaremwe » y’umweranda Fransisiko w’i Asizi (raba Inyigisho y’ubutumwa Laudato Sì,n.87). Ariko rero muri ino si, ubwo bwiza bunengesereye buzanwa n’urukiza, bwama bugeramiwe n’ubukomezi bubi bw’igicumuro n’urupfu.


2. Inguvu zisambura z’igicumuro

Kukaba nkako, iyo tutabayeho nk’abana b’Imana, duca tugira inyifato isambura ku bijanye n’imigenderanire na mwene wacu hamwe n’ibindi biremwa, eka mbere no mu bitwerekeye, tukibaza ko ivyo vyose dushobora kubikoresha twironderera kuryoherwa gusa. Ingeso y’ukutigumya ica ituganza, maze ikadutumbereza indinganizo y’ubuzima ifutanya agateka kacu ka muntu n’ak’ibiremwa, kandi twotegerejwe kukubahiriza. Duca dutwarwa n’ivyipfuzo bituganza ari na vyo Igitabu c’ubwitonzi citirira ababisha, ni ukuvuga abantu badafata Imana nk’urugero rw’inyifato yabo, gurtyo bakahaburira umwizero wa kazoza (raba Ubwitonzi 2,1-11). Tutagumye duhanga amaso Pasika ubudahengeshanya, tuyerekeza kw’Izuka, bica bigaragara ko ingendo yo gushaka kuronka vyose kandi buno nyene n’ukurondera kuguma wongereza itunga iteba igatsimbatara.

Nk’uko tubizi, inkomoko y’amabi yose ni igicumuro, na co, kuva cadutse mu bantu, kikaba carasambuye ubunywanyi hamwe n’Imana, hamwe n’abandi bantu, hamwe n’ibindi biremwa dusanzwe dufitaniye imigenderanire ica ku mubiri wacu. Isambuka ry’ubwo bunywanyi dufitaniye n’Imana ryaranafutanije ubwiza bw’imigenderanire ihuza abantu hamwe n’iyiduhuza n’ibidukikije vy’aho abantu bahamagariwe kuba, ku buryo ahobaye umurima hahindutse ubugaragwa (raba Amamuko 3,17-18). Iki ni co ca gicumuro gituma umuntu yifata nk’akamana k’ivyaremwe, akibona nk’umukuru aganza vyose, maze agaca akoresha ivyaremwe atisunze intumbero yari yaringanijwe n’Umuremyi, akagenzwa n’ico yita inyungu yiwe kandi ariko aracuvya ivyaremwe hamwe n’abandi bantu.

Igihe umuntu ahevye itegeko ry’Imana, itegeko ry’urukundo, harateba hakiganza itegeko ry’uwufise igikenye akandamiza ba magara make. Ca gicumuro kiba mu mutima w’umuntu (raba Mariko 7,20-23) – kikaba cibonekeza mu biranga umwina w’ivy’isi, igisharara co kumererwa neza birengeje, umutima wo kutitaho ineza y’abandi, mbere umuntu ntiyiteho n’ineza yiwe nyene – nya gicumuro cerekeza ku kwegeranya n’ugukoresha ibiremwa, abantu n’ibidukikije, ivyo bikaba umuntu agumbiriwe n’uwo mwina udahoma, nawo ukaba ufata icipfuzo cose nk’uburenganzira, maze bitebe bitebuke kigahereza gutwara n’umwe yacemereye ko kimuganza.


3. Inguvu zikiza z’ukwigaya n’iz’ikigongwe

 

Ni na co gituma ivyaremwe bikeneye vyihuta ko abana b’Imana biyerekana, abacitse « ikiremwa gishasha » : « Ni uko rero, umuntu wese ni yaba ari muri Kristu, ni ikiremwa gishasha, ivya kera vyarashize, ibishasha biri aho » (2 Abanyakorenti 5,17). Kukaba nkako, ibishasha vyiyerekanye, ivyaremwe na vyo nyene bica bishobora kuba muri Pasika : bikugurukira amajuru mashasha n’isi nshasha (raba Ivyahishuwe 21,1). Inzira yerekeza kw’Ipasika iduhamagarira guhindura uko dusa n’uguhindura umutima wacu w’abakristu mu kwisubirako, mu guhinduka no mu kugira ikigongwe kugira ngo dushobore kuba mw’itunga ry’umwuzurira w’ingabirano z’ikinyegezwa ca Pasika.

Ico gishika cinshi, uko kurindira kw’ivyaremwe, bizoherana n’igaragazwa ry’abana b’Imana, ni ukuvuga igihe abakristu hamwe n’abantu bose bazokwinjirira ubutagisubira inyuma mu gikorwa c’uguhinduka. Ivyaremwe vyose bihamagariwe hamwe natwe kuva « mu buja bw’ibibora, ngo bishikire umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana » (Abanyaroma 8,21). Ikarema ni ikimenyetso kimeze nk’isakaramentu ry’uko guhinduka. Na kwo guhamagarira abakristu kugaragaza mu buzima bwabo mu buryo busumbirije ikinyegezwa ca Pasika, haba mu buzima bw’umwe umwe, haba mu buzima bw’umuryango n’ikibano, na cane cane mu kurangura vya bikorwa vyiza vy’ukwisonzesha, vy’ugusenga n’ugufasha aboro.

Ukwisonzesha, ni ukuvuga kumenyera guhindura inyifato mu migenderanire dufitaniye n’abandi no muyo dufitaniye n’ivyaremwe : kuvavanura n’inyosha mbi yo gushaka gukegeta vyose ngo wimare inambu y’ivy’isi, ukagira ubushobozi bwo kwemera kubabara kubera urukundo, ubwo bukomezi na bwo bukaba ari bwo bumara inambu y’umutima wacu. Ugusenga kugira ngo umuntu ashobore guheba ibigirwamana n’ubwibone bwa muntu, hamwe n’ukumenya ko ukeneye Umukama n’ikigongwe ciwe. Ugufasha abakene kugira ngo umuntu yikure mu bujuju bw’ukubaho wirundarundira vyose, ukibaza ngo uriko uraziganiriza kazoza udafiseko ububasha. Gurtyo ni ho umuntu aronka akanyamuneza k’umugambi w’Imana ku vyaremwe no ku mutima wacu, umugambi wo kuyikunda, wo gukunda bene wacu n’isi yose, maze tugakura muri urwo rukundo ubuhirwe nyakuri.

Bavukanyi, Ikarema y’umwana w’Imana yagizwe n’ukwinjira mu bugaragwa bw’ivyaremwe kugira ngo bucike umurima w’ukunywana n’Imana, wa murima wariho imbere y’igicumuro c’inyanduruko (raba Mariko 1,12-13 ; Izaya 51,3). Ese iyi karema yacu yodufasha gusubira muri urwo rugendo kugira ngo tunashobore gushikiriza umwizero wa Kristu ivyaremwe vyose, kugira ngo « na vyo nyene bimaze gukira bwa buja bw’ibibora,(…) bishikire umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana » (raba Abanyaroma 8,21). Ntitureke ngo uwu mwanya mwiza upfe ubusa ! Nidusabe Imana idufashe gutumbera inzira y’uguhinduka vy’ukuri. Niduhebe ukwigungirako, ubwibone, duheze twerekeze amaso kuri Pasika ya Yezu : Nitwiyegereze abavukanyi bari mu bibagoye, dusangire nabo ivyiza vy’umutima n’ivy’umubiri. Gurtyo, mu kwakira mu buzima bwacu intsinzi ya Kristu ku gicumuro no ku rupfu, tuzokwegera kandi ku vyaremwe, ububasha bwayo bw’uguhinduka.

 

Bigiriwe i Vatikano, ku wa 4 Gitugutu 2018
Umunsi mukuru w’umweranda Fransisiko w’i Asizi


Iyi Nyigisho yahinduwe mu kirundi n’Ibiro vy'Abepiskopi gatolika bishinzwe ubutumwa
bw'ugukwiza hose Inkuru nziza.

Conférence des Evêques Catholiques du Burundi

visite ad limina

historique

                                                                                                                   affiche2017

Qui est en ligne?

Nous avons 47 invités et aucun membre en ligne