Patiri Pius NDUWIMANA yararengutse i Bukama atanumwe yari avyiteze!

Patiri Pius NDUWIMANA yararengutse i Bukama atanumwe yari avyiteze!

Ku musi wa kane, igenekerezo rya 9 myandagaro 2018, niho hashinguranwa iteka Patiri Pius Nduwimana. Inkuka y’imisa yahererejwe muri Katedrale yo ku mushasha, iherezwa n’umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega ahagatiwe n’abungere b’ama Diyoseze ya Ruyigi na Rutana, n’isinzi ryabasaserdoti. Abihebeyimana n’abakristu batari bake nabo nyene bari baje kumuherekeza.



Patiri Pius Nduwimana yari yavukiye mu Giheta /Rutegama/ kuwa 10/10/1971. Ama-shule matoya yayize kuva 1980 gushika 1988, ayisumbuye ayiga mw’iseminari ntoya y’i Mugera kuva 1988 gushika 1995. Inyuma yaho, amaze umwaka atohoza umuhamagaro w’ubusaserdoti mu bamisiyonari ba Afrika, yahisemwo gusaba Umwungere wa Diyoseze ya Gitega kuja mw’iseminari nkuru, atangurira i Burasira, asubira i Bujumbura, ahereza i Gitega. Umwaka wo kwimenyereza ubutumwa yawugize muri Paroisse Mutoyi. Yatiwe mu busaserdoti kuwa 16/7/2005. Aca atangura kurangurira ubutumwa muri paruwase Bugenyuzi muri 2005, hanyuma bamushira ku Rukundo muri 2007.  Kuva muri 2011 gushika ubu yarangurira ubutumwa muri Paruwase Nyangwa.
Patiri Pius yarafise ingabirano zidasanzwe nk’izo kwumviriza n’ukwunganira imitima imenetse, agasabira cane abarwaye. Yakunda gutumirwa kenshi kugirisha amapfungo abihebeyimana mbere n’abasaserdoti.  Yitabiye Imana ku kivi kuwa 4/8/2018, aho yari muri Kongo kwipfungisha ababikira bene Doroteya  b’i Cemmo. Nta gwara ihambaye yagendana.  
Nkuko umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni NTAMWANA, yavyerekanye mu nsiguro yatanze mu nkuka y’imisa gusabira Nyakwigendera Patiri Pius, ubuzima bwose bw’uwo musaserdoti, ni “ishure rizima”: yaranzwe n’ukunywana gose na Kristu mu gisabisho, ubugamburutsi, ukwicisha bugufi, urukundo rw’ubutumwa,... Musenyeri Simoni ati: “Urwo rupfu rwamubereye nk’agasimbaryango kamushikana kuwo yemeye: Indagano ziwe z’ubusaserdoti zirarangutse mu buryo bwuzuye. Kristu mfungurwa y’ubuzima ari kumwe nawe”.
 

Patiri Pius, ni wiruhukire mu mahoro y’Imana wamye wizigiye, wakunze kandi ugakorera !