HARIYA MURI PARUWASI MUZINDA, PATIRI YEREMIYA BIGIRIMANA YARAYE AHEREJE INKUKA YA MISA Y’UMUKWANGURO

HARIYA MURI PARUWASI  MUZINDA, PATIRI YEREMIYA BIGIRIMANA YARAYE AHEREJE INKUKA YA MISA Y’UMUKWANGURO

Kuri uyu w’Imana wa 21 wo mu mwaka wa liturjiya B, igenekerezo rya 22 Myandagaro 2021, hariya muri Paruwasi Muzinda, patiri Yeremiya BIGIRIMANA umwe mu basaserdoti batiwe kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2021 hariya muri Paruwasi CIBITOKE, niho yahereza Inkuka ya mbere ya Misa, Inkuka benshi bakunze kwita iy’umukwanguro. Muri ivyo birori yari ashigikiwe na patiri Francois-Xavier NIZIGIYIMANA yashimye ko yomubera umuhetsi ; yari ahagatiwe kandi n’abasaserdoti batari bake na cane cane abo batiriwe hamwe, abihebeyimana hamwe n’isinzi ry’abakristu.

Mw’ijambo ry’ikaze yahaye abashitsi n’ishengero ryari aho imbere y’uko iyo Nkuka ya Misa itangura, patiri mukuru wa Paruwasi Muzinda, Innocent NGENDAKUMANA, yaramenyesheje ko iyo Paruwasi imaze imyaka 13 ishinzwe, ikaba ifise abakristu 6.274 ni ukuvuga nk’ibice 52% vy’ababa muri iyo Paruwasi bose ! Yaramenyesheje kandi ko iyo Paruwasi imaze kuramura abasaserdoti bane, babiri begukira Diyoseze hamwe n’abandi babiri begukira iyindi miryango. Mugusozera iryo jambo ryiwe yagize ati : « Ni akanyamuneza rero muri Paruwasi yacu ya Muzinda mukwigina ubusaserdoti muri patiri Yeremiya. Mwiyumve, muroranirwe mwese, Imana ibahezagire».

Mu nyigisho y’uyo musi, patiri François-Xavier umuhetsi wa patiri Yeremiya, yayishikirije mu mice ibiri: ugukorera Umukama hamwe n'ugukenguruka kwa patiri Yeremiya. «Nimuhitemwo ... jewe n'abo mu rugo rwanje tuzokorera Imana yacu» (Raba igisomwa ca mbere co kuri uyo musi w’Imana wa 21 B). Patiri Xavier yarafashije abari aho kubona ko Yozuwe yafashije igihugu c'Imana gucagura ikiruta ikindi gushika naho cishurira rimwe giti: «Twopfuma dupfa hako duheba Umukama». Ati ariko mu Nkuru nziza, kubakurikiye Yezu Kristu siko vyabagendeye, kuko inyuma y'inyigisho ishimikiye ku mukate wo mw'ijuru, ariwo Mubiri wa Kristu, baciye biyonjorora bagira bati : «Iyo mvugo iratugumiye», uretse bake bonyene basigaye baserukiwe n’umutumwa Petero aho yagira ati : « Mukama, turi bwirukire nde wundi, ko ari wewe ufise amajambo y'ubuzima budahera, … Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana» !

Yarabandanije agira ati: «Uyu musi benshi barata Imana bakirukira utumana: ifaranga, ubutegetsi, ubusambanyi,... Uyu musi Yozuwe aratubaza ati “Uremeye ko utazohemukira Umukama”? Ni ivy’ukuri ntitwohemukira Umukama kuko ariwe afise amajambo y'ubuzima budahera. Nivyo, hari igihe amajambo ya Yezu atugumira ariko akagumye bagumako kuko amajambo yiwe atanga ubuzima. “Uwuriye umubiri wanje akanywa n'amaraso yanje, arafise ubuzima budahera”. Iyi mvugo yatumye Abayahudi biyonjorora. Natwe hari igihe usanga tutakira ico kinyegezwa c'Ukaristiya, amaso yacu akaguma ku mikate isanzwe».

Kuvyerekeye ubukengurutsi bwa patiri Yeremiya nabwo yaribukije ko bushimikiye ku busaserdoti. Ati si uko patiri Yeremiya yari azi ubwenge, afise inguvu canke ko yasenga cane, ... kuko hari n'abandi bamurusha. Kuba umusaserdoti n'igisigabwenge. Nico gituma, nk’uko icivugo ciwe kibivuga: «Uwihayagiza niyihayagize mu Mukama». Patiri Yeremiya ni umusuku muri vya bikorwa bitatu: kwigisha Inkuru nziza, gutagatifuza mu masakramentu no kuyobora igihugu c'Imana. Yerekeza ku bavyeyi ba Yeremiya yagize ati nimukenguruke kuko mwaragendewe n'Imana. Yasozereye inyigisho yiwe atumirira urwaruka gukunda kwihebera Imana, ati umusaserdoti ni uwabose, ati dusabire rero patiri Yeremiya azogumye ibanga. Ikizotumara inyota dufitiye ubwami bwawe, n'abasaserdoti beza, witoreye mu Burundi Mukama!

 

Uwaserukiye umuryango w'abakristu, umushingantahe Jean Luc GAHUNGU, yakengurutse cane ku ngabire y'ubusaserdoti. Yagize ati: «Patiri Yeremiya ni ingabire ya mbere kuri succursale Muzinda. Aje kutubera Umuvyeyi. Araduteturuye. Patiri Yeremiya, urakaba umusaserdoti. Abakristu ba Muzinda turagukunda kandi turagukeje. Uradusabira, unasabire ishure rya Muzinda maze uze ukurikirwe n'amahasa, ubushuri, ...»! Yasozereye asubira gushima.

Abanje kuvuga muri make umuhamagaro wiwe, aho yerakana neza ko umuhamagaro wiwe ukomoka mw'ijambo ry'Imana, vyamutumye atora icivugo ndongorabutumwa kivuga giti: «Uwihayagiza niyihayagize mu Mukama», patiri Yeremiya yaninahaje Rugira kuko yamugiriye igitangaza. Yasozereye asaba imbabazi kubitagenze neza, agasaba ko igisabisho c'umuryango comuba hafi kugira ibanga atwaye mu nzavya z'ibumba rirame. Yanatumiriye urwaruka kwiga, kandi amashure maremare, abasaba kwitonda, kuko ataco bihutira kugira Ekleziya n'Igihugu baronke abakozi b'ijunja n'ijambo. Kuko umurima ni munini abakozi bakaba bake.

Twobamenyesha ko iyo Nkuka ya Misa irangiye, abatumire baciye bakirirwa mu kibanza aho bari bateguriwe agatutu k’iteka, baraheza basangiriraho akajumpu n’umusa! Ninaho ayandi majambo ajanye n’urwo rubanza yabandanirije! Ese Umukama yobandanya akomeza uyo mutumwa mushasha akongera akabandanya atora muri Paruwasi ya Muzinda abandi batumwa benshi kandi beranda arungika mu murima wiwe.

 

Patiri Romano NDIHOKUBWAYO