IHIMBAZWA RY’UMUSI MUKURU WA KRISTU, UMWAMI WA BOSE NA VYOSE MURI PARUWASI CIBITOKE

IHIMBAZWA RY’UMUSI MUKURU WA KRISTU, UMWAMI WA BOSE NA VYOSE MURI PARUWASI CIBITOKE

Kuri uyu w’Imana wa 34 wo mu mwaka twahimbaje umusi mukuru cane wa Kristu-Mwami, Umwami wa bose na vyose. Kari agahimbare muri Paruwasi yitiriwe Kristu-Mwami ya Cibitoke,  muri diyoseze ya Bubanza, aho mbere bari baramutse bashikanira Imana amaturo yo kubaka isengero. Kubera ubwinshi bw’abakristu, inkuka ya misa yahererejwe ku kibuga na Nestor NIHORIMBERE, patiri mukuru w’iyo paruwasi akikijwe n’abasaserdoti-bashitsi hamwe n’isinzi ry’abakristu n’abatumire, tutibagiye n’abari bavuye mu yandi mashengero.

«Muri runo rugendo rwacu rwo ng’aha kw’isi, turiko tugenda tugana Imana yacu mw’ijuru». Mu nyigisho yiwe, patiri mukuru yishimikije ibisomwa vy’uyo musi, yaramenyesheje abakristu ko Yezu Kristu ari Umwami w’abami na vyose, Umwana w’umuntu nk’uko umuhanuzi Daniyeli yabibuye. Yezu Kristu yahawe inganji n’intahe na Se wiwe. Ubwami bwiwe bukaba buturuka kwa  Mana se wiwe. Yezu Kristu ni Umukama ahangamye ku ngoma akaba yikwije ubuninanahwa n’inganji, aganza abami bo kw’isi yose. Ni umwami adukiza ibicumuro vyacu, umwami yigura abantu bose, akitanga ku musaraba, ari naho agaragariza ko ari Umwami.

Uyo Mwami dushemeza ni kandi umwami ariho, yamyeho kandi azokwamaho : ni Alfa na Omega. Ni Umwami wacu, Umwami wa bose, yitanga kugira ngo abantu baronke ubuzima. Yezu ati : « Uvuze ko, ndi umwami. Kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi; ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri. Uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje» (Yoh 18, 37). Mu gushimangira iryo jambo, patri Nestor yatumiriye abakristu kumva iryo jwi ry’Umwami, kuryitaba, bakamukurikira, bakamuyoboka ndetse bakanamwimika no mu mitima yabo kugira ngo abagabe abaganze, ati «Aho ubwami bwo kw’isi bufise itanguriro n’iherezo, abami bakagira ikiringo batangurirako kuganza naho bazohereza, Ubwami bwa Yezu bwo ntibugira itanguriro, ntibugira ikiringo. Ni ubwami buzokwamaho kuko atari ubwo kuri ino si».

« Turahimbawe ko Ekleziya yaduhaye Umuvunyi Kamiranzovu ». Mu kwerekeza inyigisho ku bakristu ba Paruwasi, patiri mukuru aributsa abari aho bose ko mu guhimbaza Umusi mukuru wa Kristu-Mwami, ari akaryo kadasanze kubanyamuryango ati : « Tweho tuwuhimbaza ku buryo budasanwe kuko ari umuvunyi wa Paruwasi yacu. Ni rero Umusi mukuru w’umuryango, Umusi mukuru w’abakristu bose ba paruwasi, eka mbere n’incuti n’abagenzi ba Paruwasi. Tweho turahiriwe ko Ekleziya yaduhaye Umuvunyi w’intashikirwa, Umuvunyi asumba abavunyi bose, Kristu Umwami wa vyose na bose, Umushoboravyose, Umutananirwa, Umudashikirwa, Mudahetwa, Kamiranzovu».

Patiri Mukuru kandi yaribukije abakristu ko uyo musi ari akaryo ko guhumbira kugira basakare Isengero ku buryo atawuzosubira gusengera hanze. Yishimikije Umuhanuzi Hagayi (1, 8), yatumiriye abakristu kwegeranya amashikanwa kugira ibikorwa vyo kubaka ingoro y’Imana bishishikare. Umuhanuzi ati : « Nimuduge ku gasozi, muzane ibiti mwubake ingoro. Nzohimbarwa kandi ngire iteka muri yo ». Patiri ati : « Kubaka ingoro y’Imana si igikorwa coroshe, ntanico twoshobora ariko turikumwe n’Imana birashoboka kuko ni Yo itwubakira ingoro ikoresheje amako, ubwenge, inguvu n’uburyo vyacu kuko ivyo dufise tubikesha ubwiza bwayo.

Twobamenyesha ko ingoro y’Imana iriko irubakwa kugira isakarwe, bizotwara uburyo bungana n’miriyoni amajana abiri y’amarundi. Inkuka ya misa ikaba yasozerewe n’umugirwa wo gushikana amaturo yo gusakara ingoro y’Imana no kwerekana igicapo c’uko iyo ngoro izoba imeze niyuzura.

 

Patiri Romano NDIHOKUBWAYO