UMURYANGO W’ABIGISHWA BA YEZU WARAYE WIBARUTSE URARAMURA

“Ico ndabategetse nuko mwokundana”

Mu muryango w’Abigishwa ba Yezu Kristu, abigeme umunani baragize indagano za mbere, abandi babiri nabo bihereza Imana mu ndagano za burundu. Aho hari ku wa gatandatu w’igenekerezo rya 13 Mukakaro uyu mwaka w’2019. Ibirori vyabereye mw’isengero nkuru ya diyoseze ya Bururi yitiriwe “Bikira Mariya Mugabekazi” birongowe na Nyencubahiro Musenyeri Venansi Bacinoni, asanzwe ari Umwepiskopi w’iyo diyoseze akikijwe n’abasaserdoti biwe batari bake.

Amazina y’abo bigeme umunani bihaye Imana ubwa mbere ni: Sesilia AJENEZA avuka ku Munini muri diyoseze ya Bururi, Nadine BUTOYI wo muri paruwase Bururi muri diyoseze Bururi, Silvia NGENDAKUMANA wo muri paroisse Muremera muri diyoseze ya Ruyigi, Odila NIMPAGARITSE avuka muri paroisse Martyazo muri diyoseze Bururi, Ange NISENGWE w’i Nyangwa muri diyoseze nkuru ya Gitega, Yudita NIYONSABA w’ i Kanyinya muri diyoseze Bururi na Ivete NTIHINDAGIZWA w’i Buruhukiro muri diyoseze ya Bururi.
Ababikira bagize indagano zo kwiha Imana ubutacisubirako nabo ni Mama Violetta HAKIZIMANA avuka ku Ndava muri diyoseze nkuru ya Gitega na Mama Christina NIYONSABA avuka i Bururi muri diyoseze ya Bururi.

 

Amamuko y’ukwihebera Imana muri Ekleziya

Mu gihe yariko arasigura Ijambo ry’Imana, Musenyeri Bacinoni yaribukije ishengero ryari aho amamuko y’umuco mwiza cane wo kwihebera Imana muri Ekleziya agira ati:

Yezu agitanguye kwigisha yatoye abatumwa icumi na babiri ahamagara umwe umwe mw’izina ryiwe. Ariko naho yahamagara umwe umwe mw’izina ryiwe, ntiyagomba kuzorungika mu butumwa umwe umwe yirebanga, yagomba ko babanza kugira umubano, umuryango n’umuvukano. Mu nyuma zaho, Yezu yahavuye atora abandi bigishwa mirongo indwi na babiri, kugira ngo yerekane ko ubutumwa azotanga atari ubwa bakeyi gusa. Iragi Yezu yasigaranye abatumwa n’abigishwa biwe ni iryo gukundana: “Ico mbategetse ni uko mwokundana”.

Yarabandanije agira ati: “Mwebwe rero turamutse dukeza uyu musi mwitwa , muri abagendanyi biwe, mwemeye kuzokwama mumuteze amatwi ngo abigishe. Ukwumviriza Yezu Kristu mwabishize imbere y’ibindi vyose. Yamara rero, biroroshe gusoma amajambo y’ indagano; ikitoroshe ni uko ku musi ku musi, uwazigize yamiza ku muzirikanyi ubworo, ubwerentegerwa n’ubugamburutsi. Mu muryango w’Ekleziya, ukwihebera Imana ni umuhamagaro w’Imana utumira umuntu kuyihebera, kuyegera n’ukuyihereza ngo ayikorere. Uwiyumvisemwo iryo jwi, araheza akarondera akanya gakwiye ko kurizirikana, akarondera kandi akegera abarezi bamufasha gutohoza ko ivyo yiyumvamwo vy’ukuri ari umuhamagaro w’Imana canke ko zitoba ari indoto gusa”.

Akaranga n’amabanga y’Abigishwa ba Yezu Kristu.

Imbere yo kwakira indagano z’abo bigeme b’Imana, umukuru w’Umuryango Mama Ildegunda SINDAYIRWANYA amaze kubibasabira n’ukwemeza icese ko babikwiye, Musenyeri Venansi Bacinoni yarabashikirije ingingo zimwe zimwe zigenga akaranga n’ubutumwa bw’abihebeyimana mu Muryango w’Abigishwa ba Yezu Kristu. Aho yagize ati: “Umwigishwa-Mugendanyi wa Yezu Kristu arangwa n’urukundo nk’urwo we nyene yadukunze, yamiza ku mutima gushikiriza abandi Inkuru nziza y’urukiza, mu migenzo yiwe, mu mpanuro no mu nyigisho zitomoye. Yemera gushigikira abandi bavugiramana ngo babangukirwe mw’ibanga ryabo ngo baronke uburyo n’ubuhinga bukwiye bwo kumenyesha Imana, yemera kwama asoma ijambo ry’Imana akarizirikana, kugira ngo rimukomereze ukwemera, ryongere rimuhe umuco wo gutahura ubutumwa bw’Imana mu bantu. Umwigishwa-Mugendanyi wa Yezu Kristu yemera gutohoza uburyo bwose bw’ukwigisha n’ugushikiriza ijambo ry’Imana mu bantu b’ubwoko bwose, mu mpande zose, mu maparuwasi, mu mashure, mu barwayi, mu baboshwe, mu mibano rukristu no mu ngo. Umwigishwa-Mugendanyi wa Kristu, aho ari hose, mu babanyi no mu mirimo, ategerezwa gufasha benewabo, ngo babe umuryango ubushitse w’Ekleziya”.

Twobamenyesha kandi ko Umuryango w’Abigishwa ba Yezu Kristu umaze imyaka mirongo itatu n’itatu ushinzwe na Musenyeri Bernardo Bududira yahoze ari umwepiskopi wa diyoseze ya Bururi; umaze gushitsa ababikira mirongo icenda na batandatu n’abakiri mw’irerero mirongo ibiri. Ababikira bakaba bakwiragiye mu mibano cumi n’indwi mu ma paruwasi y’ama diyoseze ya Bururi, Rutana, Bujumbura, na Ngozi, mu Rwanda, muri Kameruni no mu Butaliyano. Uwo muryango ukaba ufise n’ishami ry’abunganirabutumwa mu bakristu b’abalayike.

                                                                      Zénon NZEYIMANA