ISENGERO NSHASHA Y’IGISATA CA MARANGARA MURI PARUWASE MUREHE YARAHEZAGIWE

ISENGERO NSHASHA Y’IGISATA CA MARANGARA MURI PARUWASE MUREHE YARAHEZAGIWE

«Isengero ..., ni ikibanza gikwiye iteka rikibereye kuko abakristu bahurira mw’isengero bafise intumbero imwe n’umutima umwe, kw’izina rya Kristu aba ari hagati yabo».

Kuri uyu wa 25/04/2020, ku musi Mukuru wa Mariko Mweranda, umwanditsi w’Inkuru Nziza, Paroisse ya Murehe, iri muri Diyoseze ya Ngozi, yarungutse isengero nshasha igiye gusengerwamwo n’abakristu b’igisata gishasha ca Marangara. Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ngozi, Musenyeri Joriji BIZIMANA, ahagatiwe n’abasaserdoti barangurira ubutumwa muri iyo Paruwase, abasaserdoti bari baje kwifatanya n’abanyamuryango hamwe n’abakristu isinzi, ni we yayihezagiye yongera arayibakomorera.

Umugirwa wa mbere kwabaye uguhezagira abakristu n’impome z’isengero, imbere no hanze, gutyo abakristu bumviririza ijambo ry’Imana mu kibanza gihezagiye. Mu nyigisho yashikirije igihugu c’Imana, yîtsa Ijambo ry’Imana, Umwungere wa Diyoseze yaribukije iteka n’agaciro k’ingoro y’Imana, kugira ngo Abanyamarangara bamenye ico bazoza barondera muri iyo nyubakwa nyeranda. Ati: «Isengero ni ikibanza cagenewe gutangirwamwo inyigisho ndoramana; ni ikibanza gihimbarizwamwo amasakramentu n’iyindi migirwa itwugururira ivyiza vy’Imana; ni ikibanza baririmbiramwo indirimbo z’ukuninahaza Imana, amazabuli n’imvyino zishemeza Imana n’ivyayo, bakahagirira n’amashemezo y’icese; ni ikibanza ceranda bahererezamwo inkuka y’imisa. Kubera ivyo, ico kibanza ntigisanzwe. Ni ikibanza gikwiye iteka rikibereye kuko abakristu bahurira mw’isengero bafise intumbero imwe n’umutima umwe, kw’izina rya Kristu aba ari hagati yabo».



Imbere y’imigirwa y’ukaristiya itangurirwa n’ihereza, Umwungere yabanje gusiga amavuta yongera yosa altari yagira ihererezweko ubwa mbere inkuka y’imisa, itabernakulo nayo ihezagirwa abakristu bahejeje gusangira, kugira ngo bashobore kuyishinguramwo Yezu Kristu mu bishusho vy’Ihostiya Nyeranda.
Mw’ijambo ryiwe ry’ugukenguruka, Patiri Libori Barambariza arongoye iyo paruwase, yarakengurukiye abitanze ngo bashikire uwo musi w’iteka. Muri bo, yarakengurukiye cane umuryango watanze itongo ryawo ngo ryubakwemwo iyo ngoro y’Imana. Yaratumiriye abakristu kwitwararika gukoranira n’umutima w’ukuri imbere y’Imana, bakaza gusengera muri iyo ngoro yaje kubaremurura urugendo rw’iyo bahora baja guhimbariza umusi w’Imana. Gutyo bashobore kumenya Imana, kuyikunda n’ukuyikorera mu bo Imana yabahaye ngo basangire urugendo.



Ivyo birori vyasozerewe n’umuhezagiro w’Umwungere wa Diyoseze, mu kanyamuneza ntangere.

Patiri Lamberto Riyazimana