UMUSI MUKURU WAHARIWE IJAMBO RY’IMANA

UMUSI MUKURU WAHARIWE IJAMBO RY’IMANA

«Imana mu kurema ibintu vyose yakoresheje Ijambo ryayo, ico Imana ivuze gica kibaho kuko Ijambo ryayo ari Rurema».

Kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga 2019, mw’Ikete ryiwe yise « Aperuit illis », Nyenubweranda Papa Fransisko yarashinze Umusi Mukuru w’Ijambo ry’Imana uzokwama uhimbazwa ku musi w’Imana ugira gatatu wo mu mwaka. Uyo musi uzohimbazwa ubwa mbere ku musi w’Imana igenekerezo rya 26 Nzero 2020.

Uwo musi mukuru, Nyenubweranda yawiyumviriye mu gihe yariko arasozera wa mwaka w’ikigongwe c’Imana. Mukuwushinga yishimikije Ijambo ry’Imana dusanga mu Bwuzure bw’Imana n’abantu, nko mu gitabu c’Umuhanuzi Nehemiya (8, 1-3) no mu Njili ya Luka (24, 45-47). Nyenubweranda aranatwibutsa ko mu nyigisho ndoramana yitwa « Ijambo ry’Imana » (Dei Verbum), yashikirijwe n’Inama Nkuru y’Ekleziya yabereye i Vatikano ubugira kabiri, Ijambo ry’Imana rifise akamaro gahambaye mu buzima bw’abantu no mu buzima bw’Ekleziya. Ijambo ry’Imana rero riratwugurura ubwenge, rikatumurikira ngo dushobore gutegera iyo tuva n’iyo tuja, kugira ngo ntituzimagirike mu buzima bwacu, kuko na kare Ijambo ry’Imana niwo muco uboneshereza zina muntu wese (Jn 1, 9).

Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, yarashikirije abo Umukama yamuragije Ijambo rijanye n’uyo musi mukuru washinzwe na Nyenubweranda, rikazosomwa muri Diyoseze nkuru ya Gitega kw’igenekerezo rya 26 Nzero 2020. Nimwisomere ng’aha iryo Jambo ryashikirijwe n’Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega.