

Kw’igenekerezo rya 29/6/2021, Ekleziya aho iri kw’isi yose, irahimbaza umusi mukuru w’aberanda Petero na Pawulo abatumwa, bakaba n’abavunyi b’abamenyeshamana n’abamenyesha Inkuru Nziza bose. Kuri uyu wa kabiri, kw’iryo genekerezo nyene, abamenyeshamana n’abatangakivi bo muri Paruwasi ya Bubanza, barawuhimbaje neza cane bashigikiwe n’abasaserdoti basanzwe bafashanya mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza muri iyo Paruwasi.
Ibirori vyatanguriye k’umwiherero wagirishijwe na patiri Emile Niyibitanga, umwe wo muri abo basaserdoti basangiye ubutumwa. Inyigisho yatangiwe muri uwo mwiherero ikaba yari ishimikiye kw’ijambo : « Inyifato ibereye umumenyeshamana mu muryango w'abakristu » ; iyo nayo ikaba ari nayo ntumbero y’Ijambo ry'Imana dusanga mw'Ikete rya mbere umutumwa Paulo mweranda yandikiye Timothée 3,1-15 ari naryo patiri yisunze!
Inyuma y’uwo mwiherero hakurikiye ugushengerera Yezu mw’Isakramentu ryeranda ry’Ukaristiya hamwe n’Isakramentu ry'ikigongwe ku bari babikeneye, iryo naryo rikaba ryatanzwe na patiri Thierry Michel Nshimirimana asanzwe arangurira ubutumwa muri Paruwasi ya Cibitoke !
Inkuka ya misa ikaba ari yo yasozereye ivyo birori, ikaba yaherejwe na Patiri Emile Niyibitanga ! Wawundi ngo « Amasaka yama agendana n’amasakramentu », baciye basangirira hamwe akarahuri mu kubandanya biginana kuri uyo musi mukuru.
Twokwibutsa ko ibirori nk’ivyo, vyabereye no mu ma Paruwasi nka yose asanzwe agize Diyoseze yacu ya Bubanza. Imana ibandanye imenyekanya muri iyo Diyoseze kandi ibandanye ihezagira yongera ikomeza abatumwa bayo yama icako kugira ngo Inkuru Nziza ikwire hose.
Patiri Emile NIYIBITANGA