ABANAGUWE MURI MUTIMA MWERANDA BO MURI PAROISSE KIBAGO BARAGIZE URUGENDO RWERANDA
Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 17/02/2024, abakristu bahurikiye mu mugwi w’Abanaguwe muri Mutima Mweranda (Renouveau Charismatique Catholique) bo muri Paruwasi KIBAGO ya Diyoseze Katolika ya BURURI, baragize urugendo rweranda.
Urwo rugendo rwatanguriye kw'i paroisse rurabandanya gushika kw’ishure tabariro ya Jimbi, hanyuma ruca ku mitumba ya Kibago, Murambi, rurangirira kw'ishure tabariro ya Bukeye. Urwo rugendo rukaba rwari rwatewe iteka n'abasaserdoti patiri Ernest YAMUREMYE na patiri Jean Claude NDAYIIMIRIJE ba Paroisse Kibago, bakaba bagenda barakiranwa ikibonesherezo.
Rwari rumaze umisi rutegurwa mu kugira igisabisho c'imisi icenda (neuvaine), mukwambaza ikigongwe c'Imana. Intumbero yarwo yari: Gusabira abagizi ba nabi ngo bahinduke, muri abo hariho abarozi, abapfumu abagendera mu bintazi bo kw'isi yose. Gusabira abadohotse kw'ibanga bemeye; haba mu miryango, mu mihari n'imigwi, mu mibano rukrishu. Gusaba ngo Imana idukingire intambara mu Burundi no kw'isi yose. Gusaba Imana idukize ubukene bwugarije abantu mu kuturonsa akavura keza n'akazuba keza.
Aho rwarangiriye, kw’ishure tabariro ya BUKEYE, haciye hahererezwa Inkuka y'imisa yaherejwe na patiri Ernest YAMUREMYE aho yabanje kugira umugirwa wo guturira imitwaro bari baje bikoreye. Mu nsiguro yamenyesheje ko twatewe iteka mu kugendana n'Umukama mw'Isakramentu ry'Ukaristiya ari nawe Mugendanyi nyakuri, tumuhereza imitwaro yacu cane cane ubukene, ahezagira ingo n'imiryango, indimo, imbuto; araheza aturinda ivyononyi n'abononyi. Yagize ati “rero, abanyamihari n'abanyamigwi, mwivyukiranye mukorere Umukama, mwongere mumwereke abafise ingeso mbi zitandukanye abarozi, abatunze ibikoko vy'ibintazi kugira ngo bahinduke”.
Yishimikije ibisomwa vy'uyo musi, yaribukije ko muri kino gihe c’Ikarema dusabwa kugendera ku mategeko y'Umukama. Arongera aributsa ingendo zifasha kandi ziranga ico gihe ceranda c’Ikarema na cane cane “kwisonzesha twisonzeshereza abandi mu gufasha aboro, twisonzesha igicumuro; ati twirinde kumara imanza ku musi w'Imana aho benshi basigaye bawusubiriza amashirahamwe, amakoraniro nko gukwa, ubugeni, ukwinonora imitsi n'ibindi”. Yarangije akengurukira abateguye urwo rugendo anahimiriza cane ko mu gusabira abandi bokwicisha bugufi kandi bakamenya ko Yezu yazanywe n'abarwaye atazanywe n'abakomeye.
Twobamenyesha ko hari abakristu 2 baje muri urwo rugendo bavuye muri paroisse ya Murera y'igihigu kibanyi ca Tanzaniya, urugendo rukaba rwatanguye isaha 3 zo mu gitondo rurangira isaha 9 n'inusu z'umuhingamo. Umukama aninahazwe!
Odette UWIMANA, Umumenyeshamakuru wa Paruwasi