YUBILE Y’INZAHABU Y’ISHURE TABARIRO RYA MURAMA

YUBILE Y’INZAHABU Y’ISHURE TABARIRO RYA MURAMA

« Tugire ukwemera kurangwa n’ibikorwa ». Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 19/11/2021, muri Paruwase Rugendo, kabaye akanyamuneza kw'ishure rya Murama ryitiriwe Mutima Mweranda. Ivyo birori bikaba vyatewe iteka na Nyenicubahoro Musenyeri Yohani NTARWARARA Umwungere wa Diyoseze ya BUBANZA,  abasaserdoti baranguriye ubutumwa muri Paruwasi Rugendo, abameneyeshamana bose n’isinzi ry'abakristu.

Mw'ijambo ryiwe ry’ikaze, patiri mukuru wa Paruwase Rugendo, Emmanuel BARINIMANA yahaye ikaze Umwungere, abasaserdoti eka abakristu bose bari bagandagaje mu ngoro gushika no hanze, aramenyesha ko ihimbaza ry’amayubile muri Paruwasi ari indinganizo bihaye kuragira ngo amashure tabariro yose amenye aho yatanguriye. Murama ikaba ari yo yuguruye isekeza ryo guhimbaza amayubile y’amashure tabariro.

«Yandungitse kumenyesha umwaka w'ubutumwa». Mu nyigisho yiwe, Umwungere wa Diyoseze BUBANZA yishimikije Ijambo ry'Imana ry’uwo musi mukuru, yashimikiye cane Ku mwidegemvyo, ati: « Yezu yaratubohoye imigozi yari ituboshe. Mwebwe abakristu b'i Murama Imana yarabakunze, mbere ikura muri mwebwe abitanga gushika batange ivyabo kugira muronke aho musengera. Yezu yaratubohoye umwansi Shetani, sekibi. Kubera ubwishime bw'abantu, twikuye ku Mana. Ariko Umwana ntiyigera angana na se ; ni co gituma atakiremwa congana n'Imana».

«Yantumye  kugira impumyi zihumuke». Iyo Mana yaraduhumuye turayimenya. Twayimenyeshejwe n'abamisiyonari bo batumenyesheje Imana y’ukuri, Mana Data, Mwana na Mutima. Yezu yaje kutumenyesha Se mu bikorwa. Dutegerezwa gukunda ico Yezu akunda, twanke ico yanka. Muri iyi Yubile, dukengurukire Imana ku ngabire y’abakristu bagize umuryango ariko kandi dusabe ngo batinye icaha. Dukengurukire Imana Ku ngabire y'ibibondo vyamenye Imana. Kugira dutsinde sekibi atuboha, dutegerezwa gusenga n'umutima wose.

Tworema kuko umwansi wanyuma Yezu yatsinze ni  nurupfu. Umwepiskopi ati : « Imana rero nininahazwe kuri abo bose bamenye Imana, dutera imbere mu kwemera, twihutire kuramgura ivyo tutaranguye, mushire hamwe mu kubaka Paruwasi Rugendo, Diyoseze ya BUBANZA. Bikira Mariya nabarere kugira mube ibibondo vy'Imana bibushitse, adusabire ukwemera kugira abanyamurama babe rurangiranwa ».

Mu nkuka ya Misa, abakwije imyaka 50 bubatse rukristu n’abakwije iyo myaka babatijwe bakaba basubiye kwiyibutsa indagano zabo, maze Umwepiskopi abaronsa umuhezagira udasanzwe kuko bagumije ibanga. Inkuka ya Misa ikaba yasozerewe mu kanyamuneza kaserukiye mu majambo meza yo gukenguruka yashikirijwe n’abaserukiye umuryango w’abakristu.

Twobameneyesha ko mubashikirijwe utuganuke harimwo uwatanguje iryo shure rya Murama, akaba n’umumenyeshama wa mbere kuri iryo shure. Yubile ikaba yahimbajwe ku civugo : « TUGIRE UKWEMERA KURANGWA N’IBIKORWA ».

Patiri Romano NDIHOKUBWAYO