UMURYANGO W’ABASASERDOTI BIPFURIZANYA UMWAKA MUSHASHA WA 2021

UMURYANGO W’ABASASERDOTI BIPFURIZANYA UMWAKA MUSHASHA WA 2021

«Muri uyu mwaka mushasha, nimwiyumvanemwo nk’abavukana ». Nk’uko vyamaze kuba umugenzo mwiza muri Ekleziya iri i Bubanza, kuri uyu wa mbere w’indwi ya mbere y’umwaka wa Liturjiya (11/01/2021), abaserdoti, abihebeye Imana bari kumwe n’Umwungere wabo Nyenicubahiro Musenyeri Yohani Ntagwarara baripfurizanije umwaka mushasha wa 2021. Vyabereye ku mutumba mwiza wa Bumba, mu nyubakwa z’Intwazangabo nkuru mu gipolisi, Nyakubahwa Jenerari Steve NTAKARUTIMANA.

Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, Nyakubahwa NTAKARUTIMANA yarashimiye abasaserdoti n’abateguye kwipfurizanya umwaka mushasha kubona bariyumviriye kuwuhimbariza mu rugo rwiwe. Yaboneyeho gushikiriza ikiri ku mutima ati : « Ndanezerewe cane no kuba kumwe namwe. Ni iteka mwanteye. Aha muri haratekanye cane. N’ejo uwuzokenera kuruhuka, arahawe ikaze ».

Mu kanyamuneza ntangere, Nyenicubahiro Musenyeri Yohani NTAGWARARA mw’ijambo ryiwe ry’uyo musi, yaripfurije abasaserdoti bose n’abihebeye Imana barangurira ubutumwa muri Diyoseze umwaka mwiza. Ati : « Umwaka uheze wa 2020 wari uwo guhezagirana bivuye ku mutima. Uyu nawo wa 2021 uze utubere umwaka wo gutegera ko twese tuvukana, dusangiye umuvyeyi ; twiyumvanemwo nk’abavukana kugira dushobore kuvuga Dawe wa twese vy’ukuri tutabesha ».

Twobamenysaha ko ukwipfurizanya umwaka vyabereye mu ntara y’ubutumwa ya Butara. Uwundi  mwaka naho bikazobera ahandi.

Patri Romano NIHOKUBWAYO