Itangazo ry'Inama y'Abepiskopi gatolika b'i Burundi ryerekeye ihiganwa mu matora yimirije

 

Nidushire umwambiro wa Pasika mu matora twimirije

Bakristu dusangiye ukwemera, namwe bantu mwese dusangiye igihugu c’Uburundi,
Pasika nziza mwese.
1. Turiko turahimbaza Pasika y’Umukama, Umukama yatsinze urupfu akazuka mu bapfuye, akatwugururira atyo inzira y’ubuzima bwamaho. Nituyihimbaze nk’umwambiro mushasha, twityorore wa mwambiro wa kera (1Abanyakorenti 5, 7), tuve mu ruhafu rw’amacakubiri, ububisha n’ububeshi, dutumbere inzira y’ubuzima itujana mu mahoro no mw’iterambere rirama, inzira y’ukunywana n’ukwitwararika ineza ya bose.
2. Tuyihimbaje dusanzwe turiko turitegurira kwinjira mu gihe c’ihiganwa ry’abitoza ngo bazorongore igihugu ku nzego zitandukanye mu gihe gitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro. Iyi Pasika rero nitubere igihe kiroranye c’ugushira umwambiro w’intsinzi ya Kristu mu biranga ubuzima bwacu bwose, no mu biranga ubuzima bw’igihugu cacu harimwo n’aya matora.
3. Iki gihe c’amatora, Ekleziya itwigisha ko ari “ikiringo c’uko abenegihugu bishingira intwaro ibereye muri politike; ni ikimenyetso kibereye gitanga uburenganzira bwo gushikira ubutegetsi no kubukoresha. Ikiringo kibereye co guhiganisha ivyiyumviro ata wandya wangura, kurangwa n’ukwubahiriza ivyiyumviro bidasa n’imigwi idasa mu vya politike.” (Africae munus, n. 81).
4. Nk’Abungere banyu, turafise ibanga ryo kumurikira igihugu c’Imana kugira ngo abantu bagendere akarangamutima k’abana b’Imana mu vy’intwaro, mu vy’ubutunzi, mu vy’imibano n’imico.
5. None rero, ko turiko turahimbaza Pasika y’Umukama, umusi mukuru w’intsinzi y’urukundo rw’Imana ku rwanko no ku citwa inabi cose, nidukore uko dushoboye kwose, kugira ngo aya matora twimirije azobe mu mahoro, mu bwigenge, mu muco no mu mutekano ntangere. Ivyo navyo bisaba ko abashinzwe intwaro mu nzego zose, abashinzwe gutunganya amatora, abahiganwa be n’ababashigikiye, bose bubaha kandi bakubahiriza ubuzima bw’umuntu n’agateka kiwe. Bisaba kandi ko haba ukuri n’ubutungane kuri bose, ntihabe amanyanga (raba Izaya 32,17; Abanyefezi 4,25), hakaba ukwishira n’ukwizana kuri bose, abahiganwa bagafatwa kumwe.
6. Abo nabo babwirizwa kuba abantu b’ubuntu, abantu b’ingingo, abantu b’ubutwari, abantu badahahamiye gusa ibibanza bibazanira inyungu zabo n’iz’imiryango yabo, abantu bakunda imbere ya vyose igihugu n’ineza ya bene co. Ivyo na vyo bibonekera mu migambi myiza kandi itomoye bafitiye igihugu na bene co, imigambi itari imwe y’ukwemera ubuki bategeka.
7. Ku vyerekeye abatora nabo, turibukije ko gutora ari iteka n’ibanga ku munyagihugu wese abirekuriwe n’amategeko. Ni co gituma atawokwirengagiza ico gikorwa. Uwurekuriwe gutora wese, cane cane umukristu, yokwitwararika kumenya imigambi y’abariko barahiganwa, agaheza agaha ijwi ryiwe uwufise imigambi abona ko yogirira akamaro igihugu na bene co bose. Yotora mu bwitonzi, akirinda abamukwegera mu rwanko no mu bugizi bwa nabi, ntahendwe n’abamupfumbatisha utu na turiya canke abamuremera ngo atore uwo bamutegetse.
8. Bakristu dusangiye ukwemera, namwe bantu mwese dusangiye igihugu c’Uburundi, nitubandanye dushimira Imana kuri iki gihe ciza ca Pasika kidufasha kuba abantu nyabantu, basoneranira kuko bavukanishijwe na Yezu Kristu yadupfiriye twese, kandi akatuzukira twese ngo tube bazima muri We. Ukuba bazima muri We, niwo mwambiro mushasha twojana muri ayo matora, kugira ngo azogende neza kandi atume dutera intambwe mu nzira y’intwaro y’amahoro n’iterambere.
Bikira Mariya Mugabekazi w’amahoro twaragije Uburundi, natubere mu ngoro kandi aduherekeze muri ibi bihe vy’amatora.
Bigiriwe i Gitega, ku wa 30 Ntwarante 2020.

Abungere b’Ekleziya gatolika y’i Burundi

Menya Neza: Iri tangazo nirisomerwe abakristu mu misa yo kw’Ipasika, ku wa 12 Ndamukiza 2020, imbere y’amakuru y’umuryango.

Télécharger ce communiqué en cliquant sur Déclaration-Ki