![Image](/images/2023/04/14/pelerins.png)
![Image](/images/2023/04/14/pelerins.png)
Kuri uyu musi w’Imana w’Ibatisimu y’Umukama, umusi usozera igihe ca Noheli, ingendanyi zo muri diyoseze ya Bubanza, kw’i Paruwase ya Munyika, zarakubise harazima zije kwigina yubile y’imyaka 100 umuhari umaze utanguye mu Burundi. Ivyo birori bikaba vyatanguwe n’Inkuka ya misa yahererejwe n’Umwungere wa Diyoseze ya Bubanza Nyenicubahiro Musenyeri Yohani NTAGWARARA.
Mu nyigisho yiwe yashimikiye kw’ijambo ry’uwo musi w’Imana w’ibatisimu y’Umukama agira ati: « Uri umwana wanje nkunda cane, muri wewe nahasanze ibimpimbara vyose ». Yaramenyesheje igihugu c’Imana ko Yezu yemeye kuja mu murongo w’abakora nabi nk’ikimenyetso co kwicisha bugufi nk’uko yari yemeye guca bugufi ku gihe c’ivuka ryiwe. Nabamenye iryo vuka ubwa mbere ni abantu bato, abungere. Ariko rero Yezu ntiyaciye bugufi kubera akagobero; ni kubera ugushaka kwiwe nk’ikimenyetso c’urukundo.
Ibatisimu ya Yezu iduhishurira ikinyegezwa gisiga ubwenge : «Ko Imana itirebanga, ko ari Imana-Muryango wa Data, Mwana na Mutima Mweranda, Imana imwe rudende». Ivyo bikibonekeza muri rya jwi ryasamirana aho Yezu yabatizwa riti : « Uri umwana wanje nkunda cane, muri wewe nahasanze ibimpimbara vyose » (Mariko 1,11). Ibatisimu ya Yezu itwibutsa kandi ibatisimu twaronse, aho umusaserdoti yadusukako amazi ku ruhanga. Mw’iyo batisimu, twadwibitswe mu buzima bw’ubutatu bweranda, gutyo tuba abana b’Imana, barumuna ba Yezu Kristu n’ingoro ya Mutima Mweranda. Umwepiskopi ati : «Iryo teka ryo kuba abana b’Imana ntituzokwigera duheza kuryinovora». Niho yibaza yerekeza ku gihugu c’Imana ati : « Ubwo uribuka ko uri umwana w’Imana? Uremera ko uwabatijwe wese ari umwana w’imana? Uremera ko uwabatijwe ari mwenewanyu? Ko ubuvukanyi bwanyu burengeye ubwo abasangiye bwa bwoko dupfa? Umututsi canke umuhutu yabatijwe muravukana, ni mwene nyoko, musangiye Umuvyeyi Bikira Mariya; mwese muri barumuna ba Yezu Kristu. Mufise Umuvyeyi umwe, Mana Data. Yezu aturaba, atubonamwo barumuna biwe, Imana ituraba itubonamwo ibibondo vyayo, kumbure birwaye amahere ... ».
Iyo batisimu niyo yabaye ubwahuro bwo gutanguza igikorwa Yezu yahawe na Mana Se. Ubwo butumwa nabwo ni ukumenyesha Inkuru Nziza y’urukiza, gukiza indwara izari zo zose. Yezu ni Umukiza ku bw’imfungurwa y’Ijambo twama turonka mu nkuka y’imisa. Si iyo gusa, hari n’iyindi, ari nayo twigina uyu musi, yashitse iwacu: Ukarisiya. Yerekeza ku ngendanyi, Umwungere yabajije abagendanyi bari buzuye isengero gushika hanze ati: «Muremera ko gushima kugendanira Yezu mu Karistiya ari iteka rihambaye mu yindi mihari? Si kumugendanira gusa, ni kumwakira mukanamushikana aho mugendera hose, mu gusenga, gusangira kwigora no kuba intumwa». Ico c’ivugo canyu kirahambaye. Ati: «Mutegerezwa kumenya ko hari ico musumbije iyindi mihari mu gusenga ata gahato, gusangira mwiteguye Yezu Mukaristiya, mu kwugururira umutima Yezu ngo ashikane muri wewe n’abo bose uterekwa.
Umwungere yasozereye inyigisho aremesha abari aho bose ati: «Nitwaba twemera ko Yezu ari muzima w’isakramentu ry’ukarisiya, turahiriwe. Kuko ivyo Yezu yakora muri Israyeli n’ubu arabikora. Aradukiza ku mutima no ku mubiri. Dusabwa kumwemera igihe tumwakira mw’isakramentu ry’ukarisiya, atari agakuku. Dutegerezwa kuvyibaza kuri uyu musi turiko turahimbaza imyaka 100 umuhari utanguye mu Burundi nk’ingabire idasanzwe Ekleziya yaronse. Ivyo ntibiraba ingendanyi gusa. Kanatsinda, wakuriye mu ngendanyi, ntacogutesha gushikana uwo Yezu aho atarashika, utarinze kuja kure. Ntawundi afise Yezu atuma atari wewe wa Ngendanyi, wewe uja kumwakira mw’ijambo ryiwe, mw’isakramentu ry’ukarisiya kugira ashishikare igikorwa yatanguye igihe yemera akavukira mu bantu ngo aze ku dukiza, ashirwe adushikanye kwa Data. Wa Ngendanyi ba intumwa Yezu yikorako kugira afashe abarundi bakwegereye, abo mubana, mwigana, mukina. Bafashe kugira Yezu ashirwe abashikanye kwa Data, atunywanishe twese, tubane mu mahoro kuko Imana ni Mahoro».
Patiri Romano NDIHOKUBWAYO