INAMA YA DIYOSEZE YEREKEYE IBIKORWA VYA PAPA

INAMA YA DIYOSEZE YEREKEYE IBIKORWA VYA PAPA

Kw’igenekerezo rya 28/9/2020 mu nyubakwa z’ikigo nshingwabutumwa ca Diyoseze BUBANZA harakoraniye inama yatumiwemwo ba patiri bakuru (bose) bo muri Diyoseze BUBANZA, iyo nama yari yerekeye « Ubutumwa bw’ibikorwa vya Papa ». Iyo nama yuguruwe na Nyakwubahwa Musenyeri Théogène Murwuwundi, icegera c’umwepiskopi, kw’izina rya Nyenicubahiro Musenyeri Yohani NTAGWARARA yari mu rugendo mu mahanga.

Musenyeri Théogène yarahaye ikaze abashitsi, yipfuriza abaje mu nama kwakiriza yompi inyigisho baronswa no kuzishira mu ngiro, asaba abigisha kwiyumva no kwitanga  kugira ngo abaje batahane ibikwiye bifasha ubutumwa bwa Papa gusagarara no gushinga imizi.

Inyigisho ya mbere yashikirijwe na  Patiri Salvator NGENDABANYIKWA yari yerekeye  « Paruwase misiyonari». Ahejeje guca hirya no hino ico ari co Ibikorwa vya Papa, ingene vyatanguye n’ababitanguje, aho vyatanguriye n’ingene Inama Nkuru ya Vatikano ya Kabiri yabishimangiye, yaramenyesheje ko Ibikorwa vya Papa vyomenyekana  cane mu maparuwase maze bikarangurwa kuko Paruwase arico kibanza nyaco ubwo butumwa bwisangamwo bukaranguka neza. Kugira bumenyekane kandi buranguke neza, Patiri Salvator yigishije ko bwoja mu mu minwe y’abakristu b’imboneza bakunda ubutumwa no kwitanga.

Inyigisho ya kabiri yashikirijwe na Nyakwubahwa Patiri Nestor NIHORIMBERE asanzwe ashinzwe ubutumwa bw’ibikorwa vya Papa  muri Diyoseze ya Bubanza, aho inyigisho yiwe yari ishimikiye ku bintu bitatu:

    1° Integuro y’ibizokorwa mu kwezi kw’10 kwahariwe kumenyesha Inkuru Nziza n’Ibikorwa vya Papa vyo muri ukwo kwezi;

    2° Ingene bazohimbaza ibirori bimwe bimwe;

    3° Gusozera uko kwezi kw’icumi.

Kubijanye n’integuro y’ibizokorwa, Patiri Nestor yamenyeshaje ko ari ukugirisha inama  abo tujejwe cane cane: abamenyeshamana kugira nabo bunganire mugushikana ubutumwa kure; urwaruka kugira rushikire abandi benshi; kurwiza amatangazo kugira duhimirize abakristu  tubibutsa ko kwa kwezi kw’10 kwageze.

Mu guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe Ibikorwa vya Papa, urwaruka rw’isi yose rwoja imbere, bakitingira ibikorwa vya nkenerwa, bagategura ibisabisho rusangi bijanye n’ico kiringo... Patiri Nestor yamenyesheje ko insiguro y’Ijambo ry’Imana izoshikirizwa ku musi mpuzamakungu wahariwe kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu izoba Ijambo rya Papa.

Mu gusozera ukwezi kw’icumi kwahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza , Patiri Nestor NIHORIMBERE yarasavye ko urwaruka rw’isi yose, abanyamihari n’abaririmbiramana botegura ibiteramo vyo kumenyesha Inkuru Nziza (Veillée misssionnaire) mu maparuwase yose no ku bisata vyose. Inyuma yaho Patiri Nestor yaciye amenyesha ibizokorwa ku ndwi ku ndwi.

Inyigisho yasozereye yatanzwe na Patiri Dieudonné akaba yashikirije inyigisho yerekeye “Gukoresha icatanzwe ico cagenewe” (Respect de l’intention du donateur). Patiri Dieudonné yaramenyesheje ko uwabatijwe wese ari umumisiyonari, kandi ko twotegera ko Ekleziya ikeneye uburyo bw’ibintu kugira ibeho. Yisunze ingingo y’224§1 yo mu gitabu c’Amategeko y’Ekleziya ivuga ko abakristu bategerezwa kwegeranya amaturo hanyuma bakamenya n’ingene akoreshwa, patiri Dieudonné yaciye amenyesha ko amahera yose canke ibintu vyatanzwe bitegerezwa gukora ico vyagenewe. Yongeyeko kandi ko iyo ivyo vyatanzwe bidakoze ico vyagenewe haba ingaruka nyinshi, yadondaguye uburorero bwo muri Bibliya: Yuda, Ananiya... Iyo abatanze amaturo yabo bahishijwe ico yakoze canke akoreshejwe ibindi batayatangiye, baca batakaza icizere,  bagacika inkokora, hari n’abaheba Inkuka y’Imisa... Yasozereye avuga ko, uko bigenda kwose, “Gukoresha icatanzwe ico cagenewe” woba umugenzo mwiza w’abaje mu nama bose.

 Ibibazo no guhanahana ivyiyumviro

Hari uwabajije ingene abarongoye amaparuwase bamenya imigambi (projets) yateguwe yerekeye Ibikorwa vya Papa, ko yaronse abayiha amahera, ingene yakoze n’ibindi. Inyishu kuri iki kibazo yatanzwe na Patri François-Xavier NIZIGIYIMANA yahora ashinzwe ubutumwa bw’Ibikorwa vya Papa muri Diyoseze, akaba yavuze ko atanakimwe yahora amenya.

Harabajijwe n’ibindi bibazo bitari bike, kandi vyose vyararonse inyishu zibereye. Musenyeri Théogène Murwuwundi yaramenyesheje ko hakwiye kumenyekana ubutumwa bwega vy’ukuri uwitwa Umuyobozi w’Ibikorwa vya Papa muri Diyoseze.

Mu kurangiza Patiri Nestor BIHORIMBERE yarashimiye cane abatanze inyigisho n’abazitavye, ariko hakaba hari hasivye Paruwase imwe ya Muyebe. Yabasavye kuja kwitanga, maze n’udutabu turungikwa  n’Ibiro vy’igihugu bijejwe Ubutumwa bwa Papa mu Burundi, dutangwe aho kuguma turunze mu Biro vya Patiri Mukuru.

Mugusozera inama, Musenyeri Théogène MURWUWUNDI icariho ca Musenyeri muri Diyoseze, nawe nyene yasavye abari aho kuja kwitanga,  kuko  hari abagikeneye kumenya Yezu bataramumenya, yarashimiye abo ku rwego rw’igihugu baje guterera,  maze arangiza yipfuriza abari aho bose ukwezi kwiza kwa Bikira Mariya, ukwezi kw’10. Inyigisho zarangiye igihe c’isaha umunani nkuko vyari bitegekanijwe, kandi bose batashe binovora inyigisho baharonkeye.

 

Uwafashe icegeranyo, Emmanuel HAVYARIMANA mu biro nshingwabutumwa vya Diyoseze