INKUKA Y’IMISA YO GUKENGURUKIRA IMANA KU NGABIRE Y’UBUSASERDOTI-BUSUKU MURI PARUWASE YA BUBANZA

INKUKA Y’IMISA YO GUKENGURUKIRA IMANA KU NGABIRE Y’UBUSASERDOTI-BUSUKU MURI PARUWASE YA BUBANZA

Kw’igenekerezo rya 18/7/2020, Ekleziya Katolika iri i Bubanza, yari iramukanye urubanza rukomeye rw’iyatirwa ry’Abasaserdoti n’Abadiyakoni. Hatiwe Abasaserdoti 6 n’Abadiyakoni 5. Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 25/7/2020, umwe muri abo basaserdoti bashasha, patiri Etienne IRAKOZE yari aramutse ahereza icese Inkuka y’Imisa yo gukengurukira Imana kuri iyo ngabire y’agakura yamuronkeje. Naho tudashoboye kubashikiriza ido n’ido ry’ingene ibirori vyangenze, mudukundire tubashikirize ijambo uyo musaserdoti mushasha yashikirije igihugu c’Imana cari casidukanye n’iyonka kumushigikira muri iyo Nkuka y’Imisa yasomeye mw’isengero mvyeyi y’i Bubanza.

«“Kuko Rugira vyose yangiriye ibitangaza, izina ryiwe ni ryeranda” (Luka 1, 49).

Bavukanyi, umwe wese mu cubahiro ciwe, n’iteka Imana yamuteye. Tugire Kristu...! Tugire Kristu Umwami w’ijuru n’isi...!
Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, nininahazwe, ikengurukwe yongere ihezagirwe ubu no mu myaka yose. Kuko ariyo yaduhezagije imihezagiro y’ubwoko bwose ya Mutima. Yaratwitoreye muri We isi itaranaremwa, ngo tube beranda kandi ntitugire amahinyu imbere yiwe mu rukundo. “Kuko Rugira vyose yangiriye ibitangaza izina ryiwe ni ryeranda”. Nk’umuvyeyi Bikira Mariya, nanje mpagaze ng’aha ngo ngaragaze ubwo bukengurutsi. Umukama aradutora akadutera iteka riturengeye kandi tutari tunakwiye, ariko iba idufiseko umugambi, izina ryiwe ni ryeranda, nihabwe icubahiro ubu no mu myaka yose.

Kubera akanyamuneza, muntunge mvuge utuntu tubiri gusa:

• Ubwa mbere, ni ugukenguruka.
• Ubwa kabiri ni ugusaba.

1﴿ Ubwa mbere ndakengurukira Imana Data mushobora vyose, yo yampaye ubuzima, ikaba inteye iteka rindengeye ryo gukora mu murima wayo ngo nyobore, nigishe, nongere ntagatifuze igihugu cayo. Nihabwe icubahiro.

 Ndakengurukiye abavyeyi banje Imana iteye iteka ryo kubona ivyiza nk’ibi. Barandeze rukristu ari naho hakomotse iciyumviro co kuyihebera. Umukama nabahezagire yongere abakomeze, azobahe kurangiza neza ubuzima bwo ng’aha kw’isi.

 Ndakengurukiye cane abigisha-barezi bandonkeje ubumenyi, haba kuva mu mashure matomato, ayisumbuye eka no mu ma Seminari nyene; Umukama n’abahezagire, mwabaye ba nderagakura. Shimikira aho nyene muzobironkera impera.

 Ndakengurukiye cane bimwe vy’umwihariko, umwungere wa Diyoseze yacu, we yakiriye icipfuzo canje co kwihebera Imana, akankurikirana imyaka umunani yose namaze mw’iseminari, akaba yarananyatiye mw’ibanga ry’ubusaserdoti akampa n’ubutumwa. Imana n’imuhezagire abandanye kuyobora neza ubusho yamuragije.

 “Kuko Rugira vyose yangiriye ibitangaza, izina ryiwe ni ryeranda”. Ndakengurukiye cane abasaserdoti twagiye turabana mu ma Paruwase atandukanye; baramfashije kuzirikana iryo banga, Umukama abandanye kubakomeza muri iyo nzira nk’uko we nyene abishaka.

 Ndakengurukiye abakristu bose bansabiye, kuko hari aho nashitse ndabona ko hazibiye, ko vyose birangiye, ariko kubw’ibisabisho vyanyu Umukama yaranciriye inzira. Mu yandi majambo Umukama ntagira nkunzi, none raba turi mu kanyamuneza dukenguruka urukundo rw’Imana; kuko Rugira vyose yangiriye ibitangaza izina ryiwe ni ryeranda.

 Ndakengurukiye nabo bose bari bipfuje ko uyu musi ntowubona, baranyigishije kubona no kuzirikana ko Imana ari yo itora uwo yishakiye; nabo nyene nibaharire, ibahezagire, ibakomeze, bahinduke batere baja imbere mu bweranda nico Imana idushakako.

2﴿ Ubwa kabiri ni ugusaba. Mwaransabiye, ndashika kandi ndagabana iteka rihimbaye kandi rihambaye; ndabasavye mubandanye munsabira kugira ngo ivyo nemeye nzobigendere kandi nzobirangure. Ibisamaza abantu ubu ni vyinshi kandi n’umusaserdoti ntibimugera umutwe, muririnde kuntirimutsa kandi munsabire nanje ntihagire uwo nzotirimutsa.

Umwepiskopi igihe yanyatira, yampaye ubutumwa bwo kuyobora, kwigisha no gutagatifuza igihugu ceranda c’Imana mugutanga amasakramentu; ayo murayansabe, amasaka nayo murabona ko ataho noyakura. Munsabire kugira ngo ubutumwa ngiye kurangura nzobukore nk’uko Umukama abishaka. Ndateye rero intege urwaruka ngo mugumane iyo nyota yo kwiga amashure kandi menshi, namwe muzobe mu bo Umukama azokwikorako kugira mufashe abandi.

Ndabakengurukiye cane mwebwe mwese mwigoye mugaheba ibikorwa vyanyu mukaza kunshigikira ngo mumfashe gukengurukira Imana. Imana y’amahoro yo nyene ubwayo nibagire beranda muri vyose, umugisha w’Umukama wacu Yezu Kristu niwamane namwe, ni uherekeze abakunda bose Umukama wacu Yezu Kristu mu rukundo rudatituka. Muragahorane mwese inema y’Umukama wacu Yezu Kristu, urukundo rw’Imana n’ubunywanyi bwa Mutima mweranda.

“Kuko Rugira vyose yangiriye ibitangaza, izina ryiwe ni ryeranda”. Tugire Kristu»!

Twobamenyesha ko naho uyo musaserdoti mushasha yasomeye iyo Nkuka y’umukwanguro aho mw’isengero nkuru y’umwepiskopi y’i Bubanza, asanzwe avuka kw’ishure ry’itabariro rya Kampene. Umukama abandanye amuzigama, amuduhezagirire mu butumwa agiye kurangurira muri Paruwase ya Rugendo.

Vyegeranijwe na patiri Barbatus NDANGA