Vous êtes ici : HomeVie consacréeNouvellesMURI UKU KWEZI KWA MUKAKARO 2018, DIYOSEZE YACU YA GITEGA YARAGABANYE ABATUMWA BASHASHA BATARI BAKE MU MIRYANGO ITANDUKANYE Y’ABIHEBEYE IMANA

Nouvelles

MURI UKU KWEZI KWA MUKAKARO 2018, DIYOSEZE YACU YA GITEGA YARAGABANYE ABATUMWA BASHASHA BATARI BAKE MU MIRYANGO ITANDUKANYE Y’ABIHEBEYE IMANA

                                

1. Kuwa 6, italiki 7/7: kw’i paruwase ya Nyabiraba, Umwungere wacu yarakiriye indagano zambere z’ababikira 5, bo mu Muryango wa Bene Fransisko b’Umusalaba waninahaye. Abanovise bagize izo ndagano ni Kolodine Niyonizigiye, Eveline Ncutinamagara, Odrine Niyonizeye, Marisiyana Ntakarusho na Misika Cishahayo.

2. Ku musi w’Imana, igenekerezo rya 8/7 naho, yakiriye, muri Paruwase Bikinga, indagano z’ababikira 4 bo mu Muryango w’Abatumwa b’Icungurwa. Nabo ni aba: Deniza Njejimana, Patirisiya Nduwayezu, Evelyne Nduwimana na Sezariya Nshimirimana.
 
3. Ku musi wa 3 igenekerezo rya 11/7: Umwungere wacu yakiriye indagano za mbere za Novice Ildegarde wo mw’i Monasteriyo y’Ababikira Bakomacoto b’Ubutatu bweranda muri Paruwase ya Buhoro. Nkuko bisanzwe muri wo Muryango, uwugize indagano aca ahindura n’izina. Yaciye yitwa rero Mama Mariya Ludovika w’i Montforo. Akaba avuka muri Paruwase Shombo.

4. Ku musi wa 6, italiki ya 14/7: Umwungere yarakiriye indagano mu Muryango w’Ababikira ba Bikira Mariya Mugabekazi w’Ubusaserdoti bweranda, mu nkuka y’imisa yaherejwe kuri Paruwase Nteguza ya Bwoga-Kiyojya. Abanovisi bagize indagano za mbere ni Deziderata Ndereyimana (wo mu Kibumbu-Gitega); Mariya Esperance Ciza (Mutoyi-Gitega); Helena Niyonzima (Mutoyi-Gitega), Klodine Nabucaziza (Mivo-Ngozi), Sikariyana Ndoricimpa (Rukago-Ngozi) na Lusiya Musavyimana (Bugwana-Muyinga). Mama Imakulata nawe yagize indagano z’imyaka itatu.

5. Ku musi wa 1 igenekerezo rya 16; umwungere yakiriye indagano z’abafurera 3 Bene-Kamilo mweranda n’iz’umubikira umwe wo Mubagenzi b’Abababara bazohava bitwa nabo nyene Bene-Kamilo nkuko biri mu bindi bihugu.

7. Ku wa Mungu, italiki 22/7: Umwungere wacu yarakiriye muri Katedrale, ku Mushasha, indagano z’ababikira 7 bo mu Muryango w’Abagendanyi b’Umwungere Mwiza. nabo ni aba: Mama Deniza Nizeyimana; Deniza Niyonkuru; Kariniya Nimbona; Francine Niyonzima; Aline Nizigama; Diyana Nsengimana na Anastaziya Ntakiyisumba.

8. Ku musi wa 6, igenekerezo rya 28/8 naho, niho Umuryango w’Ababikira Bene Berenadeta wahereza abawo bagira indagano. Inkuka y’imisa yabereye muri Katedrale ya Mushasha, irongowe n’Umwungere mukuru wa Diyoseze yacu. Abanovisi bagize indagano za mbere ni: Estella Niragira (Rumeza-Bururi), Janete Adelayida Nsengiyumva (Kiguhu-Rutana), Lehonsiya Ntirambeba (Mpinga-Rutana), Godeliva Seshahu (Cankuzo-Ruyigi) na Fransine Misigaro (Kibumbu-Gitega). Abagize indagano burundu ni Mama Esperansi Makuraza (Jenda-Bujumbura) na Mama Lehosiya Mukundiricyo (Vyumba-Bujumbura). Inararibonye yigina Yubile ya 25, yari Mama Edwije NDEREYIMANA (Buziracanda-Bujumbura)


                                


                                                         (Vyatororokanijwe na
                                                      Patiri Timothée HAKIZIMANA
                                                         Dismas NTAHOMVUKIYE

                                                                                                                   affiche2017

ndongozi

Qui est en ligne?

Nous avons 47 invités et aucun membre en ligne