UMWAKA MUSHASHA W’UBUTUMWA WARAYE WUGURUWE MURI DIYOSEZE YA BUBANZA

UMWAKA MUSHASHA W’UBUTUMWA WARAYE WUGURUWE MURI DIYOSEZE YA BUBANZA

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5 Munyonyo 2020, mw’Isengero mvyeyi ya Diyoseze ya Bubanza, aho Nyenicubahiro Musenyeri Yohani Ntagwarara umwungere w’iyo Diyoseze, yugurura icese umwaka mushasha w’ubutumwa wa 2020 ushira 2021. Ivyo birori bikaba vyabereye mu gisabisho c’Inkuka y’imisa yaherejwe n’uyo mwepiskopi nyene ahagatiwe n’abasaserdoti batari bake, abihebey’Imana, abaje baserukiye abakristu bo mu maparuwase atandukanye n’abakristu isinzi bari baje muri iyo Nkuka ya misa.

Mw’ijambo nyamukuru ry’ukwugurura uyo mwaka, ari naryo ryasubiriye inyigisho y’uyo musi, Umwungere yamenyesheje abari aho icivugo ngendarwako kizokwisungwa muri uyu mwaka mushasha w’ubutumwa : «Tunagure ingo n’imiryango, mukurera neza urwaruka rwacu». Akaba yatanze n’izindi ntumbero zitari zike. Kubipfuza kumenya ido n’ido ry’ibiri muri iryo jambo, bosoma ngaha !

 

Patiri NDANGA Barbatus