«IRI HWANIRO RY’URWARUKA RWO KU MASANGANZIRA RIRAMPIMBAYE PE» !

« Ikintu gishasha n’uko n’abasaseredoti bose bari bitavye iryo hwaniro, bahimbawe n’uko bakiriwe mu miryango nk’urwaruka, kandi barashinga intahe ko bakiriwe neza cane ».

«Iri hwaniro ryo ku Masanganzira rirampimbaye pe»! Ayo ni amajambo y’akanyamuneza patiri Etienne Ndayisaba ashinzwe igisata c’ubutumwa bw’abalayike yagaragaje mu kiganiro yagiriraniye n’Igisata c’Ukumenyesha amakuru ca Diyoseze, SAVACOM mugihe hariko haraba ihwaniro ry’urwaruka ku rwego rwa Diyoseze ya Muyinga. Iryo hwaniro rikaba ryabereye muri Paroisse Masanganzira kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 14 – 8 – 2019.

Nkako, kubwa Patiri Etienne, ivyo kwishimira ni vyinshi. Agereranije n’Ihwaniro ryabaye mu mwaka uheze muri paruwase ya Ntega; iry’uyu mwaka ryitabwe n’urwaruka rwinshi. Umwaka uheze, hari hitavye urwaruka rushika 900 mu gihe uyu mwaka rwababa 1200 bavuye mu maparuwase 22 atatse Diyoseze yacu ya Muyinga. Ivyo tukabikesha ubukerebutsi n’ukwitanga kw’abasaseredoti bashinzwe ubutumwa bw’abalayike bafatanije n’abarongoye abo balayike nyene. Tugahimbarwa n’uko Paruwase ya Masanganzira, naho bwari ubwa mbere yakiriye iri hwaniro, abakristu barongowe na Patiri Mukuru Hilari Bigirumwami na bagenziwe, baritanze mukwakira urwaruka n’abaje babaherekeje. Ikintu gishasha n’uko n’abasaseredoti bahimbawe n’uko bakiriwe mu miryango nk’urwaruka, kandi barashinga intahe ko bakiriwe neza cane.

 

Ikindi gituma mpimbarwa, nuko inyigisho zose ziriko zishikirizwa urwaruka ari iz’inkoramutima. Zidukaburira ishaka n’ingoga muvyo tubayemwo, mu buzima bwacu bwa misi yose. Nkuko twabikurikiranye ejo, bararabiye hamwe: «Uburyo bwa none bwo guhanahana amakuru, ukuntu twobukoresha tubwitondeye mu buzima bwacu, bukatubera n’uburyo bwo kumenyesha Inkuru Nziza». Iyindi nyigisho yari ishingiye kw’iri jambo ngo «Ndi mwiza mba heza». Iyo nyigisho yarashitse ku nyota abatari bake. Eka kandi n’inyigisho z’uyu musi zadukozeko cane kumwe n’urwaruka. Iya mbere yavuga ngo: « Dushingire intahe ukwemera kwacu, duharanire umubano mwiza n’abo tudasangiye ukwemera». Inyigisho ya kabiri y’uyu musi nayo yavuga iti: « Twijukire imigambi y’iterambere, dutegure neza akazoza kacu, ak’igihugu n’aka Ekleziya”. Izo nyigisho zose zasozerewe n’urugendo rw’amahoro rwatanguye isaha icenda, aho urwaruka rurongowe n’icegera c’umwepiskopi n’abasaseredoti baje baruherekeje, bagize urugendo rw’ibirometero bishika bitanu bagaragaza ko bigiriye ingingo yo kuremesha amahoro no gusubiza hamwe. Vyari bihimbaye cane.

Akanyamuneza kanje kandi ndagakesha abo twasangiye gutegura iri hwaniro. Bariko baritanga umwe wese muco ashinzwe kandi vyose biriko biragenda neza. Ntaworeka guhimbarwa rero abonye ko bose bakeye mu maso. Twizeye kobizokomeza kugenda neza gushika dusozere ejo kuwa gatatu ku muhingamo.

Utugorane twahabaye twaturutse kuko hari abashitse bacerewe, abandi barushe kubera ingorane z’uburyo bwo kwiyunguruza bikomoka ahanini ku bukene bw’igitoro. Ivyo vyatumye bamwe bagwara; ariko rero si ibintu bihagaritse umutima kuko bariko barakira.

Igisata ca SAVACOM kirashimiye cane patiri Etienne Ndayisaba, kuri ico kiyago yaduhaye ngo tubisabikanirize abariko basoma iki Kinyamakuru ca Forum 2019.


Patiri Evariste Harerimana
Umuyobozi wa SAVACOM