UKO YUBILE Y'IMYAKA 50 YAHIMBAJWE MU MURYANGO W'ABAFURERE BENE PAULO MURI PARUWASE «MIKAHELI MWERANDA»

UKO YUBILE Y'IMYAKA 50 YAHIMBAJWE MU MURYANGO W'ABAFURERE BENE PAULO MURI PARUWASE «MIKAHELI MWERANDA»

Karabaye n'akaryo kuri bamwe mu bafurere k'ukugira indagano zabo, abandi babiri bakaba bararonse Ubudiyakoni

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 03 Myandagaro, kuri Paruwase Mikaheli Mweranda kari akanyamuneza kadasanzwe, aho mu muryango w'Abafurera Bene Paul bari bazindukanye urubanza rwa Yubile y'imyaka mirongo itanu (50) uwo muryango umaze ubayeho. Ibirori vyatangujwe n'Inkuka y'imisa yari irongowe na Nyenicubahiro Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Gerevazi BASHIMIYUBUSA.



Ivyo birori vyari vyatewe iteka kandi n'abanyavyubahiro batandukanye, harimwo n'Abepisikopi b'ama Diyoseze ya Ruyigi na Rutana hamwe na Musenyeri Mukuru w'inararibonye, Nyenicubahiro Musenyeri Évaristo NGOYAGOYE yahora arongoye Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kumwe n'ivyegegera vy'abepiskopi, ababasaserdoti, abafurera, ababikira, n'abandi bakristu.

 



Mw'ihimbazwa ry'iyo Yubile y'imyaka 50 uwo muryango w'abafurere bene Paulo umaze uvutse mu Burundi, karabaye n'akaryo kuri bamwe mu bafurere bashasha k'ukugira indagano zabo za mbere, abandi na bo iza burundu, eka mbere n'abandi babiri bakaba bararonse Ubudiyakoni.



Inkuka ya Misa yatanguriye ku rugendo, imigwi ibiri y'abaririmbiramana ikaba ari yo yafashije mu masabamana y'uwo musi: Umugwi «Saint Michel» wo kuri Paruwase Mikaheli Mweranda, kumwe n'umugwi wo muri Paruwase Bukeye isanze yegamiye cane uwo muryango w'Abafurera.
Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi BASHIMIYUBUSA yashimikiye ku biranga Yubile, n'ingene abo bagiye guhabwa amateka bogendera ibanga. Inyuma y'insiguro, umukuru w'umuryo yarahamagaye abaja guterwa amateka, araheza abashikiriza Umwepiskopi, abasabira ko yobafasha bagatera intambwe, mu mabanga bagiye gushikirizwa, maze Umwungere w'iyo Diyoseze Nkuru araheza arabakirira indagano zabo.



Inkuka y'imisa iheze, baciye bahurira mu kigo c'umuryango, maze barasangira amasaka mu kwigina ivyiza vya Yubile. Urwo rubanza rukaba rwabaye mu kanyamuneza kadazwe, kandi rusozerwa mu kanyamuneza. Abavuzi b'ingoma, abatavyi, n'abaririmvyi baguma bigina ivyiza vya Yubile.



Claver KAYOYA, Paruwase Saint Michel