UMUSI MUKURU W’INDAGANO MU MURYANGO W’ABABIKIRA B’URUKUNDO RWA KRISTU

UMUSI MUKURU W’INDAGANO MU MURYANGO W’ABABIKIRA B’URUKUNDO RWA KRISTU

“Urwo rukundo, Umukama yaberetse ni rwo muzoyagira abandi; ni yo mbuto yo kubiba mu mitima y’abantu kugira isi isubire kugira akanovera…”.

              Kuw’Imana igenekerezo rya 28/9, mu Mubano w’Ababikira b’Urukundo rwa Kristu (SMAC: Sœurs Missionnaires de l’Amour du Christ) uri i Muyinga ku Mukoni, kari akanyamuneza kadasanzwe, aho Abanovisi bane bagira indagano zabo zambere. Nyakubahwa Musenyeri Protais Nkurikiye, Icegera c’Umwepiskopi ni we yarongoye uwo mugigwa mweranda.

Umukuru w’Umuryango kw’isi yose Mama Nanda Jamberardini, ari na we yawutanguje ni ho yari ari, avuye mu gihugu c’Ubutaliyano aho yari yaje aherekejwe na mugenziwe Mama Mariya Cecchitti. Abo bagize indagano ni aba : Mama Nizigiyimana Liliane (Diyoseze Bururi, Paruwase Rumeza ); Mama Butoyi Gloriose (Diyoseze Bururi, Paruwase Rumeza) ; Mama Godeliva Minani (Diyoseze Bubanza, Paruwase Mukungu) na Mama Hyacinthe Nsabiyumva (Diyoseze Bururi, Paruwase Canda).

Uwo Muryango w’Ababikira b’Urukundo rwa Kristu ukomoka mu gihugu c’Ubutaliyano. Turetse muri ico gihugu watanguriyemwo, tuwusanga mu gihugu ca Filipine no ngaha mu Burundi. Uyo Muryango ukaba washitse aha iwacu mu mwaka w’2009. Ubutumwa bwawo ni ukwitaho abagowe, ugufasha abana bantahonikora mukubiyegereza mu Mubano canke bakabafashiriza mu mihana iwabo, ukwitaho ingo n’imiryango, n’ubutumwa bwo mu mibano mitomito y’abakristu, ugutanga inyigisho zo mu mapfungo y’abakristu, ukwigisha Ijambo ry’Imana mu mashure y’intango n’ayisumbuye, ukwigisha abana bitegurira guhabwa amasakramentu, n’ubundi butumwa bwose Umuryango w’abakristu ushobora kubasaba. Turumva rero ko bene kugira indagano uyu musi baraririwe n’ubutumwa butari buke mu murima w’Umukama.

Nyakubahwa Musenyeri Protais Nkurikiye, icegera c’Umwepiskopi yakiriye indagano zabo, yavuze mu nyigisho yiwe y’uwo musi ko “Ibanga ryo kwihebera Imana, mbere n’ubuzima rukristu, bigendana n’umutima wo kwicisha bugufi, umuntu akifata ruto imbere y’Umukama kandi Umukama nyene akama afise ikibanza kidasubirirwa n’umuntu n’umwe canke n’ikintu na kimwe. Atari uko, umuntu aratakara, ukamubura aho wamubonye. Ba Novisi nkunda, ni vyiza ko mwakundiye Umukama ngo abagire ico we nyene abashakira hanyuma agaheza akaberekeza kuri uyu Muryango w’Ababikira b’Urukundo rwa Kristu. Erega, urukundo ni rwo ruhindura Isi ikaba nziza ukuruta. Murazokwama rero mutangarira urwo rukundo rwiwe yaberetse n’imbere y’uko musamwa mu nda y’abavyeyi banyu... Urwo rukundo, Umukama yaberetse ni rwo muzoyagira abandi; ni yo mbuto yo kubiba mu mitima y’abantu kugira isi isubire kugira akanovera. Erega isi y’ubu ishaje kubera ukubura urukundo. Ico nico gisigura igituma twumva hirya no hino amananiza aturutse ku ngwano, ku macakubiri, ku bukunzi bw’inda, n’ibindi. Ariko ivyo ntibibatere ubwoba. Umukama azokwama abahagarikira, abaremeshe kugira ijambo ryiwe rishikire bose.

Baba abo Babikira bashasha, baba bagenzi babo bababoneye izuba, yaba na Mama Lehokadiya Ndikumagenge arongoye uwo Mubano wabo w’i Muyinga, tubipfurije ubutumwa bwiza, n’imigisha yose Imana yabategekanirije igihe yabahamagarira kuyihebera.

                

Yuvenali NTAHOBARI
Umunyamabanga wa SAVACOM