ABASASERDOTI N’ABIHEBEYIMANA BO MURI DIYOSEZE YA NGOZI BIPFURIZANYA IMISI MIKURU YA NOHELI N’UMWAKA MUSHASHA

ABASASERDOTI N’ABIHEBEYIMANA BO MURI DIYOSEZE YA NGOZI BIPFURIZANYA IMISI MIKURU YA NOHELI N’UMWAKA MUSHASHA

“Naje i Ngozi ntambira Imana, none ngiye ntambira Imana, nkenguruka”

Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 30 kigarama 2019, niho abasaserdoti n’abihebeyimana bo muri Diyoseze ya Ngozi bipfurizanya imisi mikuru ya Noheli n’umwaka mushasha bongera basezera Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa arongoye Diyoseze nkuru ya Bujumbura, akaba yahora ari we ahagarariye Papa Fransisko muri Diyoseze ya Ngozi.

Urwo rubanza rwatanguwe n’inkuka y’imisa yaherejewe n’uwo Mwungere mw’isengero mvyeyi y’i Ngozi, ahagatiwe n’abasaserdoti ba diyoseze, abarangurira ubutumwa bwabo muri diyoseze hamwe n’abasanzwe bari mu butumwa mu yandi madiyoseze no mu mice itandukanye y’ubutumwa bw’Ekleziya iri i Burundi, kumwe n’abihebeyimana baje bava mu mibano ikwiragiye muri Diyoseze ya Ngozi.

Muri iyo nkuka y’imisa, Musenyeri Gerevazi yaribukije ibitari bike mu vyo turaba inyuma muri uwu mwaka Umukama yari yatugabiye, maze tukabishimira Imana. Muri vyo, harimwo cane cane ko Imana iheruka kuturonsa Umwungere bwite wa Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri Joriji Bizimana, yahora ari Umwungere Samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza.  Uwo Mwungere yaje ari inyishu ku bisabisho vy’umuryango w’abakristu bari banyotewe umwungere yobaba hafi. Ni kwo rero gutumirira abari aho gushimira Imana n’ukuyihezagira, ivyo navyo bikarangukira no mu kuza barahezagirana aho babaye, nk’uko n’ijambo ry’Imana twazirikana uwo musi ryabitwibutsa (Uguharura 6, 22-27)

Inyuma y’inkuka y’imisa, urubanza rwabandanirije mu kigo caragijwe Umweranda Karoli Boromeo ahavugiwe ayandi majambo. Musenyeri Gerevazi ati: “Naje ntambira Imana, none inyuma y’iyi myaka Umukama yampaye kuba muri iyi diyoseze, ngiye ntambira Imana, ndayikengurukira ku vyiza yaranguye muri iyi diyoseze, iciye kuri abo bose twasangiye ubutumwa”. Yarashikirije na bimwe bimwe mu vyo yari yipfuje ariko bitari bwaje mu ngiro n’aho intâmbwé zimwe zimwe ziriho: ikigo cokwakira abagendana ubumuga kikiriko kirubakwa, inyubakwa zokwakira Kaminuza Gatorika y’i Burundi mu bisata vyayo vyosasa i Ngozi, ikirimba coragizwa Bikira Mariya, Umuvyeyi w’Impuhwe n’Umusaraba Mweranda….

Kw’izina ry’abari aho, Musenyeri Aloyizi Rwanko yarakengurutse umwitwarariko uwo Mwungere yamanye mu butumwa. Ivyo vyarabonekeye mu migambi myinshi myiza yatumye imice y’ubutumwa bwa Diyoseze itera imbere ku buryo buboneka.

Urwo rubanza rukaba rwasozewe mu kanyamuneza ntangere n’umuhezagiro w’Umwengere yahora ahagarariye Papa muri iyo Diyoseze. Twokwibutsa ko Musenyeri Joriji Bizimana azoshikira icese ubutumwa bwo kurongora iyo Diyoseze kw’igenekerezo rya 25/01/2020.

 

Patiri Lamberto RIYAZIMANA