IJAMBO PAPA FRANSISKO ASHIKIRIJE ABAKRISTU BO KW’ISI YOSE, KU MUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UBUTUMWA BWO GUKWIZA HOSE INKURU NZIZA YA YEZU KRISTU 22 Gitugutu 2023

Umuvyeyi wacu Papa yarashikirije inyigisho Ekleziya yose ijanye n'Umusi mpuzamakungu wahariwe kumenyesha  Inkuru nziza. Uyo musi ukaba uzohimbazwa ku wa 22.10.2023.

« N’imitima yuzuye urukundo, bafata urugendo » (Luka 24, 13-35)

Bavukanyi,

Kuri uyu munsi mpuzamakungu w’uno mwaka wahariwe kumenyesha Inkuru Nziza, nahisemwo iciyumviro cisunga ikigabane c’abigishwa b’i Emawusi, dusanga mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nkuko yanditswe na Luka (Raba Luka 24, 13-35): « N’imitima yuzuye urukundo, bafata urugendo». Abo bigishwa babiri bari bahungabanye kandi bihebuye, ariko uguhura na Yezu kwabo mw’Ijambo ry’Imana no mu kumanyura umukate kwabavyuyemwo igisharara co kubandanya urugendo basubira i Yeruzalemu kandi bamenyesha vy’ukuri ko Umukama yazutse.

Muri ico kigabane c’Inkuru Nziza, turabona uguhinduka kw’abo bigishwa biciye ku ngereranyo zimwe zimwe: imitima yuzuye urukundo kuko Yezu abasiguriye inyandiko nyeranda, amaso aruguruka maze baramumenya, hanyuma ikibiheta vyose baca bafata urugendo. Mu kuzirikana kuri izo ntambwe zitatu zishushanya akarangamutima k’abigishwa-batumwa bituma dukabura muri twebwe umwete wo kumenyesha Inkuru Nziza muri iyi si ya none.

1.“Niho imitima yacu yari yuzuye urukundo igihe yadusigurira Ivyanditse ». Ijambo ry’Imana riramurikira kandi rikanagura umutima w’ubutumwa. Ku nzira iva i Yeruzalemu igana i Emawusi, imitima y’abo bigishwa babiri yari yijiriwe nk’uko mu maso habo havyerekana bitumwe n’urupfu rwa Yezu bari bashizemwo umwizero (Raba akarongo ka 17). Kubera uko kubambwa kwa Yezu, umwizero bari bafise muri Mesiya waciye uyonga (Raba akarongo ka 21). Mu gihe bari « bakiganira kandi bongera baharira, Yezu We nyene ubwiwe arabegera ngo bafatanye akayira» (akarongo ka 15). Nko mu ntango y’itorwa ry’abigishwa, n’ubu nyene mu gihe bari bataye umutwe, Umukama ni we ateye intambwe ya mbere mu kubegera no mu gufatanya urugendo nabo. Ku bw’Ikigongwe ciwe ntangere, ntahengeshanya kugumana na twe, ataravye amagara make yacu, ugukekeranya kwacu, intege nke zacu, umwiheburo eka no gukekeranya bituma tuba abantu b’«ibiburabwenge, bateba kwemera», b’ukwemera guke (akarongo ka 25).

Uyu musi, nk’uko vyamye na kera, Umukama yazutse aguma hafi y’abigishwa-batumwa, kandi akagendana nabo, cane cane igihe bumvako bazimiye, bihebuye, batekewe n’ubwoba kubera ububisha bw’akayoberabahinga bubugarije kandi bugomba kubaniga. Nico gituma « tutoreka ngo tunyagwe umwizero wacu» (Ikete Akanyamuneza k’Inkuru Nziza, n. 86). Umukama ararengeye na kure ingorane zidushikira, cane cane igihe duhuye nazo mukumenyesha Inkuru Nziza kw’isi, kuko ubwo butumwa, imbere ya vyose, ari ubwiwe natwe tukaba abunganizi-basuku, « abakoze ico bategerezwa » (Raba Luka 17, 10). Mu bunywanyi mfitaniye na Kristu, ndemeje ko ndi kumwe n’abamisiyonari bo kw’isi yose, cane cane abariko baca mu bihe bigoye mu kugira nti: bagenzi nkunda, Umukama yazutse ari kumwe namwe imisi yose kandi arabona urukundo rwanyu n’utwigoro twanyu mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza mu mihingo ya kure. Imisi yose y’ubuzima si iy’agahimbare, ariko mwame mwibuka amajambo Umukama Yezu yabwiye abagenzi biwe imbere y’ukubabara ati: «Kw’isi muzobona amagorwa, yamara humura naratsinze isi » (Raba Yohani 16, 33). Amaze gutega amatwi ba bigishwa babiri mu nzira igana i Emawusi, Yezu yazutse « ahera rero kuri Musa no ku Bahanuzi bose, ahetura Ivyanditse vyose abasigurira ibimwerekeye » (Luka 24, 27). Niho imitima yabo yuzura urweze bagaheza bakavugana bati: «Erega ni ho umutima wacu wari wuzuye urukundo aho twafatanya akayira adusigurira Ivyanditse » (akarongo ka 32). Ku kaba nkako Yezu ni we Jambo rizima rishobora ryonyene gukabura, kumurikira no guhindura umutima. Niho duca dutahura kuruta ijambo rya Yoronimu mweranda aho agira ati: «Kutamenya Ivyanditse niko kutamenya Kristu».  «Atari Umukama atwinjije mu Vyanditse, biragoye gutahura neza Ivyanditse vyeranda. Eka mbere n’igihushane naco nyene ni co: ata Vyanditse vyeranda, ivyarangutse mu butumwa bwa Yezu n’ibishikira Ekleziya yiwe mw’isi ntibiheza ngo bisobanuke» (Ikete Arabugururira ubwenge, n. 1). Nico gituma kumenya Ivyanditse bihambaye cane mu buzima bw’umukristu, cane cane mu kumenyesha Kristu n’Inkuru Nziza yiwe. Mbega twomenyesha iki abandi atari ivyiyumviro vyiwe n’imigambi yiwe? Umutima ukonje wokwigera ushobora na rimwe gususurutsa umutima w’abandi? Nitwemere duherekezwe imisi yose n’Umukama yazutse, ni We adusigurira intumbero y’Ivyanditse. Nitureke asusurutse imitima yacu, atumurikire, aduhindure niho tuzoshobora kumenyesha isi ikinyegezwa c’urukiza rwiwe dufashijwe n’ubukomezi n’ubwitonzi bikomoka kuri Mutima wiwe.

2.Amaso yabo « aruguruka, baramumenya » amanyuye umukate. Yezu muri Ukaristiya, ni We soko n’iherezo ry’ubutumwa. Imitima yuzuye urukundo kubera Ijambo ry’Imana yatumye abigishwa b’i Emawusi basaba iyo ngenzi bari bafatanije urugendo, bumaze kugoroba, ko yogumana nabo. Niho bari ku meza, amaso yabo yuguruka, baramumenya igihe yamanyura umukate. Imbarutso yatumye amaso y’abigishwa yuguruka ni urukurikirane rw’ivyo Yezu yaranguye: kwakira umukate, kuwuhezagira, kuwumanyura n’ukuwubahereza. Wari umugirwa wa Senaka mu muryango w’Abayahudi. Yamara,biranguwe na Yezu ku bw’ububasha bwa Mutima Mweranda, vyibukije abo babiri basangiye ku meza ikimenyetso co kugwiza imikate cane cane ica Ukaristiya, Isakaramentu ry’inkuka yo ku musalaba. Ariko muri uyo mwanya,  (Raba In Is., Prologue 3) bamenye Yezu amanyuye umukate, aca aranyika ntibasubira kumubona (Luka 24, 31). Ico rero kiradufasha gutahura ikintu gihambaye mu kwemera kwacu: Kristu amanyura umukate, ahinduka ubwo nyene Umukate umanyuye, asangiza abigishwa kandi niwe bafungura. Ntiyasubiye kuboneka kuko ari mu mutima w’abigishwa kugira ngo bamuhurumbire ukuruta, akabatumirira gusubira gufata urugendo badatevye ngo bashikirize abandi bose ivyiza bidasanzwe vyo guhura n’Uwazutse! Nuko rero, Kristu yazutse niwe amanyura umukate kandi niwe mukate umanyuwe ku bwacu. Nico gituma umwigishwa wese amenyesha Inkuru Nziza ahamagariwe kuba nka Yezu, no muri We ku bw’ububasha bwa Mutima Mweranda, uwumanyura umukate kandi akaba Umukate wamanyuriwe isi. Kuri ivyo rero, nukwibutsa ko kumanyura umukate usanzwe ukawuha abashonje kw’izina rya Kristu ari igikorwa rukristu c’ukumenyesha Inkuru Nziza. Ku rugero rudasanzwe rero kumanyura umukate w’Ukaristiya ari We Kristu nyene ni igikorwa ntangere co kumenyesha Inkuru nziza, kuko Ukaristiya ari isoko n’iherezo ry’ubuzima n’ubutumwa bw’Ekleziya. Papa Benedigito wa 16 yaravyibukije agira ati: « Ntidushobora kwigumizamwo urukundo duhimbaza mw’Isakramentu ry’Ukaristiya kuko rusaba, ku bwa kamere yarwo, gushikirizwa bose. Ico isi ikeneye ni urukundo rw’Imana, ni uguhura na Kristu no kumwemera. Nico gituma Ukaristiya atari gusa isoko n’iherezo ry’ubuzima bw’Ekleziya; ni kandi isoko n’iherezo ry’ubutumwa bwayo: Ekleziya yubakiye kuri Ukaristiya ni Ekleziya imenyesha Inkuru nziza » (Ikete Isakramentu ry’urukundo, n. 84). Kugira twame ivyamwa, dutegerezwa kuguma twunze ubumwe na We (raba Yoh 15, 4-9). Ubwo bumwe nabwo burangukira mu gisabisho ca misi yose, cane cane mu gushengerera Yezu muri Ukaristiya, mu kuguma mu gacerere imbere y’Umukama agumana na twe muri Ukaristiya. Mu kurangurana urukundo ubwo bunywanyi na Kristu, umwigishwa-mutumwa ashobora kuba uwutangarira ubwiza bw’Imana mu bikorwa vyiwe. Ese umutima wacu wokwama uhurumbira igihe cose kugumana na Yezu mu gusabana ubwira nka ba bigishwa babiri b’i Emawusi cane cane bugorovye mu kuvuga tuti: « Gumana natwe Mukama!» (Raba Luka 24, 29).

 

3.Bafata urugendo buzuye akanyamuneza ko kuyaga Kristu yazutse. Itoto ryamaho ry’Umuryango w’Ekleziya ugana abandi. Bamaze kwuguruka amaso, bakamenya Yezu « mu gihe yamanyura umukate », abigishwa, « muri ino saha nyene, barahaguruka basubira i Yeruzalemu » (Raba Luka 24, 33). Ukwo kugenda bihuta, kugira basangize abandi akanyamuneza ko guhura n’Umukama, kwerekana ko «akanyamuneza k’Inkuru Nziza kuzura umutima n’ubuzima bwose bw’abahura na Yezu. Abemera bagacungurwa na We, barabohorwa igicumuro, ukwijirwa, ukuba igihengeri mu mutima nokwikumira. Kumwe na Yezu Kristu akanyamuneza karavuka kakaguma kisubiriza igihe cose » (Ikete Akanyamuneza k’Inkuru nziza, n. 1). Vy’ukuri, ntawoshobora guhura na Yezu yazutse ngo abure igisharara co kubimenyesha abandi. Bisubiye, abamenye ko Yezu ari muzima mu Vyanditse no muri Ukaristiya, kandi bafise akariro kiwe mu mitima yabo n’umuco wiwe mu maso yabo, ni isoko rya mbere kandi ntasubirizwa ry’ubutumwa. Abo rero barashobora gushingira intahe ubuzima buhoraho mu bihe bigoye no mu bihe vy’umuzimagiza. Iyo ngereranyo yo « gufata urugendo » itwibutsa kandi agaciro ntayegayezwa k’ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza abatarayimenya; ubutumwa, Ekleziya yahawe n’Umukama yazutse bwo kumenyesha Inkuru nziza zina muntu wese n’abantu bo mu bihugu vyose gushika ku mpera z’isi. Uno musi kuruta ibindi bihe, isi isinzikajwe n’akarenganyo, amacakubiri n’ingwano, irakeneye rero Inkuru nziza y’amahoro n’urukiza muri Kristu. Mfashe rero kano karyo kugira nsubire nemeze ko « abantu bose bafise uburenganzira bwo kumenyeshwa Inkuru nziza. Abakristu babwirizwa kumenyesha iyo Nkuru nziza ata n’umwe bakumiriye, atari nk’uko kwoba ari ukuzana amabwirizwa mashasha, ariko nk’uwubasangiza akanyamuneza, akabereka ubwiza bw’iyo bagenda bagana akabashikiriza inzimano ibushitse » (ibid.14). Ugushira imbere ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza rero ni ryo hangiro dutegerezwa kwiha, umwe wese ku gatwe kiwe kandi nk’Umuryango kuko « ukumenyesha Inkuru nziza ari ko karanga ka buri gikorwa cose c’Ekleziya » (ibid.15) Nk’uko umutumwa Pawulo avyemeza, «urukundo rwa Kristu ruraturaza ishinga rukaduhutagiza » (raba 2Abanyakorenti 5, 14). Urwo rukundo ruri ku mpande zibiri: urwo Kristu adufitiye ruratwibutsa, rukavyura kandi rugakabura muri twebwe urukundo tumufitiye. Ni urwo rukundo rero rutuma Ekleziya kumwe n’abayo igumana itoto mu kwugurura imbibe, kugira Inkuru Nziza ya Kristu imenyeshwe, yemeza ko « yapfiriye bose kugira abazima ntibabe bacigungana ubuzima bwabo, ariko babuture uwabapfiriye akongera akazuka » (2Abanyakorenti 5, 15). Muri ico gikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza, umwe wese rero arashobora guterera mu bikorwa n’igisabisho, mu gutanga intererano y’amafaranga canke ukwibabaza, no mu gushinga intahe. Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ni bwo buryo nyabwo bwo gufashanya muri ubwo butumwa bwo kumenyesha Inkuru nziza, haba mu bisabisho no mu bikorwa. Nico gituma ishikanwa ryegeranywa ku munsi mpuzamakungu wo kumenyesha Inkuru Nziza rigenewe Igikorwa ca Papa co gukwiza hose Inkuru Nziza. Igikorwa c’ubutumwa bw’Ekleziya kirihutirwa ku buryo gisaba abanyamuryango bose, igihe cose, kugira urunani mu butumwa. Ni ihangiro nyamukuru y’inama nsangizangendo Ekleziya iriko irashira mu ngiro yishimikije aya majambo makuru makuru isangiramutima, ukugira uruhara n’ubutumwa. Iyo ngendo rero ntituma Ekleziya yiyugarana, si n’ukuja gucaca abantu mu gufata ingingo nk’uko biba mu Nama nshingamateka, mu vyo kwemera no gukora hakurikijwe uko abantu bavyiyumvamwo. Ni urugendo nyabuna nka rumwe rw’abigishwa b’I Emawusi mu kwumviriza Umukama yazutse aza igihe cose hagati yacu ngo adusigurire intumbero y’Ivyanditse kandi atumanyurire umukate, kugira ngo dushobore kubandanya urugendo dufise inguvu zikomoka kuri Mutima Mweranda n’ubutumwa bwiwe kw’isi. Nk’uko abo bigishwa babiri biganiye abandi ivyari vyabaye mu nzira, (Luka 24, 35) niko natwe uko kumenyesha abandi, ubuzima bwa Yezu, ukubabara kwiwe, ugupfa n’ukuzuka  vyiwe, ibitangaza urukundo rwiwe rurangura mu buzima bwacu, bizoba inkuru y’agahimbare y’Umukama Yezu.

 

Dusubire rero tugende natwe, tumurikiwe n’uko guhura n’Uwazutse kandi turi kumwe na Mutima wiwe. Tugende imitima yuzuye urukundo, turi maso, dukenyereye urugendo, kugira dususurutse iyindi mitima dukoresheje Ijambo ry’Imana, tufashe abandi kubona Yezu muri Ukaristiya, twongere duhamagarire bose gusenyera ku mugozi umwe mu nzira y’amahoro n’urukiza Imana yahaye abantu muri Kristu. Mariya mweranda Muvunyi w’abari ku rugendo, Nyina w’abigishwa-batumwa n’Umwamikazi w’ubutumwa, dusabire!

 Bigiriwe i Roma, ku cicaro citiriwe Yohani Mweranda w’i Laterano, igenekerezo rya 6 Nzero2023

ku musi mukuru w’Ukumenyekana kw’Umukama Papa Fransisko.

Vyahinduwe mu Kirundi n’Ibiro Ndemeshabutumwa bw’Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi.

(Œuvres Pontificales missionnaires /Burundi)