IMPUNDU Y’URWEZE MU MURYANGO WA BENE BIKIRA

IMPUNDU Y’URWEZE MU MURYANGO WA BENE BIKIRA

« Aba babikira batatu batwibukije nk’ibimenyetso bizima ko inzira nyayo ari ukwakira Yezu Kristu. Niwe nzira, ukuri n’ubuzima akongera akaba Umuryango intama zose zinjiriramwo zikongera zigasohoka kandi zikaronka n’ubwatsi ».

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Nyakanga, umuryango wa Bene Bikira wari mu kanyamuneza ko kwigina indagano za burundu z’ababikira batatu: Mama Mariya Honorata Butoyi, Mama Ana Mariya Niyonkuru na Mama Mariya Nicole Nsengiyumva. Ivyo birori bikaba vyabereye muri Paruwase ya Rugari.

Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, ni we ubwiwe yararongoye inkuka ya Misa aranakira n’indagano z’abo bihayimana. Mu nsiguro yiwe, Umwungere ariko aritsa Ijambo ry’Imana, yaribukijeko umuntu wese afise inyota y’ubuzima budahera. Ariko abenshi ikibagora ni ukumenya aho bakura ikiyibamara kuko abenshi baronderera ahatariho : mukaryoheramubiri, mu kwiruka inyuma y’amahera canke mu gukoresha ububasha bwabo buheza bugacinyiza abo bashinzwe. Niko kwibutsa ko aba babikira batatu batwibukije nk’ibimenyetso bizima ko inzira nyayo ari ukwakira Yezu Kristu. Niwe nzira, ukuri n’ubuzima akongera akaba Umuryango intama zose zinjiriramwo zikongera zigasohoka kandi zikaronka n’ubwatsi. None rero n’ukwihata mu kwinjirira muri uwo muryango waga ariko kwakira Yezu ubwiwe.

 Twobamenyeshako uyo Muryango wa Bene Bikira watanguriye mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu 1919. Ubu uriko urigina Yubire yawo y’imyaka ijana. Uzoyihimbaza icese ku wa 8 myandagaro 2019. Mu Burundi bakaba bahafise imibano Cumi harimwo Inovisiya iri ngaho nyene muri Paruwase ya Rugari.

Patiri Evariste Harerimana

Umuyobozi wa SAVACOM