INYIGISHO Y’UMWUNGERE WA DIYOSEZE YA MUYINGA KU WA GATATU W’IMINYOTA

INYIGISHO Y’UMWUNGERE WA DIYOSEZE YA MUYINGA KU WA GATATU W’IMINYOTA

« Ikarema ntitukayigire akamenyero, ahubwo itwibutse y’uko Imana idahengeshanya kudusana aho turi no muvyo turimwo kugirango ituyagire ingene ishaka y’uko ducudika nayo, itwigishe gucudika nayo».

Bavukanyi ntore z’Imana, mu kwitsa iri Jambo Umukama adushikirije, mbanze ndabasabe umwe wese uko angana, mu myaka afise, abanze yibaze : mbega iyi Karema igira iya kangahe mu buzima bwanje ? Igira iya kangahe ninjiyemwo nzi ico nkora nakizirikanye, kikaba ari naco gitumye nzinduka kugira ngo nsangire n’abandi Inkuka y’Imisa irimwo mbere n’ugusigwa iminyota, ikimenyetso cerekana ko nicishije bugufi, nemeye ko mu buzima bwanje nkeneye Umuremyi n’Umukiza, ikimenyetso c’uko ngomba guhinduka ngo ubuzima bwanje ndabwerekeze ku Mukama, bumuhimbare nk’uko abwipfuza. Igira iya kangahe ?

Ivyo nkabibabaza ntumbereye kwitsa ijambo Umuvyeyi wacu Papa aherutse kudushikiriza ryerekeye iki gihe nyene, aho ahera aho nyene atubwira ati : « Ikarema ntitukayigire akamenyero, ahubwo itwibutse y’uko Imana idahengeshanya kudusana aho turi no muvyo turimwo kugirango ituyagire ingene ishaka yuko ducudika nayo, itwigishe gucudika nayo». Ntirambirwa, natwe rero ntitukabigire akamenyero. Kabe akaryo nyabuna ko umwe wese yinjira mw’ibanga ry’umutima wiwe, agaheza agakundira Umukama ngo amubwire ingene yipfuza ko acudika nawe.

Ni igihe rero kitumenyereza kuba abakristu. Si ikidutegurira Pasika gusa, Umusi mukuru ; mugabo ni ikitumenyereza gusangira ingendo na Yezu Kristu yapfuye akazuka. Ni bwo bukristu bw’ukuri. Ubukristu budahereza gusa kugusenga, ku kuja mw’isengero hamwe n’abandi mugabo ubukristu butuma ducudika vy’ukuri n’Imana, tukumva ko ubuzima bwacu, n’umwitwarariko wacu wa mbere ari uwo kuyigana nk’abana ikunda bakayikundira.

None nguwo arabituyagiye Umukama, uwo Imana yaturungikiye, ingendo ikwiye kuturanga. Mwumvise aho yahereye : ugusabikaniriza abarushwa, akurikizako ugusenga, ukwihweza Umukama mw’ibanga ry’umutima wacu atanuwubica n’ikanda ; ubwa gatatu atuyagira ukwisonzesha, ukumenya kwigerera mu mfungurwa, mu nyobwa, mu mvugo, eka muri vyose.
Nagomba rero bavukanyi ndababwire nti, burya Umukama Yezu mu kutuyagira akoresha ubwitonzi ntangere, kira noneho ntibitangaje nibwo asanganywe. Hagati na hagati y’ivyo atuyagiye, yashizemwo igisabisho, ukuyaga n’Imana. Kuyitega abiri n’ukuyiserurira ikiri ku mutima wacu. Ivyo nivyo vyotegerejwe kuturanga. Nta mukristu adasenga : umukristu atayaga n’Imana, ntaba yarategereye iteka afise. Kuyaga nayo, twiyumvamwo urukundo rwayo, turukenguruka kandi tugira duti icompa nanje nkamera nkawe Mukama, nkashobora nanje kugira imbabazi nk’uko uzigira, nkashobora kwihanganira abandi nk’uko unyihanganira, nkashobora kubafasha gukura, kugira ntibahave badindizwa n’ibibananiye ngo bihebure, mugabo bagumane umwidegemvyo, uko ubingirira nanje abe ariko ngirira abandi.

Kugira ngo rero ico gisabisho gihoreho kandi came gitumbereye aho Imana yipfuza, turategerejwe kwitwararika kutarenza urugero ngo twishinge ivy’isi, ngo twishinge kurya no kunywa, twibagire ko twebwe twaremewe guhorana n’Imana mu myaka yose. Ubundi ukwisonzesha ntikwogira insiguro. Ni ukwigererera kugira dushobore kuguma duhanze amaso Imana ducuditse nayo. Noneho murabizi ko ivyukunywa n’ugufungura, n’ibwirizwa rya gatanu riradusaba kutarenza urugero. Mugabo Umukama Yezu aje kutubwira ati : « Ntimube abantu b’ibwirizwa, banza nyabuna mutegere ukuntu Umukama abakunda muheze mwiyumvemwo ko mutokwiyankisha urwo rukundo, bibatume rero kwigerera, mu mfungurwa, mu nyobwa, kugira mugume mwugurukiye Umukama mu mutimwa wanyu, ntimuhave mutwagwa n’inyoshambi ngo mushire aho umubiri ushize ; ntimuhave mufatira urugero rwanyu ku migenzo y’isi mu vyo muvuga no mu vyo mukora ; mwame nyabuna mugabiye kwigana Imana nk’abana ikunda bakayikundira ».

Maze ico gisabisho, giheze kibashikane k’urwo rugero rwo kuyigana cane cane mukwitwararika abo mubona batitaho Imana biyumvirako ubuzima umengo nibo babwihaye, bakibagirako ari ingabirano y’Umukama bakwiye kwama bakenguruka. Ico gisabisho kibatume mugira uyo mutima wo gukiza benewanyu ariko mutibagiye no kubanza kubasabikaniriza ibishobora kubatunga ; kugira ngo ntibahave bihebura, ariko ngo bagire iteka. Itunga mufise ngaha kw’isi ntimuryigungane, mumenye ko ari itunga rusangi duhabwa ngo dushobore kwerekana ko dusa n’Imana. Ng’iyo ingendo ikwiye kwama iranga umukristu. Si iyo mu Karema gusa, ni iya buri gihe. Mugabo Umukama kubera ko adukunda, rimwe mu mwaka haragera igihe akaduha aka karyo ko gusubira kwiyibutsa iteka twatewe n’ingendo iriranga.

None mere nka Paulo Mweranda : « Ng’iki ca gihe kiroranye. Emera mwuzurizwe n’Imana ». Nitwemere twuzurizwe n’Imana, Umukama Yezu atwuzurize n’Imana, atwigishe kwama tuva ibuzimu tuja ibuntu tugendere izuka n’imbere yuko dusezerera isi, ngo tuze tuzukane nawe kuko twimenyereje gupfana nawe.
Ng’ico ico ndabipfuriza. Nkagirako rero ndabasaba ngo twinjire muri uyu mugirwa mweranda tuzirikana ico Umukama ashaka ko tugira. Iyi minyota tuyakire tumubwira duti : « Ndabikwemereye, nshaka koko kugendera Inkuru Nziza yawe, Inkuru Nziza y’urupfu n’izuka vyawe ; ndemeye ngo mpinduke». Amen