IMIKANGARA Y'IMANA YO MURI PARUWASE RUGENDO NTIYATANZWE MU GUHIMBAZA EPIFANIYA

IMIKANGARA Y'IMANA YO MURI PARUWASE RUGENDO NTIYATANZWE MU GUHIMBAZA EPIFANIYA

«Iyo mikangara y'Imana ni nayo yaciye ifasha mu masabamana: ibisomwa, indirimbo n’ibisabisho rusangi».

Kuri uyu musi w'Imana igenekerezo rya 5 nzero 2020, imikangara y'Imana yo muri Paruwase Rugendo, Diyoseze ya Bubanza ntiyatanzwe mu kwifadikanya na Ekleziya yo kw’isi yose mu guhimbaza umusi mukuru w'ukumenyekana kw'Umukama wacu Yezu (Epifaniya).

Muri iyo Paruwase, uyo musi mukuru waho Abamajusi bayobowe n'inyenyeri, bashitse aho umwana Yezu ari, bakamusenga bakongera bakamushikanira, imikangara yabanje kuwitegurira mukuronka inyigisho yabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 4 Nzero. Barateguwe kandi mubijanye n'ibirori vyo guhezagira inyenyeri, no kurungikwa mu butumwa rw'abaririmvyi b'inyenyeri.

                    

Bashajije, bambaye n'inkofero nk'abamajusi, imikangara y'Imana yari yasidukanye n'iyonka bavuye mu mashure y’itabariro atandukanye, baje guhimbaza Umusi mukuru w'ukumenyekana kw'Umukama, mu gusenga, mu guhezagiza inyenyeri no kugira baronke umuhezagiro ubarungika mu butumwa. Iyo mikangara y'Imana ni nayo yaciye ifasha mu masabamana: ibisomwa, indirimbo n’ibisabisho rusangi.

Imisa irangiye imikangara yaciye ija hamwe n'abakristu maze umwana yaserukiye abandi arashikiriza Ijambo, ashimira Imana ko yabazigamye muri uyu mwaka urangiye wa 2019, anayisaba kubama hafi muri uyu dutanguye wa 2020. Yahimirije kandi abavyeyi bari aho ngo bahimirize abana kuza mu mikangara y'Imana, kuko bahungukira vyinshi. Asaba n'abandi bana kurushirizaho kwitaba utugoroba tw'imikangara.

                   
Ivyo biheze, baciye bashika mu mubano w'abasaserdoti bahazanye inyenyeri. Hanyuma bashishikaye urugendo rw'abaririmvyi b'inyenyeri mu mibano mitomito. Kari agahimbare n'urweze mu kwibonera abana bashashaye kumenyesha Yezu aho bashobora gushika. Imana ihezagire imikangara yose na Ekleziya iri i Bubanza !

Patiri Barinimana Emmanuel