IMISA YO GUKENGURUKIRA IMANA KU NGABIRE Y’UBUSASERDOTI MURI PARUWASE YA MUYEBE

IMISA YO GUKENGURUKIRA IMANA KU NGABIRE Y’UBUSASERDOTI MURI PARUWASE YA MUYEBE

Kuri uyu wa gatandatu, igenekenerezo rya 18 Mukakaro 2020, Ekleziya Katolika iri i Bubanza yari iramukanye urubanza rukomeye rwo kwatira Abadiyakoni n’Abasaserdoti. Hatiwe muri ayo mabanga Abadiyakoni 5 n’Abasaserdoti 6. Ku w’Imana igenekerezo rya 26/7/2020, umwe muri abo basaserdoti bashasha patiri Bonaventura BANKUWUNGUKA avuka muri Paruwase ya Muyebe, yarahereje Inkuka y'Imisa ya mbere y’icese kw’Ishure rya MUGOMA, akengurukira Imana kuri iyo ngabire idasanzwe yamuronkeje. Mudukundire tubashikirize ijambo uyo musaserdoti yashikirije igihugu c’Imana cari casidukanye n’iyonka kumushigikira.

« “Mweho rero, nimube beranda nk’uko na So wanyu wo mw’ijuru ari mweranda” (Matayo 5, 48).

Bavukanyi, bakundwa b’Umukama, mwese mwaje mutugana hano iwacu kw’ishure rya Mugoma, ndabaramukije amahoro ya Kristu... !
Mbanje gukengurukira Imana Data mushobora vyose yo itora, igatonesha umusavyi wayo itaravye igihagararo, ariko ari kubera urukundo ifitiye abantu bose, yo yama ishaka ko bose baba beranda nk’uko Yo iri nyeranda.

Kuri uno musi uri hejuru, akanyamuneza mfise ni kenshi cane ; sinoshobora kuronka amajambo n’ibimenyetso bibereye noshobora kukagaragarizamwo, kuko iteka Umukama yanteye rirandengeye. Munkundire rero mvuge utuntu tubiri gusa: ugukenguruka n’ugusaba.

I. Ugukenguruka

1° Ndakengurukira ubwa mbere Imana Data mushoboravyose yo yandemye ikanzigama, ikama hafi yanje no muvyangoye nyene vyose, nihezagirwe !

2° Ubukengurutsi bwanje kandi ndabushikirije abavyeyi banyibarutse, bakanderesha indero runtu n’indero rukristu ; kuba ndi ngaha imbere yanyu kuri uno musi babifisemwo uruhara ruhambaye, nibashimirwe !

3° Abandi nkengurukira kuri uyu musi n’abo bose bagize ico bamfasha kugira ngire igihagararo uno musi. Muri abo novuga : abarezi bose banyigishije, abakristu bansabiye, abagize ico bampembuza ndiko nja canke mva ku mashure, abasaserdoti bose twabanye, abo twagendanye gushika ngo ngere kuri uno musi. Abo n’abandi bose ntiriwe ndadondagura bagize ico bamariye ndabakengurukiye cane, nibahezagirwe kandi bashimirwe !

4° Sinogenda ntakengurukiye kandi, bimwe vy’imvamutima, Umwungere wa Diyoseze yacu ya Bubanza Nyenicubahiro Musenyeri Yohani NTAGWARARA, we yakiriye icipfuzo canje co kwihebera Imana, akanyakira mw’Iseminari Nkuru, akanamperekeza mu vyo nagiye ndakenera vyose mur’iyi myaka 8 yose maze mw’Iseminari. Nawe nyene, nakengurukirwe !

5° Abo gukengurukirwa si abo gusa, n’abandi bose ntadondaguye ariko babaye kirumara mu buzima bwanje bose Umukama nabampezagirire.

II. Ugusaba

Bavukanyi, igisabo canje ndakirabishe ku Mana Data wa twese, ndayisaba kugira ngo twese itugire beranda. Nkako, nk’abakristu, umuhamagaro wacu wa mbere n’uko twoba beranda. Ikindi ndagisaba umuryango wose w’abakristu, n’uko twofashanya mu gushikira ubwo bweranda, ntihagire uwubera igitsitaza uwundi. Nk’Umusaserdoti, jewe, ubutumwa mpamagariwe n’ubwo gufasha igihugu c’Imana gushikira ubwo bweranda. Kuva igenekerezo rya 18/7 Umwepiskopi yarampaye ububasha bwo kurongora, kwigisha no gutagatifuza igihugu c’Imana. Amasakramentu rero abatagatifuza muri iyo nzira y’ubweranda murazoza murayansaba ku bwinshi, amasaka nayo muyabaze abandi kuko Umwepiskopi mu vyo yampaye ntiyarimwo.

Bavukanyi, munkundire ngeze ngaha kuko nakare simenyereye kuvuga amajambo menshi, ingabirano yo kuvuga cane Umukama ntayo yampaye kandi gushik’ubu ntayo ndigera nsaba Umukama. Ico nsaba imisi yose n’uko inyigisho zanje zobonekera mu bikorwa vyerekana ubweranda.

Ugusozera

Mugusozera, mbandanye nkengurukira mwebwe mwese mwaje muvuye mu mihingo itandukanye muje kugira dusangire aka kanyamuneza. Umukama abandanye abahezagira mu mwanya wose muza kumarana natwe, yongere ahezagire n’ingendo zose muhava mugira mugusubira iyo mwaje muva».

Twobamenyesha ko mugusozera, uyo musaserdoti yerekanye abashitsi batari bake bari baje kumushigikira harimwo abasaserdoti basanzwe bavuka muri iyo Paruwasi. Nkako, haheze imyaka 9 iyo Paruwase ishinzwe, abaye umusaserdoti wa gatatu yatiwe muri iryo banga, hambavu y’uwari yatiwe umwaka uheze n’uwundi yatiwe imbere y’uko iyo Paruwase ivuka.