YUBILE Y’IMYAKA 50 YA PARUWASE CATHEDRALE BUBANZA, IJAMBO RY’IKAZE



Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Myandagaro 2019, Paruwase Bubanza yari iramukanye umunsi mukuru w’aho yigina imyaka 50 iheze ishinzwe kandi itanguye kumenyesha Inkuru nziza. Tubasangize ijambo rya patiri mukuru yashikirije imbere y’uko inkuka ya misa itangura yakira abashitsi.

Nyenicubahiro Mwungere wa Diyoseze yacu ya BUBANZA
Nyenicubahiro Mwungere Samuragwa wa Diyoseze yacu ya BUBANZA
Nyenicubahiro Mwungere wa Diyoseze ya Ruyigi
Banyakwubahwa Vyegera vy’Abepiscopi muri ngaha
Banyenicubahiro mwese, umwe wese mu cubahiro Imana yamuhaye
Basaserdoti, Bihebeyimana mwese, Bakristu, ncuti namwe bagenzi ba paruwase yacu ya Bubanza, Batumire bahire, TUGIRE KRISTU!

Kw’izina ry'umuryango w'abakristu ba paruwase BUBANZA no kw’izina ryanje nyene, ndi n’iteka ryo kubaramutsa mwese ndabipfuriza amahoro y'Imana. Kuri uno musi wa gatandatu, ingenekerezo rya 24 Myandagaro 2019 Iparuwase yacu ya BUBANZA yazindukanye urubanza rwo kwigina yubile y'imyaka 50 imaze kuva ishinzwe.

 

Paruwase ya BUBANZA yuguruwe mu mwaka 1969, itangujwe na Nyenicubahiro Musenyeri Mikaheli NTUYAHAGA yari arongoye Diyoseze ya BUJUMBURA; ayishinga umuryango w'Abapatiri Bera. Abapatiri bambere bayirongoye ni: Patiri Yozefu RUKERT na Patiri Georges RENAUD. Abandi basaserdoti barongoye iyi parwase ni Patiri Everest NDORERE, Patiri Stanyslas BIRARONDERWA, Patiri Agaton NAHIMANA, Musenyeri André SIMBIYARA Musenyeri Théogène Murwuwundi, Patiri Novence BIGIRIMANA, hamwe na Patiri Willerme NDORERE ayirongoye uno musi ari nawe ariko arashikiriza iri jambo.

Gushika muri uyo mwaka w’i 1969, paruwase BUBANZA cari igisata ca paruwase Musigati. Diyoseze Bubanza imaze kuvuka mu mwaka w’i 1980, ino paruwase yaciye itegwa iteka ryo kuba Paruwase-Cathédrale, yitwa paruwase-mvyeyi, arico cicaro c'Umwungere wa Diyoseze. Umwungere wambere yarongoye ino Diyoseze ni Nyenicubahiro Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, asubirigwa na Nyenicubahiro Musenyeri Johani NTAGWARARA kuva 1998 akaba ariwe aramutswa iyi Diyoseze gushika ubu. Iyi Diyoseze ya BUBANZA yararonkejwe Umwungere Samuragwa, Nyenicubahiro Musenyeri Georges BIZIMANA aramutse ahimbaza yubile yimyaka 25 ari mw’ibanga ry'Ubusaserdoti. Turamukeje, tukaboneraho n’ugukeza uwo basangiye ingovyi, Patiri Désiré Cimpaye. Ico Imana yatanguye muribo n’icuhire.

Uguhimbaza yubile, n’akaryo keza ko kwirimbura, tukaraba iyo twavuye, aho tugeze n’iyo turiko turaja. Mu nteguro y’uru rubanza, vyaragaragaye ko abakristu ba paruwase BUBANZA, bamaze gutegera ko ingo nkristu arizo mushinge w’iterambere, ryaba iryo ku mubiri, ryaba niryo ku mutima. Tukaba twisunze kandi iki icivugo: "Tunagure ingo n'imiryango yo ekleziya yo haziko duhereye kubitegurira kwubaka".

Mu migambi ya kazoza, tuzobandanya guhimiriza ingo nkristu ngo zibandanye kuba amayogi y’iterambere ryo ku mubiri n’iryo ku mutima muri wa mugambi wa Diyoseze wo kwitunga kwa Paruwase.

Nyenicubahiro Mwungere wa Diyoseze yacu ya BUBANZA, turangije rino jambo duha ikaze abantu bose baje kudufasha guhimbaza ino yubile, tubagaragariza akanyamuneza dufise kandi tubemerera ko mu ntubero y’isangiramutima mu butumwa, ko tuzogamburuka ivyo muzodutuma vyose kuneza y’umuryango w’abakristu ba paruwase ya Bubanza. Murakoze!


Patiri Willerme NDORERE,
Patiri mukuru wa Paruwase BUBANZA