URUGENDO RW’ABASASERDOTI BASHASHA KU KIRIMBA C’UMWEPISKOPI WA DIYOSEZE IRI I BURURI

URUGENDO RW’ABASASERDOTI BASHASHA KU KIRIMBA C’UMWEPISKOPI WA DIYOSEZE IRI I BURURI

«Kaze bavukanyi mwashikiye mu muryango munini wa diyoseze. Turabahaye ikaze ngaha mu nzu iwacu ari ho mu nzu iwanyu. Ni mumenye ko ngaha ari i muhira, muzoze mwisanga ».

 

Musenyeri Venansi Bacinoni, Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bururi yarakiriye ku kirimba ciwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 21 Munyonyo 2019, umugwi w’abasaserdoti bashasha. Bakaba ari abo yatiye muri iryo banga mu kwezi kwa Mukakaro guheze.

Urwo rugendo ruhire rukaba rwahuriranye n’umusi Ekleziya yari yiriwe irahimbaza iherezwa rya Bikira Mariya. Nkuko Musenyeri Venansi yabishikirije, intumbero y’urwo rugendo rw’indamukanyo y’abasaserdoti bashasha kwari ukubereka n’ukubashikisha “i muhira”. Rukaba rwabaye mu bishingo bibiri: inkuka ya misa yakwirikiwe n’ikiganiro c’agatutu.

Mu nkuka ya misa, Umwepiskopi yarafashije abasaserdoti biwe bashasha na bakuru babo bari babaherekeje kuzirikana ibanga ryabo bisunze uguherezwa kwa Bikira Mariya. Raba iyo nyigisho yabahaye aha!

Amazina y’abari bitavye ubutumire bw’Umwepiskopi ni ba patri Alfredi Havyarimana, Atanazi Niragira, Libori Cishahayo, Liyoneri Ndayizeye, Melansi Emerimana, Ludoviko Benyamini Nduwamungu, Prosperi Nzisabira, Yohani Bosko Ntakirutimana, na Visenti Nkurunziza.

Twobamenyesha ko patri Ernesito Yamuremye atari yashoboye kwitaba ubutumire kuko amaze igihe ari ku musego yarakomeretse, ariko hakaba hari hitavye n’abadiyakoni babiri: Ildefunsi Sabiyumva na Steve Arakaza basanzwe barukanye n’ abo basaserdoti bashasha. Uwo mugenzo wo kuramukanya kw’abasaserdoti bashasha ku kirimba c’Umwepiskopi umaze imyaka itatu ikwirikirana udasiba bikaba biboneka ko utera akanyamuneza.

 

Zénon Nzeyimana