IYUGURURWA RY’UMWAKA WA YUBIRE Y’UMURYANGO W’ABANAGUWE MURI MUTIMA MWERANDA: DIYOSEZE BUBANZA

Ko tubeshwaho na Mutima nituyoborwe na Mutima nyene (Abanyagalati 5, 25)



Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4/5/2019 Umuryango katolika w’abanaguwe muri Mutima mweranda wo muri diyoseze Bubanza, wari uramukanye umusi mukuru wo kwugurura umwaka wa yubire y’imyaka 25 iheze uyo muryango utanguye muri Ekleziya iri i Burundi, kuko watanguye igenekerezo rya 8/05/2019 mu kigo ca Foyer de charité i Bujumbura. Ico gihe kikaba cari kirongowe na patiri Yonani NTAGWARARA yahavuye inyuma y’imyaka 3 aba umwungere wa diyoseze Bubanza.

Icivugo c’uyu mwaka wose wa yubire ni “Ko tubeshwaho na Mutima nituyoborwe na Mutima nyene” (Abanyagalati 5, 25).

Ivyo birori vyuguruwe n’inkuka y’imisa yaherejwe igihe c’isaha zine z’igitondo na Nyecubahiro Musenyeri Yonani NTAGWARARA, umwungere wa diyoseze.

 

Mu nsinguro yiwe, yifashishije Inkuru nziza y’uyo musi, yagize ati : « Ndagushemeza Dawe kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga ukabimenyesha ibitazi». Ati abanyabwenge baronse impapuro z’umutsindo zihanitse, birabagora kubimenya kuko bishimira ubwenge bwabo, Mutima Mweranda ntaronke aho afatira kugira abafashe gutegera. Yezu ntiyavukiye mu banyabwenge, yavukiye hamwe bakengera bavuga ngo ntaciza covayo. Ariko rero aho bavuga ko ata ciza covayo niho cavuye nyene! Yezu ariko arigisha, yigisha abatobato, yarakunda gushira imbere abana n’abakenyezi, abantu bose bakengera. Yezu atwigisha atyo abo twoshira imbere natwe muri ya mibano mito mito. Ati mwibuke rya jambo ryo muri Matayo 25, 40 : “Ico mwagiriye umwe wese muri abo bato bato ni jewe mwakigiriye”. Nico kibazo conyene kizotwugururira Ubwami bw’ijuru. Musenyeri Yohani NTAGWARARA yarabandanije avuga ati : « Ese icoduha amaso yo kubona no kwitwararika aboro kuko ariryo tunga dufise».

Agarutse ku buzima bw’abanaguwe muri Mutima Mweranda, musenyeri yaramenyesheje ko igihe nawe atari bwanagurwe muri Mutima Mweranda, uyo Mutima yasa n’uwusinziriye mu buzima bwiwe bw’ubusaserdoti. Ati uwamaze kunagurwa yogaruka akaraba ingene yifata, ko atasubiye ibuti. Igihe twabatizwa tukaronka Mutima Mweranda, Imana yashize imbuto muri twebwe, zikeneye kuvomerwa, kubagarirwa, kugira zitere imbere; ati niko kunagurwa, tunagura ingabirano twaronse. Mugihe unaguwe, wemera gutambuka ushingura mu bweranda no mu rukundo, ugakunda Imana n’abo yaremye.

Yabwiye abari aho eka n’abakristu bose ko uyo mwaka wa yubire buguruye, bokwirimbura, bakibaza, bagahanuza Mutima Mweranda; umuntu akumviriza ko agifise akariro kiwe muri we. Iyo ngabirano ya Mutima Mweranda, Imana yarayiduhaye kandi ntiyisubirako, ariko ishaka ko itagata; duhamagare rero Mutima Mweranda aze adufashe kumenya ico Mana Data adushakako.

Musenyeri Yohani NTAGWARARA yasozereye insiguro yiwe amenyesha icese ko yuguruye umwaka wa yubire y’Umuryango katolika w’abanaguwe muri Mutima Mweranda muri diyoseze Bubanza.

Imisa isohotse bose baciye bagenda mu kigo nshingwabutumwa ca diyoseze Bubanza gusangira agatutu. Aho rero, havugiwe amajambo atari make harimwo niry’intumwa yaserukiye ubuyozi bukuru bw’igihugu bw’umuryango w’abanaguwe. Iyo ntumwa yashikirije ijambo yarungikanywe na bergère nationale ryibutsa ingene ubwo butumwa bwatanguye kw’isi uhereye muri Leta zunze ubumwe za Amerika gushika no mu Burundi. Ubutumwa bukaba bwipfuriza umwaka mwiza wa yubire abanyamuryango bose. Eka n’umwungere wa diyoseze Bubanza yarafashe ijambo aho yakengurukiye abigoye bagaserukira abandi, kuko mu ma paruwase 13 agize iyo diyoseze, paruwase Murwi niyo itari yaserukiwe gusa.

Ibirori vyarangijwe n’intambo z’akanyamuneza, mu masaha y’icenda n’igice baca basezeranira ku muhezagiro w’umwepiskopi barataha.
Emmanuel HAVYARIMANA