INDWI MPUZABUTUMWA KW’ISHURE RYA KIZIBA, PARUWASI MUSIGATI

INDWI MPUZABUTUMWA KW’ISHURE RYA KIZIBA, PARUWASI MUSIGATI

Kuva ku wa 21 gushika ku wa 24 Nzero 2021, kw’ishure rya Kiziba rikukira Paruwase ya Musigati, haratunganijwe indwi mpuzabutumwa ku banyamihari batari bake yegukira cane cane umuvyeyi wacu Bikira Mariya kugira bakarihirizwe ubwenge.

 "Nanje ndi umutumwa" ! Ng’iryo ijambo ry’akanyamuneza ryaseruka  cane mu kanwa k’abakristu bari mu mihari itandukanye  yegukira cane umuvyeyi  Bikira Mariya (Legio ya Mariya, Schoenstatt, umuryango w’aba Karmel, abagenzi ba Ludoviko Monfort, inyegu za Yezu muri Mariya, umurwi w’isanamu ya Bikira Mariya agendera ingo, abaremesha abagwayi...) yari  yahuriye kuri iryo shure. Twoba turamenya ko iryo shure ryavutse mu 1926, hakaba ari naho  abamisiyonari bari bagerereye ubwa mbere bipfuza ko hoba paruwasi. Ni ishure rimwe mu mashure umunani agize Paruwase ya Musigati.

Igisata c’abalayiki muri Paruwasi Musigati ciyemeje kwama kiza kiratunganya iyo ndwi kugira gikaburire congere gikarihirize ubwenge abanyamuhari kandi ciyegereze  abahurikiye mu mihari n’imirwi y’ubutumwa muri  iyo Paruwasi. Muri iryo hwaniro hari ivyiza vyinshi abanyamihari n’imirwi bagabanye no kuronka umuco kubibazo vy’ukwemera.

Patiri Andreya, umwibutsamana w’imihari muri Paruwasi, yaribukije abo banyamihari ko  ari abatumwa. Ubwo butumwa bukaba bukomoka kw’ibatisimu baronse. Yarabibukije kandi ko kumenyesha Inkuru nziza atari ukuja mu mahanga ; ko abantu b’ubu bakenye kwihweza uwuriko arabigisha. Patiri ati : « Akarorero keza niko kerekana  ko twanyuzwe n’ijambo rya Kristu, niko kadukura mu bukristu bw’ikivunga kakadushira mu bukristu bwerekana ingabirano twahawe n’Imama ari yo tarenta duhamagariwe kudandaza ». Nico gituma uwa Kristu arangwa n’ibiranga umukristu abushitse cane cane urukundo n’ukwitwararika abandi, gukurikiza amabwizwa, kumenyesha abandi ivyiza vy’Umukama n’ibindi. Yarongeye ati : « Tuzirikane ko  Ekleziya atari amasengero canke abayiserukira, ahubwo ari umuryango w’abakristu. Nta bandi bazowushigikira atari twebwe, kandi uwiyobagiza ubwo butumwa aba ameze nk’umusuma w’ivyiza vy’Umukama ».

Patiri yabandanije yibutsa abo banyamihari ko bafise akarangamutima kuri Bikira Mariya, ko Umukama wacu yashimye kuvyarwa na Bikira Mariya. Ivyo vyarangutse aho uwo Muvyeyi yemera ko ishaka ry’Imana riranguka ati : « Jewe ndi Umusavyi w’Umukama  ni bimbere uko ubivuze » (Lk 1, 38). Ni Umukandizi wacu nkuko tumubona mu bugeni i KANA mu Bugalile (Yoh. 2, 1-12), ni kandi Umuvyeyi wacu kuko twamugabanye ku musalaba : «Wa Mukenyezi we ng’uyo umwana wawe …ng’uyo nyoko wawe» (Yoh. 19, 26). Uyo muvyeyi yama atura ibiduhanamiye Umwana wiwe YEZU-KRISTU.

 

Patiri Andreya NKIZWANABAKE