UMUSI W’UGUSOZERA INDWI Y’URUKUNDO 2020 MURI DIYOSEZE YA BURURI

UMUSI W’UGUSOZERA INDWI Y’URUKUNDO 2020 MURI DIYOSEZE YA BURURI

«Urukundo muzokundana ni rwo ruzomenyesha bose ko muri abigishwa banje». (Yohani 13, 35)

 

Ku musi w’Imana w’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2020, diyoseze ya Bururi yarasozereye ibikorwa vyahariwe Indwi y’urukundo. Ibirori vy’urwo rubanza vyabereye muri paruwase ya Nyanzalake mu nkuka ya misa yaherejwe mw’isengero yitiriwe Bikira Mariya Mugabekazi w’Irozari birongowe na Nyakubahwa Musenyeri Lehonidasi Nitereka yahoze ari icegera ca Musenyeri Venansi Bacinoni nawe akaba yahora arongoye diyoseze ya Bururi. Muri ico gisabisho hakaba hari na Patri Prosperi Karerwa umunyamabanga nshingwabikorwa wa COPED CARITAS Bururi na Patri Anakleto Ndikumana arongoye paruwase ya Nyanzalake.

I Nyanzalake abakristu bari bahakoraniye bavuye mu mihingo yose ya paruwase, baje bashoreje amashishiro y’ivyo bari bamaze indwi yose begeraniriza aboro nkuko bari batewe akamo n’abarongoye umuryango w’abakristu: ibifungurwa, ivyambarwa, amahera n’ibindi. Abakristu bose n’abandi bantu b’umutima mwiza bari bararikiwe kuzomara indwi yose begeraniriza aboro imfashanyo, ivyo bikaba biri mu rwandiko Patiri Prosperi Karerwa umunyabanga nshingwabikorwa wa COPED CARITAS Bururi yari yarungikiye amaparuwase yose avuga ati: “Muri iyo ndwi yahariwe urukundo n’ugufashanya, umuntu uwari we wese afise umutima wiyumvira kandi witwararika abandi, atarinze kuraba idini arimwo yotanga ico ashoboye cofasha aboro n’abakene: amafaranga, ivyimburwa, impuzu canke ibindi…”.



“Kaze murisanze”.

Mw’ijambo ry’uguha ikaze abashitsi, Patiri mukuru wa paruwase Anakleto Ndikumana yaramenyesheje ko ari iteka ntangere ku bakristu arongoye kubona ibirori bisozera indwi y’urukundo diyoseze yashimye ko bibera i Nyanzalake ati: “Kuri uyu musi hano iwacu twatewe iteka. Twaje tuva mu mihingo yose, dufise akamwemwe kenshi ko kwakira intumwa za diyoseze, tukanakenguruka ingingo yafashwe y’uko ibikorwa vyo gusozera indwi y’urukundo vyobera ngaha iwacu. Turabahaye ikaze, murisanze, kaze turakengurutse”.

“Urukundo rudaharura”.

Mu gihe yariko arahereza inkuka ya misa, Musenyeri Lehonidasi yarakeje umuryango w’abakristu ba paruwase ya Nyanzalake ngo kuko mu ndwi y’urukundo yo mu mwaka uheze bari bakoranye ubwira bwinshi bwari bwatumye baronka ikibanza ciza cane mu mfashanyo bashikanye mu kigega rusangi ca Karitasi ya diyoseze, ati: “Uyu musi turiko turasozera ibikorwa vy’indwi y’urukundo, ni urukundo rwugurukira zina muntu wese, urukundo rurondera kwubaka mu bantu bose umuryango umwe rudende w’abana b’Imana. Ni urukundo rutwibutsa ko zina muntu wese yaremanywe ishusho y’Imana kandi afise iteka ry’ukuba umwana w’Imana, akundwa n’Imana kandi ko Imana ishaka ko abaho kandi akabaho neza, akazosangira na Yo ubuzima budahera. Ni urukundo rudashobora gutoranya, rudakumirra kandi rudaharura…”.

 

“Turonke amaso nk’ay’Imana”.

Uwo yahoze ari icegera ca Musenyeri Bacinoni yaribukije ko indwi yahariwe urukundo ari akaryo ko gusubira kuzirikana ko urukundo atari ibwirizwa gusa, ari akaranga k’abakristu kuko Yezu avuga ngo: “Urukundo muzokundana ni rwo ruzomenyesha bose ko muri abigishwa banje”. Ijambo ry’Imana dushikirizwa n’amasakramentu duhabwa, tubironka kugirango turonke amaso nk’ay’Imana, kugira ngo tubashe kuraba n’ukubona abantu n’ibintu nkuko Imana ibiraba kandi ibibona; tubashe kandi gukunda abantu nkuko ibakunda n’ukuraba ibintu nkuko Imana ibiraba”.

Kubwa Musenyeri Lehonidasi, urukundo ngo si ibwirizwa gusa ku bemera Kristu, ngo ni akaranga. Ashishikara avuga ati : « Ni yaba Yezu (urukundo) yararudusigaranyeko ibwirizwa rishasha ni kubera y’uko ubuzima bwacu budashoboka mu gihe tubaho tutagira urukundo kuko urukundo ari rwo buzima. Ahari urukundo, naho hoba ubukene, ubuzima burabandanya, kandi abantu bakundana ubukene ntibaba bakibubonamwo intambamyi y’ubuhirwe bwabo. Mu guhimbaza uyu musi usozera indwi y’urukundo, ntidusabe Imana ngo iduhe amaboko yo gutanga ibintu gusa, ni tubanze tuyisabe guhinduka n’ugusa na Yo. Tuyisabe iduhe amaso yo kuraba n’ukubona abakene nk’uko ibabona. Dusabe Imana iduhe kugira urukundo nk’urwa Yo tubashe kwugurukira n’ugukunda zina muntu wese”.

Nyanzalake mu mfuruka y’ubumanuko bw’Uburundi

Ikindi twobameyesha n’uko iyo paruwase Nyanzalake isanzwe iri mu ntara ya Makamba mu mfuruka y’impera z’ubumanuko bw’Uburundi yari ikeneye gukorerwamwo uburorero bwinshi bw’ibikorwa vy’urukundo. Kanatsinda isanzwe iharurwamwo abantu benshi cane, rimwe na rimwe bikanagorana kumenya neza igitigiri c’abayibamwo kuko gihinduka uko bukeye uko bwije. Ni ahantu hakunze kuboneka uruja n’uruza rw’abantu baza kuharondera akazi cane cane kubera uburovyi bwo mu kiyaga ca Tanganyika n’imirima y’ibigazi ihagwiriye. Uko haba abantu benshi kukaba ari ko haja haragwiramwo n’abatagira uburyo bwo kubaho. Twovuga nk’abimukira bakivuye mu zindi ntara z’igihugu n’abimukiyeyo kera batashotse baronka amatongo barima canke bataharonse iyindi mirimo ishobora kubatunga, twovuga n’abahaca bariko barondera amayira yo kujabuka mu bindi bihugu bavuga ko bagiye “kurondera ubuzima”, canke abagarutse bavayo. Nyanzalake kakaba ari n’akarere gakarirwa n’amasanganya aturutse kw’ihindagurika ry’ibihe nk’ibihuhusi n’imyuzurira bidasiba kwonona imirima n’amazu. Bigasigura ko paruwase yama ifise abantu baza kuyitabaza n’ukuyitega amashi. Ukuhasozerera ibikorwa vy’indwi y’urukundo muri diyoseze bikerekana ko abayirongoye bafise ku mutima ivyo bibazo.

Zénon Nzeyimana