ABAKRISTU BO KW'ISHURE RYA BUGANGA MU BIKORWA VYO GUSAKARA ISENGERO YABO

ABAKRISTU BO KW'ISHURE RYA BUGANGA MU BIKORWA VYO GUSAKARA ISENGERO YABO

Kuri uyu w’Imana w’idominika ya kabiri y’ Ikarema, igenekerezo rya 26/02/2023, muri Paruwase ya KIGWENA, kw’ishure tabariro rya Buganga, harahererejwe Inkuka ya misa, aho abakristu bahamagarirwa kwitanga kugira ngo ingoro y'Imana isakagwe.  Iyo Nkuka yaherejwe na Patiri Mukuru Balthazar NDAYISHIMIYE.

Muri iyo Nkuka, patiri mukuru yarasavye ashimitse abakristu bose, baba abari aha mu gihungu canke abari mu mahanga, kwitanga kugira bagire ico bakoze mukwubaka Paruwase yabo. Aho ni mugihe iyo Paruwase ifise imigambi itandukanye ibwirizwa kurangura nko kwubaka amasengero no kugura imodoka ya paruwase. Twoba turabamenyesheje ko hamazwe kwubakwa amashure abiri: Mukungu na Karobane, ayo akaba anamaze no gusakarwa.

Ikitari kimenyerewe ni uko n’abo mu yandi mashengero nabo nyene bagize ico batanze: nka ba pentekoti batanze ibati rimwe, umukristu wo murindi shengero nyene yatanze amabati atanu. Eka n’abarongoye umugabwe uri ku butengetsi kurwego rw’agacimbiri baratanze ibati rimwe.

Mugusozera Inkuka ya misa Patiri Mukuru yarashimiye cane abo bose bagize ico bafasha eka nabo bataronse ico batanga kuri uyo musi ariko ko nihagira ico Umukama abatabaza bozoterera n’abo nyene. Yasozereye anamenyesha ko ishure ya Buganga aryuguruye icese, ko rero bazohora bagira igihimbazo kimwe gusa ku musi w’Imana hamwe no ku musi wa kane.

Twobamenyesha ko yaciye anabashikiriza abamenyeshamana babiri bagiye kuzohora bafasha abakristu vy’imfatakibaza. Mwomenya kandi ko iryo  shure tabariro rivyawe n’ishure rya Rusengo.

Alexis HAMEYIMANA, Umumenyeshamakuru wa Paruwase Kigwena